Kuvayo 29:1-46
29 Ibi ni vyo uzogira kugira ubeze bambere abaherezi: uzotora ishuri, impfizi zibiri z’intama zitagira akanenge+,
2 umukate utarimwo umwambiro, imikate y’umuzingi itarimwo umwambiro icumbanywe amavuta be n’udukate dufyase tutarimwo umwambiro dusizeko amavuta+. Uzobikora mw’ifu y’ingano inoze.
3 Uzobishira mu giseke hanyuma ubizane imbere yanje+, biri kumwe na ya shuri na za mpfizi z’intama zibiri.
4 Uzoca uzana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+ maze uboze n’amazi+.
5 Uzoheza utore za mpuzu+ hanyuma wambike Aroni ya kanzu y’udukarokaro na ya kanzu itagira amaboko yo kwambara munsi ya efodi. Uzomwambika kandi ya efodi na ka gapfuko ko ku gikiriza, hanyuma umukenyeze mu kiyunguyungu wa mukaba wa efodi ujishe+.
6 Uzoca umwambika ca gitambara bazingira mu mutwe, uheze ushire kuri co ca kimenyetso ceranda cerekana ko yeguriwe Imana*+.
7 Hanyuma uzotora ya mavuta meranda*+, uyasuke ku mutwe wiwe maze umurobanure*+.
8 Uzoheza uzane ba bahungu biwe, ubambike ya makanzu+.
9 Uzobakenyeza ya mikanda (na Aroni arimwo), wongere ubambike twa dukofero*. Ubuherezi buzoba rwabo kandi iryo ni itegeko rizokwamaho+. Ukwo ni ko uzobigenza mu kwimika Aroni n’abahungu biwe mw’ibanga ry’ubuherezi+.
10 Hanyuma uzozana ya shuri imbere y’ihema ry’ibonaniro maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+.
11 Uzoca ukererera iyo shuri imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+.
12 Uzokoza urutoke mu maraso yayo uheze uyasige ku mahembe y’igicaniro+, ayasigaye yose na yo uyasuke ku mushinge waco+.
13 Uzoca ufata ikinure+ cose gipfutse amara, ikinure gifashe ku gitigu*, amafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, maze ubituririre ku gicaniro bifumbe umwotsi+.
14 Ariko inyama z’iyo shuri, urushato rwayo n’amayezi yayo uzobituririra inyuma y’ikambi. Ni ishikanwa ry’igicumuro.
15 Ivyo biheze, uzotora impfizi y’intama imwe maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+.
16 Uzoheza uyikerere hanyuma ufate amaraso yayo uyamijagire ku mpande zose z’igicaniro+.
17 Uzokatagura iyo ntama mu bihimba, woze amara yayo+ n’amaguru* yayo, uce upanga ivyo bihimba uko bikurikirana gushika ku mutwe.
18 Uzoturira iyo ntama yose ifumbe umwotsi ku gicaniro. Ni ishikanwa rya Yehova riturirwa ry’akamoto keza*+. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
19 Mu nyuma uzotora ya mpfizi y’intama isigaye, Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+.
20 Uzokerera iyo mpfizi y’intama hanyuma ufate makeyi ku maraso yayo, uyasige ku gutwi kw’iburyo kwa Aroni no ku matwi y’iburyo y’abahungu biwe. Uzoyasiga kandi ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo, wongere uyamijagire ku mpande zose z’igicaniro.
21 Uzoheza utore amaraso makeyi ku yari ku gicaniro n’amavuta makeyi kuri ya mavuta meranda+, ubimijagire Aroni n’impuzu ziwe hamwe n’abahungu biwe n’impuzu zabo. Ivyo bizotuma Aroni n’impuzu ziwe hamwe n’abahungu biwe n’impuzu zabo, biba vyeranda+.
22 Uzotora ibinure vy’iyo ntama, ni ukuvuga igitsembe cayo kinuze, ikinure gipfutse amara, ikinure gifashe ku gitigu*, amafyigo yayo abiri n’ikinure kiri kuri yo+ hamwe n’ukuguru kwayo kw’ukuryo, kuko ari impfizi y’intama ikoreshwa mu kubimika+.
23 Vyongeye, muri ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro kiri imbere ya Yehova, uzotoramwo umukate wiburungushuye, umukate w’umuzingi ucumbanywe amavuta n’agakate gafyase.
24 Vyose uzobishira mu minwe ya Aroni n’abahungu biwe, uheze ubizungagize* bibe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova.
