Ivyakozwe n’intumwa 27:1-44
27 Hamaze gufatwa ingingo yuko dufata ubwato tukaja mu Butaliyano+, Pawulo n’izindi mbohe bashikirizwa intwazangabo yitwa Yuliyo yo mu ngabo za Ogisito.
2 Twaciye twurira ubwato* bw’i Aduramutiyo bwagira buje ku bivuko biri ku nkengera y’intara ya Aziya, turagenda. Twari kumwe n’Umunyamasedwane w’i Tesalonika yitwa Arisitariko+.
3 Ku musi ukurikira dushika i Sidoni, maze Yuliyo agirira ubuntu Pawulo amwemerera kuja kuraba abagenzi biwe ngo baheze bamwitwararike.
4 Nuko tuva ng’aho n’ubwato turagenda, duca hafi ya Shipure kugira twikinge imiyaga yaduturuka imbere.
5 Hanyuma duca hagati mu kiyaga iruhande ya Silisiya na Pamfiliya, maze duhagarara ku kivuko c’i Mira mu karere ka Lisiya.
6 Turi ng’aho ya ntwazangabo ibona ubwato bw’i Alegizandiriya bwari bugiye mu Butaliyano, iraheza irabutwuriza.
7 Maze haciye imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinido bigoranye. Kubera ko umuyaga utadukundiye kubandanya, twaciye tugendera munsi ya Kirete kugira twikinge imiyaga, duca iruhande ya Salumone.
8 Twagumye duca hafi y’inkengera yaho ariko ntivyatworoheye. Mugabo twarashitse ahantu hamwe hitwa Bivuko-Vyiza, hafi y’igisagara ca Laseya.
9 Hari haciye imisi itari mike, kandi ico gihe gufata urugendo rwo mu mazi vyarimwo akaga kuko n’ukwisonzesha kw’umusi w’impongano*+ kwari kwamaze kurengana. Pawulo atanga iciyumviro,
10 ababwira ati: «Bagabo, ndabona yuko nitwabandanya uru rugendo hari ibiza kwononekara, habe n’uruhombo rukomeye ku mizigo n’ubwato eka mbere no ku buzima bwacu.»
11 Ariko ya ntwazangabo yumvira uwutwara ubwato* na nyenebwo aho kwumvira Pawulo.
12 Kubera ko vyari bigoye kumara urushana kuri ico kivuko, benshi bavuze ko twohava kugira barabe ko vyokunda ko bamara urushana i Fenisi, ikivuko c’i Kirete kiraba mu buraruko bushira ubuseruko no mu bumanuko bushira ubuseruko.
13 Aho umuyaga wo mu bumanuko uhuhutiye bukebuke, biyumviriye yuko boshitse aho bipfuza gushika. Baraheza baduza inanga z’ubwato* hanyuma bagendera hafi y’inkengera ya Kirete.
14 Ariko haciye akanya gato, umuyaga ukaze witwa Erakiloni* wisuka kuri iryo zinga.
15 Kubera ko ubwato bwariko bukubitwa n’umuyaga bimwe bikaze, bikanka ko buguma buhanganye na wo, twararetse uratujana.
16 Nuko turanyaragasa duca hafi y’izinga ritoyi ryitwa Kawuda kugira twikinge umuyaga. Yamara ntivyatworoheye kugumiza hamwe akato ko kwifashisha* kari ku gice c’inyuma c’ubwato*.
17 Mugabo bamaze kwuriza ako kato, bakoresha imigozi kugira badadire nya bwato munsi. Kubera ko batinya guseka ubwato ku bidunduri vy’umusenyi vyitwa Siriti*, baciye bamanura ibintu bifashe igitambara c’ubwato, maze bajanwa n’umuyaga.
18 Kubera ko igihuhusi cariko gituma tuzungazunga rwose, ku musi ukurikira baciye batangura kuremurura ubwato.
19 Ku musi ugira gatatu, ubwabo bata ibikoresho vy’ubwato.
20 Haciye imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri biboneka, n’igihuhusi gikaze* kidukubita, twaciye dutangura kwihebura, tubona ko tutazohakura agatwe.
21 Haciye igihe kirekire ata co batamiye, Pawulo araheza ahagarara hagati muri bo, avuga ati: «Bagabo, iyo mwumvira impanuro yanje ntimuve i Kirete ngo mufate urugendo, ibi vyose ntivyari kwononekara canke ngo habe uru ruhombo+.
22 Ariko ndabasavye mureme, kuko ata muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe, ariko ubwato bwo ntibuzorokoka.
