Ivyakozwe n’intumwa 28:1-31

  • Bashika ku nkengera y’izinga ryitwa Malita (1-6)

  • Pawulo akiza se wa Pubiliyo (7-10)

  • Pawulo aja i Roma (11-16)

  • Pawulo avugana n’Abayuda b’i Roma (17-29)

  • Amara imyaka ibiri avuga inkuru nziza n’ubutinyutsi (30, 31)

28  Tumaze gushika ahatagira inkomanzi, twaciye tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita+.  Abantu baho* baratweretse umutima mwiza* w’akataraboneka. Baraducaniye umuriro bongera batwakira neza twese, kuko imvura yariko iragwa kandi hakaba hari imbeho.  Mugabo igihe Pawulo yegeranya umuganda w’inkwi akazishira ku muriro, haciye hasokorokamwo imamba kubera ubushuhe, ica imata ku kuboko kwiwe.  Aho abantu baho* baboneye iyo nzoka y’ubumara yenena ku kuboko kwiwe, batangura kubwirana bati: «Ni ukuri uyu muntu ni umwicanyi. Naho yashoboye gukira ikiyaga, ubutungane* ntibwamukundiye kubandanya kubaho.»  Ariko Pawulo akunkumurira iyo nzoka mu muriro, ntihagira ico aba.  Bobo bari biteze ko avyimba canke akagwa bukumbi. Bamaze umwanya muremure barindiriye bakabona nta co abaye, baca bahindura ivyiyumviro batangura kuvuga ko ari imana.  Mu micungararo y’aho hantu, hari amatongo yegukira umukuru w’iryo zinga yitwa Pubiliyo. Yaratwakiriye adufata neza imisi itatu.  Se wa Pubiliyo yari ku musego arembejwe n’inyonko n’amacinya, hanyuma Pawulo yinjira iwe arasenga, amurambikako ibiganza aramukiza+.  Inyuma y’ivyo, abandi bantu bo muri iryo zinga bari barwaye na bo nyene batangura kuza, Pawulo arabakiza+. 10  Baranaduteye iteka batugabira ibintu vyinshi, kandi igihe twurira ubwato, baradutekereye ibintu vyose twari dukeneye. 11  Haciye amezi atatu, twaciye dufata ubwato bwariko igishusho ca «bene Zeyu» ku gice cabwo c’imbere*. Bwari ubwato bw’i Alegizandiriya bukaba bwari bumaze urushana muri iryo zinga. 12  Nuko turagenda duhagarara ku kivuko i Sirakuza, tuhamara imisi itatu. 13  Maze tuva ng’aho turabandanya dushika i Regiyo. Haciye umusi umwe, havumbuka umuyaga wo mu bumanuko, hanyuma dushika i Puteyoli ku musi ugira kabiri. 14  Aho twahasanze abavukanyi, baratwinginga ngo tugumane imisi indwi. Inyuma y’aho turagenda tugana i Roma. 15  Abavukanyi b’i Roma bumvise ko turi mu nzira, baraza gushika ku kaguriro ka Apiyo n’ahitwa Uburaro butatu ngo badusanganire. Pawulo ababonye, akengurukira Imana, yumva araremye*+. 16  Tumaze gushika i Roma, Pawulo yemererwa kwibana mu nzu ari kumwe n’umusoda amucunze. 17  Ariko haciye imisi itatu, atumako abantu bakurubakuru bo mu Bayuda. Bamaze gukorana, ababwira ati: «Bagabo benewacu, naho ata kibi nakoreye ihanga ryacu canke ngo nkore ibiteye kubiri n’imigenzo ya ba sogokuruza+, naragizwe imbohe i Yeruzalemu maze nshikirizwa Abaroma+. 18  Bamaze kunsambisha+, barashatse kundekura kuko ata mvo yari ihari yotuma nicwa+. 19  Mugabo Abayuda bavyanse, vyaciye biba ngombwa ko nungururiza kwa Sezari+. Ariko sinabigize kubera hari ico nashaka kwagiriza ihanga ryacu. 20  Ni co gituma nasavye ko tubonana ngo tuganire, kuko mboheshejwe uyu munyororo kubera icizigiro ca Isirayeli+ 21  Bamubwira bati: «Nta makete atubwira ivyawe twaronse avuye i Yudaya, kandi muri benewacu bose baje bavayo, nta n’umwe yatumenyesheje canke ngo avuge ikintu kibi ku bikwerekeye. 22  Mugabo twibaza ko vyoba vyiza twumvise ivyo wewe ubwawe utubwira, kuko tuzi ko ako kagwi k’idini+ kavugwa nabi hose+ 23  Baca bahana isango bazohurirako, hanyuma baza aho yaba ari benshi kuruta. Nuko kuva mu gitondo gushika ku mugoroba, abasigurira ivyo bintu mu kubabwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ashinga intahe bimwe bishitse*. Yabigize kugira abajijure ngo bemere Yezu+, afatiye ku mategeko ya Musa+ no ku vyanditswe n’abahanuzi+. 24  Bamwe batangura kwemera ivyo avuga, abandi ntibavyemera. 25  Kubera ko batari bumvikanye, batangura kugenda. Pawulo aca ababwira iri jambo rimwe ati: «Impwemu nyeranda ntiyihenze mu kubwira ba sogokuruza banyu biciye ku muhanuzi Yesaya iti: 26  “Genda ubwire aba bantu uti: ‘Muzokwumva ariko nta na kimwe muzotahura, muzokwitegereza ariko nta na kimwe muzobona+. 27  Kuko umutima w’aba bantu udadaraye. Barizivye amatwi bongera barihuma amaso, kugira ntibigere barabisha amaso yabo canke ngo bumvishe amatwi yabo kugira umutima wabo utahure, baheze bahindukire maze ndabakize+.’” 28  Nimumenye rero yuko ubu butumwa bw’ubukiriro buva ku Mana bwarungikiwe abo mu mahanga+, kandi ntibazobura kubwumviriza+ 29 * —— 30  Ahaguma imyaka ibiri yuzuye ari mu nzu apanze+, kandi yarakira neza abantu bose baza kumuraba. 31  Yarababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana akabigisha n’ivyerekeye Umukama Yezu Kristu, akavugana umwidegemvyo wose*+ ata kimutangira.

Utujambo tw'epfo

Canke «abantu baho bavuga ururimi runyamahanga.»
Canke «ubuntu.»
Canke «abantu baho bavuga ururimi runyamahanga.»
Mu kigiriki ni Dike. Iryo jambo rishobora kuba ryerekeza ku manakazi ishitsa ubutungane mu kwihora canke rigasobanura ubutungane muri rusangi.
Canke «ku mpanza.»
Canke «agira umutima rugabo.»
Canke «binogangije.»
Canke «ubutinyutsi bwose.»