Mika 6:1-16

  • Imburano Imana ifitaniye na Isirayeli (1-5)

  • Yehova asaba iki? (6-8)

    • Ubutungane, ukudahemuka, ukwifata ruto (8)

  • Igicumuro ca Isirayeli n’igihano yahawe (9-16)

6  Ndabinginze mwumve ivyo Yehova avuga. Haguruka ushikirize imburano zawe imbere y’imisozi,imirambi yumve ijwi ryawe+.  2  Nimwumve, mwa misozi, imburano za Yehova,namwe mishinge ikomeye y’isi+,kuko Yehova afitaniye imburano n’abantu biwe.Aburana na Isirayeli+ ati:  3  «Bantu banje, mbega nabakoreye iki? Nabaruhishije gute+? Nimunyagirize.  4  Kuko nabakuye mu gihugu ca Misiri+aho mwari abashumba*, ndabacungura+.Narungitse Musa, Aroni na Miriyamu+ ngo babaje imbere.  5  Bantu banje, ndabinginze mwibuke ivyiyumviro Balaki umwami wa Mowabu yashikirije+,n’ivyo Balamu mwene Beyori yamwishuye+.Mwibuke ivyabaye kuva i Shitimu+ gushika i Gilugali+,kugira ngo mumenye ibintu bigororotse Yehova yakoze.»  6  Mbega nzorengukana iki imbere ya Yehova? Nzokwibangikanya iki ngiye kwunama imbere y’Imana yo mw’ijuru? Noba nzorengukana imbere yiwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye,nkarengukana inyana zimaze umwaka+?  7  Mbega Yehova azohimbarwa n’impfizi z’intama ibihumbi,n’inzuzi ibihumbi mirongo z’amavuta+? Mbega nzotanga umuhungu wanje w’imfura ngo mbabarirwe ubugarariji bwanje,ntange ubura bwanje kugira mparirwe igicumuro canje+?  8  Ewe muntu, yarakubwiye iciza ico ari co. None hari ikindi Yehova agusaba*? Ico agusaba gusa ni ugukurikiza ubutungane*+, gukunda ukudahemuka*+no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+!  9  Ijwi rya Yehova rirasemerera ribwira igisagara.Abafise ubukerebutsi nyabwo bazotinya izina ryawe. Nimushire umutima ku gihano* no kuri nyene kugitanga+. 10  Mbega mu nzu y’umubisha haracariyo amatunga y’ububisha,n’ingero ya efa* idakwiye, imwe Imana yanka? 11  Mbega noba nera* kandi mfise umunzane mubin’isaho ijamwo amabuye bapimisha y’ububeshi+? 12  Kuko abatunzi baho buzuye ubukozi bw’ikibi,abahaba na bo bakavuga ibinyoma+.Ururimi rw’akanwa kabo rurabesha+. 13  «Nzogukubita rero ndagukomeretse+,ntume ucika umusaka kubera ibicumuro vyawe. 14  Uzorya ntuhage,mu nda hagume hagaragara+. Ivyo uzoshira ku ruhande, ntuzoshobora kubitwara ngo ubizigame,n’ivyo uzoba washoboye gutwara, nzobiha umwansi*. 15  Uzobiba imbuto mugabo ntuzokwimbura. Uzokanya* imyelayo* mugabo ntuzoronka amavuta ukoresha.Uzogana umuvinyu mugabo nta wo uzonywa+. 16  Kuko mwubahiriza ivyagezwe vya Omuri, mukigana ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakora vyose+,kandi mugakurikiza ivyiyumviro vyabo. Ni co gituma nzobagira akajoreza,ababa mu gisagara nkabagira ikintu co kuvugiriza agahwa+.Amahanga azobagaya+.»

Utujambo tw'epfo

^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
^ Canke «kugira urukundo rurangwa n’ubuntu kandi rudahemuka.» Mu giheburayo havuga ngo «gukunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «kuba intungane», «kutarenganya.»
^ Canke «akwitezeko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku nkoni.»
^ Canke «noba ndi intungane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inkota.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uzoganisha ibirenge.»
^ Imyelayo bayita kandi olive.