Ivyahishuriwe Yohani 10:1-11

  • Umumarayika akomeye afise akazingo gatoyi (1-7)

    • «Igihe co kurindira caheze» (6)

    • Ibanga ryeranda rizoranguka (7)

  • Yohani arya ka kazingo gatoyi (8-11)

10  Mbona uwundi mumarayika akomeye yariko amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu. Umutwe wiwe wari ukikujwe n’umunywamazi, mu maso hiwe hari hameze nk’izuba+, amaguru* yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.  Yari afise mu kuboko akazingo gatoyi kazinguruye. Araheza ashinga ukuguru kw’ukuryo ku kiyaga, ukubamfu na kwo agushinga kw’isi,  maze arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe iroshe+. Asemereye, ya mituragaro indwi+ yaciye ivuga.  Igihe iyo mituragaro indwi yavuga, nagira nandike, ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru+ rivuga riti: «Ibintu iyo mituragaro indwi ivuze nubigire ibanga, ntuvyandike.»  Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga no kw’isi aca aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo akwerekeza mw’ijuru,  arahira umwe ariho gushika ibihe bidahera+, umwe yarema ijuru n’ibiri muri ryo, isi n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co+. Avuga ati: «Igihe co kurindira caheze.  Ariko igihe umumarayika agira indwi+ azoba agira avuze urumbete rwiwe+, rya banga ryeranda+, ari yo nkuru nziza Imana yamenyesheje abashumba bayo b’abahanuzi+, rizoba rirangutse*  Rya jwi numva rivuye mw’ijuru+ ryongera kumbwira riti: «Genda utore urya muzingo uzinguruye uri mu kuboko kw’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga no kw’isi+  Nca ngenda kuri uwo mumarayika, ndamubwira ngo ampe ako kazingo. Na we ambwira ati: «Kakire ukarye+. Kaza gutuma mu nda yawe harura, mugabo mu kanwa karaza kugusosera nk’ubuki.» 10  Nca ntora ako kazingo mu kuboko kwiwe ndakarya+. Mu kanwa kanje karasosa nk’ubuki+, ariko maze kukamira karanduriye mu nda. 11  Baca bambwira bati: «Utegerezwa kwongera kuvuga ubuhanuzi bwerekeye amoko y’abantu, amahanga, abantu bavuga indimi zitandukanye n’abami benshi.»

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ibirenge.»
Canke «rirangiye.»