Yeremiya 26:1-24
26 Mu ntango y’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, iri jambo riza rivuye kuri Yehova riti:
2 «Yehova avuze ati: “Hagarara mu kigo c’inzu ya Yehova, ubwire* abantu bose bo mu bisagara vyo mu Buyuda baza gusengera* mu nzu ya Yehova ivyo ndagutegeka vyose. Ntihagire ijambo ukuramwo.
3 Hari aho bokwumviriza, umwe wese agahindukira agaheba ingeso ziwe mbi. Nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kubateza ivyago kubera ibibi bakora+.
4 Ubabwire uti: ‘Yehova avuze ati: “Nimutanyumviriza ngo mukurikize amategeko* nabahaye,
5 ngo mwumvirize amajambo y’abasavyi banje b’abahanuzi ndabatumako incuro n’izindi* ariko ntimubumvirize+,
6 iyi nzu rero nzoyigira nk’uko nagiriye Shilo+, n’iki gisagara ndakigire umuvumo ku mahanga yose yo kw’isi+.”’”»
7 Maze abaherezi n’abahanuzi n’abantu bose bumva Yeremiya avugira ayo majambo mu nzu ya Yehova+.
8 Nuko Yeremiya arangije kuvuga ibintu vyose Yehova yari yamutegetse kubwira abantu bose, abaherezi n’abahanuzi n’abantu bose baca baramufata, bavuga bati: «Ntugenda udapfuye.
9 Kubera iki uvuze ubuhanuzi mw’izina rya Yehova ngo: “Iyi nzu izoba nk’i Shilo kandi iki gisagara kizotikizwa gisigare ata muntu akibamwo”?» Nuko abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu nzu ya Yehova.
10 Abatware* bo mu Buyuda bumvise ayo majambo, bava ku nzu* y’umwami baduga ku nzu ya Yehova, bicara kw’irembo rishasha ry’inzu ya Yehova+.
11 Abaherezi n’abahanuzi babwira abatware n’abantu bose bati: «Uyu mugabo akwiriye urwo gupfa+ kuko yavuze ko iki gisagara kizoshikirwa n’ibintu bibi, nk’uko mwavyiyumviye n’amatwi yanyu+.»
12 Yeremiya aca abwira abatware bose n’abantu bose ati: «Yehova ni we yantumye kuvuga amajambo yose mwumvise+ ajanye n’ibibi bizoshikira iyi nzu n’iki gisagara.
13 Nimuhindure rero ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, kandi mwumvire ijwi rya Yehova Imana yanyu. Yehova na we azohindura umugambi* wo kubateza ivyago yavuze ko bizobashikira+.
14 Nayo jewe, ndi mu maboko yanyu. Nimunkorere ivyo mubona ko ari vyiza kandi bigororotse.
15 Gusa mumenye neza ko nimwanyica, muzoba mwikwegeye amaraso y’intungane, mukayakwegera n’iki gisagara be n’abakibamwo, kuko Yehova ari we vy’ukuri yantumye kubabwira ayo majambo yose ngo muyumve.»
16 Maze abatware n’abantu bose babwira abaherezi n’abahanuzi bati: «Uyu mugabo ntakwiriye urwo gupfa kuko ivyo yatubwiye yabitubwiye mw’izina rya Yehova Imana yacu.»
17 Vyongeye, bamwe mu bashingantahe bo mu gihugu barahaguruka, batangura kubwira abantu bose bari bakoraniye ng’aho bati:
18 «Mika+ w’i Moresheti yavuga ubuhanuzi mu gihe ca Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda. Yabwiye abantu bose bo mu Buyuda ati: “Yehova Nyeningabo avuze ati:
‘I Siyoni hazorimwa nk’umurima,i Yeruzalemu na ho hacike ibirundo vy’ibihomvagurike+,kandi umusozi uriko urusengero* uzomera nk’umusozi* uriko ishamba+.’”
19 None Hezekiya umwami w’Ubuyuda n’abo mu Buyuda bose boba baciye bamwica? Mbega umwami ntiyatinye Yehova agatakambira Yehova, maze Yehova agahindura umugambi* wo kubateza ivyago yari yaravuze ko bizobashikira+? Aho ntimubona ko dushaka kwikwegera ivyago bikomeye?
20 Hariho n’uwundi mugabo yavuga ubuhanuzi mw’izina rya Yehova. Ni Uriya mwene Shemaya w’i Kiriyati-Yeyarimu+. Yavuze ibibi bizoshikira iki gisagara n’iki gihugu kandi yavuga nk’ivyo Yeremiya avuga.
21 Nuko umwami Yehoyakimu+ n’abagabo b’intwari bose be n’abatware bose bumva ivyo avuga, maze umwami arondera kumwica+. Uriya avyumvise aca aratinya hanyuma ahungira mu Misiri.
22 Maze umwami Yehoyakimu atuma Elinatani+ mwene Akibori mu Misiri ari kumwe n’abandi bagabo.
23 Nuko bakura Uriya mu Misiri bamuzanira umwami Yehoyakimu, na we aca amwicisha inkota+, aterera umuvyimba wiwe mw’itongo ry’abapfuye ry’abantu batobato.»
24 Mugabo Ahikamu+ mwene Shafani+ ashigikira Yeremiya, ntiyatangwa ngo abantu bamwice+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kwunamira.»
^ Canke «uvuge ku vyerekeye.»
^ Canke «nicuza ku bijanye n’umugambi.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ndabatumako, nkavyuka kare nkabatuma.»
^ Canke «abaganwa.»
^ Canke «ku kirimba.»
^ Canke «azokwicuza ku bijanye n’umugambi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Canke «nk’ibibanza bitaramutse.»
^ Canke «akicuza ku bijanye n’umugambi.»