Yeremiya 50:1-46
50 Ibi ni vyo Yehova yavuze ku bijanye na Babiloni+, ku bijanye n’igihugu c’Abakaludaya, biciye ku muhanuzi Yeremiya:
2 «Nimubimenyeshe mu mahanga, mubitangaze.
Nimushinge ikimenyetso*, mubitangaze.
Ntihagire ico munyegeza.
Nimuvuge muti: “Babiloni yafashwe+.
Beli* yamaramaye+.
Merodaki yatekewe n’ubwoba.
Ibishusho vya Babiloni vyamaramaye.
Ibigirwamana vyaho bisesemye* vyatekewe n’ubwoba.”
3 Kuko hari ihanga rije gutera Babiloni rivuye mu buraruko+.
Rituma igihugu caho kiba akajoreza.Nta n’umwe abayo.
Abantu n’ibikoko vyahunze,biragenda.»
4 Yehova avuze ati: «Muri iyo misi no muri ico gihe, abo muri Isirayeli n’abo mu Buyuda bazoza bari kumwe+, bagenda bararira+, kandi bazorondera Yehova Imana yabo bari kumwe+.
5 Bazobaza inzira ija i Siyoni berekejeyo amaso+, bavuge bati: “Nimuze twifatanye na Yehova mw’isezerano ryamaho ritazokwibagirwa+.”
6 Abantu banje babaye nk’ubusho bw’intama zazimiye+. Abungere babo ni bo batumye bata inzira+. Babajanye ku misozi, bakaza barabayerereza bava kuri uyu musozi canke uyu murambi baja ku wundi. Baribagiye ahantu habo ho kuruhukira.
7 Abababona bose barabamize+, kandi abansi babo bavuze bati: “Nta caha kitwagira, kuko bacumuye kuri Yehova, bacumura kuri Yehova we soko ry’ubugororotsi*, akaba n’icizigiro ca ba sekuruza babo.”»
8 «Nimuhunge muve muri Babiloni,muve mu gihugu c’Abakaludaya+,mube nk’ibitungwa biyobora ibindi mu busho.
9 Kuko ngira ntumeko ishengero ry’amahanga akomeye avuye mu gihugu co mu buraruko+,baze gutera Babiloni.
Bazoza batonze urugamba bamutere,bamufate bazananye muri urwo ruhande.
Imyampi yabo imeze nk’iy’umurwanyiahekura abavyeyi+.Ntihusha.
10 Ubukaludaya buzosahurwa+.
Ababusahura bose bazohaga vy’ukuri+», ni ko Yehova avuze.
11 «Kuko mwagumye munezerwa+, muguma mwiginaigihe mwariko musahura intoranwa yanje+.
Kuko mwagumye mwikina amatavu* nk’ishashi y’inka mu vyatsi,muguma mwanaga nk’impfizi z’amafarasi.
12 Nyoko wanyu yamaramaye+.
Uwabibarutse yavunitse umutima.
Raba! Ni ihanga ryo hanyuma y’ayandi mahanga.Ni agahinga katagira amazi. Ni ubugaragwa+.
13 Kubera ishavu rya Yehova nta wuzoba i Babiloni+.Hazocika umusaka vy’ukuri+.
Uwuzoca iruhande yaho wese azohatamarira yajorewe,avuze agahwa kubera ivyago vyose vyahashikiye+.
14 Nimutonde urugamba kugira mutere Babiloni impande zose,mwebwe mwese mufora umuheto*.
Nimumurase, ntihagire umwampi musigaza+,kuko yacumuye kuri Yehova+.
15 Nimumuvugirize akaruru k’intambara impande zose.
Yishikanye*.
Inkingi ziwe zaguye, inzitiro ziwe zirasamburwa+,kuko Yehova ari we yamwihoye+.
Nimumwihore,
mumukorere nk’ivyo yakoze+.
16 Nimukure i Babiloni umubivyin’uwukoresha agakero mu gihe c’iyimbura+.
Kubera inkota ikaze, umwe wese azosubira mu b’iwabo,umwe wese ahungire mu gihugu ciwe+.
17 Abisirayeli ni intama zashwiragiye+. Intambwe zarabasanzaje+. Ubwa mbere, umwami wa Ashuri yarabariye arabamara+, hanyuma Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aguguna amagufa yabo+.
18 Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Nzokorera umwami wa Babiloni n’igihugu ciwe nk’ivyo nakoreye umwami wa Ashuri+.
19 Kandi nzogarukana Isirayeli mu buragiro bwiwe+. Azorisha i Karumeli n’i Bashani+. Azorisha no mu misozi ya Efurayimu+ n’iya Gileyadi+, ahage.”»
20 Yehova avuze ati: «Muri iyo misi no muri ico gihe,ikosa rya Isirayeli rizoronderwa,mugabo ntirizoboneka,n’ibicumuro vy’Ubuyuda ntibizoboneka,kuko nzobabarira abo nzoba nasigaje+.»
21 «Genda utere igihugu ca Meratayimu, utere n’ababa i Pekodi+.
Nibagandagurwe bahone*», ni ko Yehova avuze.
«Nukore ivyo ngutegetse vyose.
22 Hari urwamo rw’intambara mu gihugu,hari ivyago bikomeye.
23 Ewe kuntu ya nyundo yahora imenagura isi yose yavunaguwe, ikameneka+!
Ewe kuntu Babiloni asigaye ari akajoreza mu mahanga+!
24 Ewe Babiloni, naraguteze umutego urafatwakandi ntiwabimenye.
Warabonetse urafatwa+,kuko Yehova ari we warwanije.
