Kuvayo 27:1-21
27 Uzokore igicaniro mu giti c’umunyinya+. Kizoba gifise uburebure bw’intambwe* zitanu n’ubwaguke bw’intambwe zitanu. Kizoba ari ikwadarato kandi kizoba gifise amahagarara y’intambwe zitatu+.
2 Uzokora amahembe+ ku mfuruka zaco zine, kandi ayo mahembe azoba afatanye na co. Ico gicaniro uzogihomekeko umujumpu+.
3 Uzogikorera utudobo two gukura iminyota* hamwe n’ibipawa, amabakure, amakanya be n’udupanu tujamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose uzobikora mu mujumpu+.
4 Uzogikorera kandi akayungiro k’umujumpu. Ku mfuruka zine z’ako kayungiro uzohashira imikono* ine y’umujumpu.
5 Uzogashira munsi y’imbiga z’igicaniro, ukamanure hagati na hagati yaco.
6 Uzokora ibibando* vy’ico gicaniro mu giti c’umunyinya, uheze ubihomekeko umujumpu.
7 Ivyo bibando uzobicomeka muri ya mikono, ku buryo bija ku mpande zibiri z’ico gicaniro igihe bakireruye+.
8 Uzokora ico gicaniro nk’isandugu y’imbaho irangaye. Uzogikora nk’uko nyene nabikweretse ku musozi+.
9 Uzotunganya ikigo+ c’iryo hema ryeranda. Ku ruhande rwo mu bumanuko, hazoba hazitijwe ibitambara bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye. Bizoba bifise uburebure bw’intambwe 100 kuri urwo ruhande+.
10 Ruzoba rufise inkingi 20 n’udutafari 20 dutoboye bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho* twazo bizoba bikozwe mw’ifeza.
11 Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene ruzoba rufise ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 100 hamwe n’inkingi 20 be n’udutafari 20 bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho* twazo bizoba bikozwe mw’ifeza.
12 Ku ruhande rwo mu burengero bw’ico kigo, uzohazitiza ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 50. Kuri urwo ruhande nyene hazoba hari inkingi cumi n’udutafari cumi dutoboye.
13 Ubwaguke bw’ico kigo buzoba bungana n’intambwe 50 ku ruhande rwo mu buseruko.
14 Ku ruhande rumwe rw’irembo hazoba hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye+.
15 Ku rundi ruhande na rwo hazoba hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye.
16 Kw’irembo ry’ico kigo hazoba hari irido* ifise uburebure bw’intambwe 20. Iyo rido izoba ikozwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye+. Vyose bizoba bijishiwe hamwe. Hazoba kandi hariho inkingi zine n’udutafari twazo dutoboye tune+.
17 Inkingi zose zikikuje ico kigo zizoba zifise udufatanisho n’udusumari tw’ifeza, ariko udutafari twazo dutoboye tuzoba dukozwe mu mujumpu+.
18 Uruzitiro rw’ico kigo ruzoba rufise uburebure bw’intambwe 100+, ubwaguke bw’intambwe 50 n’amahagarara y’intambwe 5. Ruzoba rukozwe mu nyuzi z’ilino nziza zitsivye kandi ruzoba rufise udutafari dutoboye dukozwe mu mujumpu.
19 Ibikoresho vyose vyo muri iryo hema ryeranda, ushizemwo imambo* zaryo n’imambo zose z’uruzitiro rwaryo, bizoba bikozwe mu mujumpu+.
20 Uzotegeka Abisirayeli bakuzanire amavuta y’imyelayo* amiminye neza yo kwatsa amatara, kugira agume yaka umwanya wose+.
21 Imbere mw’ihema ry’ibonaniro, mu gice kiri imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*+, Aroni n’abahungu biwe bazokwitwararika ko ayo matara aguma yakira imbere ya Yehova+, kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Ni itegeko rizokwamaho ku Bisirayeli, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+.
Utujambo tw'epfo
^ Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
^ Canke «ibigombo.»
^ Canke «iminiho.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «imikono», «ibigombo.»
^ Canke «imikono», «ibigombo.»
^ Canke «igikingirizo.»
^ Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
^ Urumambo ni igiti canke icuma gisongoye bashinga mu kuzimu kugira bafatisheko ikintu kanaka.
^ Canke «imyelayo isekuye.» Bayita kandi amavuta ya olive.
^ Mu giheburayo havuga ngo «iri hafi y’icabona.»
^ Canke «iyaruka.»