Yeremiya 30:1-24
-
Igihugu kizosubira kugira amagara meza, gikire (1-24)
30 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya:
2 «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Andika mu gitabu amajambo yose ndakubwira.
3 Kuko ‘mu misi iri imbere’, ni ko Yehova avuze, ‘nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, ari bo Isirayeli n’Ubuyuda+’, ni ko Yehova avuze. ‘Nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, gisubire kubegukira+.’”»
4 Aya ni yo majambo Yehova yabwiye Isirayeli n’Ubuyuda.
5 Yehova avuze ati:
«Humvikanye ijwi ry’abishwe n’ukujugumira.Hari ubwoba, nta mahoro ariho.
6 Ndabasavye mubaze ko hari umugabo yibaruka.
Kubera iki none mbona umugabo wese w’umunyenkomezi yifashe ku nda*nk’umugore ariko yibaruka+?
Kubera iki abantu bose babenjutse mu maso?
7 Yoo! Uwo musi ni umusi uteye ubwoba*+.
Nta wundi umeze nka wo.Ni igihe c’amarushwa kuri Yakobo.
Mugabo nzomukiza.»
8 «Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzobakura kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo ndakivune, ncacure n’imigozi ibaboshe. Abanyamahanga ntibazosubira kubagira* abashumba babo.
9 Bazokorera Yehova Imana yabo na Dawidi, umwami nzobaha+.»
10 «Nayo wewe musavyi wanje Yakobo, ntutinye», ni ko Yehova avuze.«Nawe Isirayeli nturanduke umutima+.
Kuko nzogukiza ndagukuye kure,n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+.
Yakobo azogaruka, abeho atekanye kandi ata kimudurumbanya.Nta n’umwe azobatera ubwoba+.»
11 «Kuko ndi kumwe nawe kugira ngukize», ni ko Yehova avuze.
«Mugabo nzohonya amahanga yose nagusanzarijemwo+.Ariko wewe sinzoguhonya+.
Nzogutoza indero* ku rugero rubereye.Sinzogenda ntaguhanye+.»
12 Kuko Yehova avuze ati:
«Imvune* ufise ntigira umuti+.
Uruguma rwawe ntirukira.
13 Nta wo kukuburanira ariho,nta n’uburyo bwo kuvura igisebe cawe buriho.
Nta muti wokuvura.
14 Abagukunda cane* bose bakwibagiye+.
Ntibakikurondera.
Kuko nagukubise nk’uko umwansi yogukubita+,ndaguhana nk’umuntu w’imburakigongwe,kubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+.
15 Kubera iki uborogeshwa n’imvune ufise?
Ububabare bwawe ntibukira.
Nagukoreye ivyokubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+.
16 Ni co gituma abakurotsa bose bazorotswa+,abansi bawe bose na bo bajanwe kugirwa imbohe+.
Abagusahura bazosahurwa,kandi nzotuma abakunyaga bose banyagwa+.»
17 «Mugabo nzotuma usubira kugira amagara meza, nkize inguma zawe+naho bagufashe nk’igicibwa bakwita:
“Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+”», ni ko Yehova avuze.
18 Yehova avuze ati:
«Ngira nkoranye abo mu mahema ya Yakobo bagizwe imbohe+,kandi nzokwumvira ikigongwe amahema yiwe.
Igisagara kizosubira kwubakwa ku gasozi kaco+,kandi umunara ukomeye uzohagarara mu kibanza cawo.
19 Hazokwumvikana ugukenguruka n’ijwi ry’abatwenga+.
Nzobagwiza, ntibazoba inkehwa+.Nzotuma baba benshi*,ntibazoba bake+.
20 Abahungu biwe bazosubira kumera nka kera,kandi ishengero ry’abantu biwe rizoshimangirwa imbere yanje+.
Nzohagurukira abamucinyiza bose+.
21 Mu biwe ni ho hazova umunyacubahiro,kandi umutware abaganza azova muri bo.
Nzomwigiza hafi, na we azonyegēra.
Ubundiho, ugira ngo hari uwokwubahuka kunyegēra*?», ni ko Yehova avuze.
22 «Muzoba abantu banje+, nanje mbe Imana yanyu+.»
23 Ehe! Umuyaga ukaze wa Yehova uzozanana ishavu ryinshi+.Ni ikivumbuzi gikubura kizozungurukira ku mutwe w’ababisha.
24 Ishavu rirurumba rya Yehova ntirizosubira inyumaadashize mu ngiro ivyipfuzo vy’umutima wiwe akabishitsa+.
Mu misi y’iherezo muzobitahura+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu kiyunguyungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uhambaye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kumugira.»
^ Canke «nzogukosora.»
^ Canke «ugusenyuka.»
^ Canke «abahabara bawe.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzotuma bubahwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwogwatiriza umutima wiwe ngo anyegēre.»