Mika 4:1-13
4 Mu misi y’iherezo*,umusozi w’inzu ya Yehova+uzokomezwa hejuru y’amasonga y’iyindi misozi.Uzoduzwa hejuru y’imirambi,kandi amahanga azoja kuri wo ari ikigwi+.
2 Amahanga menshi azojayo avuge ati:
«Nimuze tuduge ku musozi wa Yehovano ku nzu y’Imana ya Yakobo+.
Azotwigisha inzira ziwe,natwe tuzigenderemwo.»
Kuko i Siyoni hazova amategeko*,i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova.
3 Azoca imanza hagati y’imigwi myinshi y’abantu+,agorore* ibintu mu mahanga akomeye ya kure.
Inkota zabo bazozicuramwo amasuka*,amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututura*+.
Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga,eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.
4 Umwe wese muri bo azokwicara* munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+ata n’umwe amutera ubwoba+,kuko akanwa ka Yehova Nyeningabo kabivuze.
5 Kuko ihanga rimwerimwe ryose rizogendera mw’izina ry’imana yaryo,ariko twebwe tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu+ gushika ibihe bidahera.
6 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi,nzokoranya abahoze bacumbagira,negeranirize hamwe abashwiragiye+be n’abo namereye nabi.
7 Nzotuma mu bahoze bacumbagira hagira abasigara+,abari barirukaniwe kure ndabagire ihanga rikomeye+.Yehova azobaganza ari ku musozi Siyoni,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
8 Nayo wewe ga munara wo gucungererako ubusho,wewe gasozi k’umukobwa wa Siyoni+,ya nganji ya mbere* izokugarukako+,bwa bwami bw’umukobwa wa Yeruzalemu bukugarukeko+.
9 Kubera iki none uvuza urwamo?
Mbega nta mwami ufise?Umujanama wawe yoba yapfuye?Ko none wafashwe n’ububabare nk’umugore ariko aribaruka+?
10 Ewe mukobwa wa Siyoni, niwigonyonzore unihenk’umugore ariko aribaruka,kuko ubu uzova mu gisagara, uje kuba mu gahinga.
Uzoshika i Babiloni+.Aho ni ho uzotabarirwa+.Ni ho Yehova azogucungurira agukure mu maboko y’abansi bawe+.
11 Ubu rero amahanga menshi azokoranywa ngo akurwanye.Azovuga ngo: “Nahumanywe,maze amaso yacu yibonere ukuntu ivyo bishikira Siyoni.”
12 Ariko ayo mahanga ntazi ivyiyumviro vya Yehova,kandi ntategera umugambi* wiwe,kuko azoyakoraniriza ku mbuga yo mu murima* nka kurya kw’umuganda w’ibinyantete bihejeje kwimburwa.
13 Ewe mukobwa wa Siyoni, haguruka ukubite nk’uko bakubita intete+,kuko amahembe yawe nzoyahindura icuman’ibinono vyawe ndabihindure umujumpu,kandi uzosya amahanga menshi+.
Itunga baronse mu bubeshi uzoryegurira Yehova,ibintu batunze uvyegurire Umukama w’ukuri w’isi yose+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ya nyuma.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Canke «akosore.»
^ Canke «amasuka arimishwa n’inka.»
^ Canke «inkero.»
^ Canke «azoba.»
^ Canke «ya kera.»
^ Canke «inama.»
^ Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.