Ivyahishuriwe Yohani 18:1-24
18 Inyuma y’ivyo, mbona uwundi mumarayika amanuka ava mw’ijuru afise ububasha bwinshi, kandi ubuninahazwa bwiwe bwarabonesha kw’isi.
2 Aca arasemerera n’ijwi rikomeye ati: «Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse ikibanza c’amadayimoni, ubuhungiro bw’impwemu* zose zihumanye n’inyoni zose zihumanye kandi zankwa+!
3 Kubera umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe bukaze*, amahanga yose yaraguye mu mutego wiwe+, abami bo kw’isi na bo barakoranye ubusambanyi na we+, kandi abadandaza* bo kw’isi baratungishijwe n’ibihinda vyiwe vy’agaterasoni.»
4 Nca numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Nimuve iwe bantu banje+, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe no gushikirwa n’ivyago bigira bimushikire+!
5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika kw’ijuru+, kandi Imana yibutse akarenganyo* kiwe+.
6 Nimumugirire ivyo yagiriye abandi+, emwe ivyo yakoze mubigwize kabiri+. Igikombe+ yavangiyemwo abandi umuvinyu, nimukimuvangire kabiri+.
7 Urugero yashikanyeko mu kwininahaza no mu kwibera mu bihinda vy’agaterasoni, abe ari rwo mugezako mu kumubabaza no mu kumushira mu kigandaro. Kuko aguma yibwira ngo: “Nicaye nk’umwamikazi, sindi umupfakazi kandi sinzokwigera mbona ikigandaro+.”
8 Ni co gituma ivyago vyiwe bizoza ku musi umwe: urupfu, ikigandaro n’inzara, kandi azosha ahere+, kuko Yehova* Imana yamuciriye urubanza akomeye+.
9 Abami bo kw’isi bahora basambana* na we kandi bagasangira na we ibihinda vyiwe vy’agaterasoni, bazomuririra bikubitagure ku gikiriza kubera intuntu, nibabona umwotsi wiwe igihe azoba ariko arasha.
10 Bazohagarara kure kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bavuge bati: “Birababaje, birababaje kubona urubanza rwawe, wewe Babiloni igisagara kinini kandi gikomeye+, rushika mw’isaha imwe!”
11 Abadandaza bo kw’isi na bo nyene baramuririra, bakamugandarira, kuko ata wundi azosubira kubagurira ibidandazwa vyabo:
12 inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, imaragarita*, impuzu z’ilino* nziza, impuzu z’umuyugubwe*, iz’iharire n’iz’agahama, ibintu vyose bikozwe mu biti bimota n’ibikoresho vyose bikozwe mu masenge*, mu mbaho z’agaciro, mu mujumpu, mu cuma no mu mabuye meza cane*.
13 Nta n’uwuzosubira kubagurira ibirungo vyitwa kanele*, amome, imibavu, amavuta amota neza, olibani*, umuvinyu, amavuta y’imyelayo*, ifu inoze, ingano, inka, intama, amafarasi, imikogote, abashumba hamwe n’abantu.
14 Emwe, ibintu vyizavyiza wahora wipfuza vyakuvuyeko, kandi ivyo kurya vyose binovereye n’ibindi vyiza vyose vyaguhezeko, ntuzosubira kubironka.
15 Abadandaza bahora bagurisha ivyo bintu kandi batungishijwe na we, bazohagarara kure kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bamuririre kandi bamugandarire,
16 bavuge bati: “Birababaje, birababaje! Ca gisagara kinini, kimwe cahora cambara impuzu z’ilino nziza, iz’umuyugubwe n’iz’agahama, kikambara n’udusharizo tw’inzahabu, amabuye y’agaciro n’imaragarita+,
17 ubutunzi bwaco bwose bwatikiye mw’isaha imwe!”
Abakapitene b’amato* bose, abagira ingendo mu kiyaga bose, abasoza amato bose n’ababeshejweho n’ikiyaga bose bazohagarara kure,
18 bitegereze umwotsi wiwe igihe azoba ariko arasha, basemerere bati: “Hari ikindi gisagara cari kimeze nk’iki?”
19 Bazokwisurirako umukungugu ku mutwe, basemerere, barire bongere bagandare, bavuge bati: “Birababaje, birababaje kubona ca gisagara kinini catungisha abantu bose bafise amato* mu kiyaga, gitikira mw’isaha imwe+!”
20 Nuhimbarwe wa juru we+ kubera ivyamushikiye, na mwebwe aberanda+, intumwa n’abahanuzi nimuhimbarwe, kuko Imana yamuciriye urubanza kubera mwebwe+!»
21 Umumarayika akomeye aca aterura ikibuye kimeze nk’urusyo runini, agiterera mu kiyaga maze avuga ati: «Ukwo ni ko Babiloni ca gisagara kinini kizotemba mu kanya isase, kandi ntikizosubira kuboneka+.
22 Iwe ntihazosubira kwumvikana ijwi ry’abaririmvyi bajanisha n’inanga, abacuraranzi, abavuza imyironge n’abavuza inzumbete. Nta bahinga bakora utugenegene bazosubira kuboneka iwe, kandi nta jwi ry’urusyo rizosubira kwumvikana iwe.
23 Nta muco w’itara uzokwongera kwaka iwe, kandi nta jwi ry’umukwe canke ry’umugeni rizokwongera kwumvikana iwe. Abadandaza biwe bari abantu bakomakomeye bo kw’isi, kandi amahanga yose yarazimijwe n’ubupfumu bwiwe+.
24 Emwe, iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi, ay’aberanda+ n’ay’abantu bose bishwe kw’isi+.»
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «bw’impemu», «bw’ijambo rihumetswe.»
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «umuvinyu w’ishavu (icipfuzo gikaze) ry’ubusambanyi bwiwe.»
^ Canke «abadandaza b’ingenzi.»
^ Canke «ivyaha.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
^ Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
^ Canke «mu mabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.
^ Bayita kandi amavuta ya olive.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «umudarasini.»
^ Canke «b’imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.