25 Uzoheza ubikure mu minwe yabo, ubituririre ku gicaniro hejuru ya rya shikanwa riturirwa, bimotere neza* Yehova. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
26 Hanyuma uzotora akameme* ka ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika+ Aroni, uheze ukazungagize kabe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova. Uwo ni wo uzoba umugabane wawe.
27 Uzoshira ku ruhande akameme ka rya shikanwa bazungagiza n’ukuguru kwa wa mugabane mweranda wazungagiza uwukuye kuri ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika+ Aroni n’abahungu biwe.
28 Ivyo bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe, kuko ari umugabane mweranda. Ni itegeko ryamaho ku Bisirayeli. Ni umugabane mweranda uzotangwa n’Abisirayeli+, uwo bazoha Yehova uvuye ku bimazi vyabo vyo gusangira+.
29 Impuzu nyeranda+ za Aroni zizokoreshwa n’abahungu biwe+ bazomusubirira, nibarobanuzwa amavuta ngo babe abaherezi.
30 Umuherezi wo mu bahungu biwe azomusubirira, akinjira mw’ihema ry’ibonaniro kugira akore igikorwa c’ubuherezi ahantu heranda, azokwambara izo mpuzu imisi indwi+.
31 Uzofata inyama za ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika abaherezi, uzitekere ahantu heranda+.
32 Aroni n’abahungu biwe bazorya+ inyama z’iyo ntama na wa mukate uri mu giseke, bari ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.
33 Bazorya ibintu vyatanzweko impongano* kugira bimikwe mw’ibanga ry’ubuherezi no kugira bezwe. Ariko umuntu atabifitiye uburenganzira* ntakwiye kubiryako kuko ari vyeranda+.
34 Hagize ibirara kuri za nyama z’ikimazi co kwimika abaherezi canke kuri ya mikate, ukwiye kubiturira+. Ntibikwiye kuribwa kuko ari vyeranda.
35 Ivyo ni vyo uzogirira Aroni n’abahungu biwe wisunze ivyo nagutegetse vyose. Uzomara imisi indwi uriko urabimika mw’ibanga ry’ubuherezi+.
36 Buri musi uzotanga impfizi y’inka y’ishikanwa ry’igicumuro, kandi uzotyorora igicaniro mu kugitangira impongano. Utegerezwa kugisukako amavuta kugira kibe ceranda+.
37 Uzomara imisi indwi utyorora igicaniro mu gutanga amashikanwa y’igicumuro, kandi utegerezwa kuceza kugira kibe ceranda cane+. Uwuzogikorako wese ategerezwa kuba ari mweranda.
38 Ibi ni vyo uzokwama ushikana kuri ico gicaniro buri musi+: amasuguru abiri y’intama amaze umwaka umwe.
39 Imwe uzoyishikana mu gitondo, iyindi ku mugoroba*+.
40 Isuguru ya mbere uzoyishikana iri kumwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta amiminye neza, hamwe n’ishikanwa ry’ibinyobwa ringana n’ica kane ca hini.
41 Iya kabiri na yo uzoyishikana ku mugoroba iri kumwe n’ishikanwa ry’ifu* be n’iry’ikinyobwa, nka bimwe vyo mu gitondo. Uzoyitanga nk’ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova.
42 Ni ishikanwa riturirwa rizokwama ritangwa ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro imbere ya Yehova, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Aho ni ho nzokwiyerekera kugira mvugane nawe+.
43 Ni ho nzokwiyerekera Abisirayeli, kandi ubuninahazwa bwanje buzotuma haba heranda+.
44 Nzokweza ihema ry’ibonaniro hamwe n’igicaniro, kandi nzokweza Aroni n’abahungu biwe+ kugira bambere abaherezi.
45 Nzobana n’Abisirayeli, mbe Imana yabo+.
46 Bazomenya vy’ukuri ko jewe Yehova Imana yabo ari jewe nabakuye mu Misiri kugira mbane na bo+. Ndi Yehova Imana yabo.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ushire kuri co rwa rugori rweranda.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «ya mavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Dushobora kuba twari udutambara bazingira mu mutwe tukamera nk’udukofero.
^ Canke «agashami k’igitigu.»
^ Ayo maguru ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura.»
^ Canke «agashami k’igitigu.»
^ Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
^ Mu giheburayo havuga ngo «bibe akamoto karuhura kuri.»
^ Canke «ikidari», «inkoro.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
^ Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
^ Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
^ Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ishikanwa ry’intete.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
^ Canke «iyaruka.»