Mika 4:1-13

  • Umusozi wa Yehova uzoduzwa (1-5)

    • Inkota bazozicuramwo amasuka (3)

    • «Tuzogendera mw’izina rya Yehova» (5)

  • Siyoni izosubira gukomera (6-13)

4  Mu misi y’iherezo*,umusozi w’inzu ya Yehova+uzokomezwa hejuru y’amasonga y’iyindi misozi.Uzoduzwa hejuru y’imirambi,kandi amahanga azoja kuri wo ari ikigwi+.   Amahanga menshi azojayo avuge ati: «Nimuze tuduge ku musozi wa Yehovano ku nzu y’Imana ya Yakobo+. Azotwigisha inzira ziwe,natwe tuzigenderemwo.» Kuko i Siyoni hazova amategeko*,i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova.   Azoca imanza hagati y’imigwi myinshi y’abantu+,agorore* ibintu mu mahanga akomeye ya kure. Inkota zabo bazozicuramwo amasuka*,amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututura*+. Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga,eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.   Umwe wese muri bo azokwicara* munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+ata n’umwe amutera ubwoba+,kuko akanwa ka Yehova Nyeningabo kabivuze.   Kuko ihanga rimwerimwe ryose rizogendera mw’izina ry’imana yaryo,ariko twebwe tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu+ gushika ibihe bidahera.   Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi,nzokoranya abahoze bacumbagira,negeranirize hamwe abashwiragiye+be n’abo namereye nabi.   Nzotuma mu bahoze bacumbagira hagira abasigara+,abari barirukaniwe kure ndabagire ihanga rikomeye+.Yehova azobaganza ari ku musozi Siyoni,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.   Nayo wewe ga munara wo gucungererako ubusho,wewe gasozi k’umukobwa wa Siyoni+,ya nganji ya mbere* izokugarukako+,bwa bwami bw’umukobwa wa Yeruzalemu bukugarukeko+.   Kubera iki none uvuza urwamo? Mbega nta mwami ufise?Umujanama wawe yoba yapfuye?Ko none wafashwe n’ububabare nk’umugore ariko aribaruka+? 10  Ewe mukobwa wa Siyoni, niwigonyonzore unihenk’umugore ariko aribaruka,kuko ubu uzova mu gisagara, uje kuba mu gahinga. Uzoshika i Babiloni+.Aho ni ho uzotabarirwa+.Ni ho Yehova azogucungurira agukure mu maboko y’abansi bawe+. 11  Ubu rero amahanga menshi azokoranywa ngo akurwanye.Azovuga ngo: “Nahumanywe,maze amaso yacu yibonere ukuntu ivyo bishikira Siyoni.” 12  Ariko ayo mahanga ntazi ivyiyumviro vya Yehova,kandi ntategera umugambi* wiwe,kuko azoyakoraniriza ku mbuga yo mu murima* nka kurya kw’umuganda w’ibinyantete bihejeje kwimburwa. 13  Ewe mukobwa wa Siyoni, haguruka ukubite nk’uko bakubita intete+,kuko amahembe yawe nzoyahindura icuman’ibinono vyawe ndabihindure umujumpu,kandi uzosya amahanga menshi+. Itunga baronse mu bubeshi uzoryegurira Yehova,ibintu batunze uvyegurire Umukama w’ukuri w’isi yose+

Utujambo tw'epfo

Canke «ya nyuma.»
Canke «inyigisho.»
Canke «akosore.»
Canke «amasuka arimishwa n’inka.»
Canke «inkero.»
Canke «azoba.»
Canke «ya kera.»
Canke «inama.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.