25 Yehova yuguruye ububiko bwiwe,asohora ibirwanisho vy’ishavu ryiwe+.
Kuko Umukama Segaba Yehova Nyeningaboafise igikorwa mu gihugu c’Abakaludaya.
26 Nimutere Babiloni muvuye mu mihingo ya kure+.
Nimwugurure ibigega vyiwe+.
Nimumurunde nka kurya kw’ibirundo vy’intete.
Nimumutikize azimangane+,
ntihagire n’umwe asigarana.
27 Nimugandagure amashuri yiwe yose+.Naje gukererwa.
Ayo mashuri aragowe, kuko umusi wayo ushitse,igihe co kubazwa ivyo yakoze!
28 Hari urwamo rw’abariko barahunga,abariko banyaga amagara bavuye mu gihugu ca Babilonikugira ngo bamenyeshe i Siyoni ko Yehova Imana yacu yihoye,ko yihoye kubera urusengero rwiwe+.
29 Nimutumeko abarasisha umuheto,abafora umuheto* bose batere Babiloni+.
Nimukambike irya n’ino kugira mumutere. Ntihagire n’umwe acaruka.
Nimumwishure ibihwanye n’ivyo yakoze+.
Nimumukorere nk’ivyo yakoze+
kuko yagize ubwibone imbere ya Yehova,imbere y’Umweranda wa Isirayeli+.
30 Abasore biwe rero bazogwa mu bibanza rusangi+,kandi kuri uwo musi abasoda biwe bose bazohona*», ni ko Yehova avuze.
31 «Ehe ngira ndakurwanye+, wa mugarariji we+», ni ko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo avuze,«kuko umusi wawe uzoza ata kabuza, igihe nzokubaza ivyo wakoze.
32 Wa mugarariji we, uzotsitara ugwe,ubure uwukuvyura+.
Nzoturira ibisagara vyawe,kandi umuriro uzoherengeteza ibintu vyose bigukikuje.»
33 Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Abo muri Isirayeli no mu Buyuda baracinyizwa,kandi ababagize imbohe bose barabagumije+.
Baranse kubarekura+.
34 Ariko Umucunguzi wabo arakomeye+.
Yitwa Yehova Nyeningabo+.
Azobaburanira+ vy’ukurikugira ahe igihugu akaruhuko+,yongere ateze uruhagarara ababa i Babiloni+.»
35 Yehova avuze ati: «Inkota izotikiza Abakaludaya,itikize ababa i Babiloni n’abatware baho n’inkerebutsi zaho+.
36 Inkota izotikiza abavuga amajambo ata co amaze*, kandi bazokorana ubupfu.
Inkota izotikiza abarwanyi baho, kandi bazotekerwa n’ubwoba+.
37 Inkota izotikiza amafarasi yabo n’imikogote yabo y’intambara,itikize n’abanyamahanga bose babayo,kandi bazomera nk’abagore+.
Inkota izoza ku matunga ya Babiloni asahurwe+.
38 Amazi yiwe azokabona, akame+.
Ni igihugu c’ibishusho bibajwe+.Baguma bakora nk’abasazi kubera berekwa ibintu biteye ubwoba.
39 Ku bw’ivyo, ibikoko vyo mu bugaragwa bizobana n’ibikoko vyomanga,kandi ibinyoni vyitwa imbuni* bizobayo+.
Nta wuzosubira kubayo,kandi uko urunganwe* ruzokurikira urundi, nta muntu azobayo+.»
40 «Kurya vyagenze igihe Imana yatikiza Sodomu na Gomora+ n’ibisagara bibanyi+», ni ko Yehova avuze, «nta n’umwe azobayo, kandi nta muntu azokwimukirayo+.
41 Ehe! Abantu bariko baraza bava mu buraruko.Ihanga rikomeye n’abami bahambaye+ bazotumwakobaze bavuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
42 Bakoresha umuheto n’agacumu+.
Ni ba ruburakigongwe kandi ntibazogira imbabazi+.
Iyo bariko bagendera ku mafarasi,urwamo rwabo rumeze nk’ukuroha kw’ikiyaga+.
Batonze urugamba nk’umuntu umwe kugira ngo bakurwanye, ewe mukobwa wa Babiloni+!
43 Umwami wa Babiloni yumvise inkuru iberekeye+,aca acika inkokora+.
Afashwe n’amaganyan’ububabare nk’ubw’umugore ariko aribaruka.
44 Raba! Hari umuntu azoduga nk’intambwe ivuye mu bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani, aje gutera uburagiro butekanye. Mugabo mu kanya gatoyi nzotuma bahunga igihugu cabo. Uwo natoye+ ni we nzoshiraho ngo akiganze. Mbega hari uwumeze nkanje? Hari uwompigisha? Hari umwungere yompagarara imbere+?
45 Nimwumve rero yemwe ingingo* Yehova yafatiye Babiloni+ n’ivyo yiyumviriye gukorera igihugu c’Abakaludaya:
Ni ukuri, imyagazi yo mu busho izoburutwa.
Azotuma aho yahora iba hacika umusaka kubera bo+.
46 Babiloni niyafatwa hazokwumvikana urwamo rutuma isi itigita,humvikane n’amaborogo mu mahanga+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Merodaki).
^ Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «we hantu ho kuba h’ubugororotsi.»
^ Canke «mudidagura ibirenge hasi.»
^ Canke «mugonda umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «muhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yatanze ukuboko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
^ Canke «ubahonye.»
^ Canke «abagonda umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «abahonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bazonumishwa.»
^ Canke «abahanuzi b’ikinyoma.»
^ Mu gifaransa ni autruche.
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «inama.»