23 Muri iri joro, hari umumarayika+ w’Imana nsenga kandi nkorera igikorwa ceranda yahagaze iruhande yanje,
24 ambwira ati: “Ntutinye, Pawulo. Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari+, kandi wewe n’abo muri kumwe mu bwato bose Imana izobarokora.”
25 Nimureme rero, yemwe bagabo. Ndemera ko Imana izobikora nk’uko nabibwiwe.
26 Ariko ikiyaga gitegerezwa kuduta kw’izinga kanaka+.»
27 Twageze mw’ijoro rigira 14 tukizungazungishwa n’umuyaga ku kiyaga ca Adiriya. Maze mu gicugu abasoza batangura kwicura yuko bagira bashike ahantu hari isi.
28 Bagera uburebure bw’amazi, basanga ni ibipimo 20*. Bigiye imbere gatoyi, bongera kugera uburebure basanga ni ibipimo 15*.
29 Maze kubera ko batinya ko ubwato bwohava bwiseka ku bitandara, bakorora inanga zine z’ubwato bacishije ku gice c’inyuma c’ubwato, batangura kwipfuza ko bwoca.
30 Mugabo abasoza barondera ingene bohunga ngo bave mu bwato. Bamanuriye mu kiyaga ka kato ko kwifashisha, bitwaje yuko bashaka gukorora inanga z’ubwato bazicishije ku gice c’imbere c’ubwato*.
31 Pawulo aca abwira ya ntwazangabo n’abasoda ati: «Aba bantu batagumye mu bwato, ntimushobora gukira+.»
32 Maze nya basoda baca imigozi ya ka kato, barakareka karakoroka.
33 Maze buri mu guca, Pawulo abaremesha bose ngo bagire ico batamiye, ababwira ati: «Uno musi ubaye uwa 14 murindiriye umutima uri mu kirere, ata n’ico mutamira.
34 Ndabinginze rero mutamire na dukeyi, kuko ari ku neza yanyu. Nta n’umwe muri mwebwe azogira ico aba*.»
35 Amaze kuvuga ivyo, afata umukate, akengurukira Imana imbere yabo bose maze arawumanyura, atangura kurya.
36 Nuko bose bararema, na bo nyene batangura gufungura.
37 Abari mu bwato twese hamwe twari 276.
38 Bamaze kurya bagahaga, batangura kuremurura ubwato mu guta ingano mu kiyaga+.
39 Bumaze guca, ntibamenye aho hantu bari+, ariko barabona ko hari akagobe n’inkengera y’ikiyaga. Baciye biyemeza kugerageza gushikanayo ubwato.
40 Nuko baca inanga z’ubwato, barazireka zigwa mu kiyaga. Muri ako kanya nyene babohora imigozi y’ingafe*, hanyuma bamaze kuduza igitambara c’imbere c’ubwato ngo umuyaga ugikubiteko, bagenda bagana iyo nkengera.
41 Aho bamariye guseka ikirundo c’umusenyi kiri munsi y’amazi, ubwato bwikuba hasi maze igice c’imbere c’ubwato gica kigumayo, nticaba kigikakaza. Igice c’inyuma c’ubwato gitangura kumenagurika cane kubera imipfunda+.
42 Abasoda baca bafata ingingo yo kwica imbohe kugira ntihagire n’umwe yoga ngo atoroke.
43 Mugabo kubera ya ntwazangabo yashaka gukiza Pawulo, yarababujije gukora ico kintu. Yaciye itegeka abazi kwoga ngo basimbire mu mazi, babe ari bo batangura gushika i musozi.
44 Abandi bari guca bakurikira bakagenda bifashishije imbaho, abandi bakifashisha ibindi bintu vyavuye ku bwato. Nuko bose bashika i musozi badora+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Inanga y’ubwato ni ikintu baterera mu mazi kugira ubwato bugume hamwe. Kiba gifashe ku munyororo.
^ Ni umuyaga uva mu buraruko bushira ubuseruko.
^ Ni akato bifashisha kugira bakize ubuzima hadutse ingorane.
^ Canke «kw’itenzi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu kigiriki havuga ngo «kitari gito.»
^ Canke «ibipimo 20 vy’uburebure bw’amazi.» Ni nk’imetero 36. Raba Inyongera ya B14.
^ Ni nk’imetero 27. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ku mpanza.»
^ Canke «nta gashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu kazovako.»
^ Ingafe ni ibintu bakoresha mu gusoza ubwato, bigomba kumera nk’umudahara.