Yeremiya 30:1-24

  • Igihugu kizosubira kugira amagara meza, gikire (1-24)

30  Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya:  «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Andika mu gitabu amajambo yose ndakubwira.  Kuko ‘mu misi iri imbere’, ni ko Yehova avuze, ‘nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, ari bo Isirayeli n’Ubuyuda+’, ni ko Yehova avuze. ‘Nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, gisubire kubegukira+.’”»  Aya ni yo majambo Yehova yabwiye Isirayeli n’Ubuyuda.   Yehova avuze ati: «Humvikanye ijwi ry’abishwe n’ukujugumira.Hari ubwoba, nta mahoro ariho.   Ndabasavye mubaze ko hari umugabo yibaruka. Kubera iki none mbona umugabo wese w’umunyenkomezi yifashe ku nda*nk’umugore ariko yibaruka+? Kubera iki abantu bose babenjutse mu maso?   Yoo! Uwo musi ni umusi uteye ubwoba*+. Nta wundi umeze nka wo.Ni igihe c’amarushwa kuri Yakobo. Mugabo nzomukiza.»  «Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzobakura kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo ndakivune, ncacure n’imigozi ibaboshe. Abanyamahanga ntibazosubira kubagira* abashumba babo.  Bazokorera Yehova Imana yabo na Dawidi, umwami nzobaha+ 10  «Nayo wewe musavyi wanje Yakobo, ntutinye», ni ko Yehova avuze.«Nawe Isirayeli nturanduke umutima+. Kuko nzogukiza ndagukuye kure,n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Yakobo azogaruka, abeho atekanye kandi ata kimudurumbanya.Nta n’umwe azobatera ubwoba+ 11  «Kuko ndi kumwe nawe kugira ngukize», ni ko Yehova avuze. «Mugabo nzohonya amahanga yose nagusanzarijemwo+.Ariko wewe sinzoguhonya+. Nzogutoza indero* ku rugero rubereye.Sinzogenda ntaguhanye+ 12  Kuko Yehova avuze ati: «Imvune* ufise ntigira umuti+. Uruguma rwawe ntirukira. 13  Nta wo kukuburanira ariho,nta n’uburyo bwo kuvura igisebe cawe buriho. Nta muti wokuvura. 14  Abagukunda cane* bose bakwibagiye+. Ntibakikurondera. Kuko nagukubise nk’uko umwansi yogukubita+,ndaguhana nk’umuntu w’imburakigongwe,kubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+. 15  Kubera iki uborogeshwa n’imvune ufise? Ububabare bwawe ntibukira. Nagukoreye ivyokubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+. 16  Ni co gituma abakurotsa bose bazorotswa+,abansi bawe bose na bo bajanwe kugirwa imbohe+. Abagusahura bazosahurwa,kandi nzotuma abakunyaga bose banyagwa+ 17  «Mugabo nzotuma usubira kugira amagara meza, nkize inguma zawe+naho bagufashe nk’igicibwa bakwita: “Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+”», ni ko Yehova avuze. 18  Yehova avuze ati: «Ngira nkoranye abo mu mahema ya Yakobo bagizwe imbohe+,kandi nzokwumvira ikigongwe amahema yiwe. Igisagara kizosubira kwubakwa ku gasozi kaco+,kandi umunara ukomeye uzohagarara mu kibanza cawo. 19  Hazokwumvikana ugukenguruka n’ijwi ry’abatwenga+. Nzobagwiza, ntibazoba inkehwa+.Nzotuma baba benshi*,ntibazoba bake+. 20  Abahungu biwe bazosubira kumera nka kera,kandi ishengero ry’abantu biwe rizoshimangirwa imbere yanje+. Nzohagurukira abamucinyiza bose+. 21  Mu biwe ni ho hazova umunyacubahiro,kandi umutware abaganza azova muri bo. Nzomwigiza hafi, na we azonyegēra. Ubundiho, ugira ngo hari uwokwubahuka kunyegēra*?», ni ko Yehova avuze. 22  «Muzoba abantu banje+, nanje mbe Imana yanyu+ 23  Ehe! Umuyaga ukaze wa Yehova uzozanana ishavu ryinshi+.Ni ikivumbuzi gikubura kizozungurukira ku mutwe w’ababisha. 24  Ishavu rirurumba rya Yehova ntirizosubira inyumaadashize mu ngiro ivyipfuzo vy’umutima wiwe akabishitsa+. Mu misi y’iherezo muzobitahura+.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu kiyunguyungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «uhambaye.»
Mu giheburayo havuga ngo «kumugira.»
Canke «nzogukosora.»
Canke «ugusenyuka.»
Canke «abahabara bawe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzotuma bubahwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwogwatiriza umutima wiwe ngo anyegēre.»