Ivyakozwe n’intumwa 26:1-32

  • Pawulo yiregura imbere ya Agiripa (1-11)

  • Pawulo asigura ukuntu yahindutse (12-23)

  • Ivyo Fesito na Agiripa bavuze (24-32)

26  Agiripa+ abwira Pawulo ati: «Uremerewe kwiburanira.» Maze Pawulo aramvura ukuboko atangura kwiregura. Avuga ati:  «Mwami Agiripa, ndahimbawe kubona uyu musi ngira niregurire imbere yawe ku bintu vyose nagirizwa n’Abayuda+,  canecane ko uzi neza imigenzo yose y’Abayuda n’ibintu vyose bituma bagira impari. Ndakwinginze rero unyumvirize wihanganye.  Nkako, Abayuda bose barazi ingene nari mbayeho kuva mu buto mu bantu b’iwacu* n’i Yeruzalemu+.  Abo Bayuda bari banzi kuva kera, kandi babishatse bobishingira intahe yuko nari mbayeho nkurikiza imigenzo y’Abafarizayo+, umugwi w’idini urusha abandi Bayuda kwumira ku mategeko+.  Yamara ubu ndengukijwe mu rubanza mporwa ko nizigiye ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza bacu+.  Kubera ko abo mu miryango yacu 12 bizigiye kubona ivyo bintu Imana yasezeranye biranguka, baguma bayikorera igikorwa ceranda ijoro n’umurango babigiranye umwete. Ibijanye n’ico cizigiro ni vyo Abayuda banyagiriza+ mwami!  Kubera iki mwiyumvira* ko Imana idashobora kuzura abapfuye?  Jeho nari nahoze mbona neza yuko mbwirizwa kurwanya cane izina rya Yezu Umunyanazareti. 10  Ivyo nyene ni vyo nakoze i Yeruzalemu. Narapfungishije aberanda benshi+ kuko nari nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi+. Kandi igihe baba bagira babice, naratanga ijwi ryo kubishigikira. 11  Narabahana kenshi mu masinagogi yose ngerageza kubahata ngo bahebe ivyo bemera. Kandi kubera ko nari ndabafitiye ishavu rirenze, naraheba nkabahama ndabasanze no mu bindi bisagara. 12  Muri ukwo kubahama, igihe kimwe nari ku rugendo nja i Damasiko mfise ububasha nahawe n’abakuru b’abaherezi, hari n’igikorwa banshinze. 13  Maze mu masasita ndi ku nzira ga mwami, nza mbona umuco urusha izuba gukayangana uvuye mw’ijuru, urabiriza irya n’ino yanje n’abo twari dufatanije urugendo+. 14  Twese tumaze kugwa hasi, numva ijwi rimbwira mu giheburayo riti: “Sawuli, Sawuli, umpamira iki? Erega kuguma utera imigere ku mihunda* birakugirira nabi.” 15  Mugabo mvuga nti: “Uri nde ga Mukama?” Umukama na we ati: “Ndi Yezu uriko urahama. 16  Ubu rero haguruka. Ndakwiyeretse kugira ndakugire umusavyi wanje n’icabona gishingira intahe ivyo ubonye n’ivyo nzokwereka ku binyerekeye+. 17  Kandi nzogukiza abo muri iri hanga n’abo mu yandi mahanga ndagutumyeko+. 18  Ndabagutumyeko ngo ubahumure amaso+, ubakure mu mwiza+ baje mu muco+, bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira bababarirwe ibicumuro+ baronke n’intoranwa ihabwa abejejwe n’ukunyizera.” 19  Ni co gituma mwami Agiripa, ntagambaraye igihe nerekwa ivyo bintu bivuye mw’ijuru, 20  ahubwo nahereye ku bantu b’i Damasiko+ hanyuma ab’i Yeruzalemu+, abo mu karere kose ka Yudaya n’abo mu mahanga, ngenda ndababwira ubutumwa bw’uko bakwiye kwigaya bakiyegereza Imana, mu gukora ibikorwa vyerekana ukwigaya+. 21  Ni co gituma Abayuda bamfatiye mu rusengero bakagerageza kunyica+. 22  Ariko mfashijwe n’Imana, ndabandanya gushinga intahe imbere y’abato n’abahambaye. Nta kindi mvuga atari ivyo abahanuzi na Musa bavuze ko vyari bigiye kuba+, 23  yuko Kristu yari kubabazwa+ kandi ko yobaye uwa mbere mu kuzurwa mu bapfuye+, agatangariza iri hanga n’ayandi mahanga ubutumwa bw’umuco+ 24  Pawulo akiriko aravuga ivyo bintu yiregura, Fesito avuga n’ijwi rirenga ati: «Erega Pawulo urasaze! Ubumenyi bwinshi ufise buriko buragusaza!» 25  Mugabo Pawulo avuga ati: «Sinsaze, nyakwubahwa Fesito, ahubwo ivyo mvuga ni ukuri kandi biratumbereye. 26  Ndiko mvugana umwidegemvyo kubera ko umwami ndiko ndabwira azi neza ivyo bintu. Ndazi neza ko ata na kimwe ayobewe muri ivyo kuko ivyo bintu bitakorewe mu kinyegero+. 27  Mbega mwami Agiripa, uremera abahanuzi? Ndazi ko ubemera.» 28  Mugabo Agiripa abwira Pawulo ati: «Mu mwanya mutoyi wonjijura nkaba umukirisu.» 29  Pawulo aca avuga ati: «Ico nsaba Imana ni uko haba mu mwanya mutoyi canke munini, wewe n’abo bose banyumva uno musi mwoba nkanje, kiretse iyi minyororo.» 30  Nuko umwami arahaguruka, na buramatari na Berenise be n’abari bicaranye na bo. 31  Mugabo bariko baragenda, batangura kubwirana bati: «Uyu muntu nta kintu na kimwe akora cotuma yicwa canke apfungwa+ 32  Agiripa aca abwira Fesito ati: «Uyu muntu yari kurekurwa iyo ataba yarungururije kwa Sezari+

Utujambo tw'epfo

Canke «mw’ihanga ryacu.»
Mu kigiriki havuga ngo «muca urubanza.»
Umuhunda ni inkoni yari ikwikiyeko icuma gisongoye. Bayikoresha mu kuyobora inka ziriko zirarima.