Ivyahishuriwe Yohani 10:1-11
10 Mbona uwundi mumarayika akomeye yariko amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu. Umutwe wiwe wari ukikujwe n’umunywamazi, mu maso hiwe hari hameze nk’izuba+, amaguru* yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.
2 Yari afise mu kuboko akazingo gatoyi kazinguruye. Araheza ashinga ukuguru kw’ukuryo ku kiyaga, ukubamfu na kwo agushinga kw’isi,
3 maze arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe iroshe+. Asemereye, ya mituragaro indwi+ yaciye ivuga.
4 Igihe iyo mituragaro indwi yavuga, nagira nandike, ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru+ rivuga riti: «Ibintu iyo mituragaro indwi ivuze nubigire ibanga, ntuvyandike.»
5 Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga no kw’isi aca aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo akwerekeza mw’ijuru,
6 arahira umwe ariho gushika ibihe bidahera+, umwe yarema ijuru n’ibiri muri ryo, isi n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co+. Avuga ati: «Igihe co kurindira caheze.
7 Ariko igihe umumarayika agira indwi+ azoba agira avuze urumbete rwiwe+, rya banga ryeranda+, ari yo nkuru nziza Imana yamenyesheje abashumba bayo b’abahanuzi+, rizoba rirangutse*.»
8 Rya jwi numva rivuye mw’ijuru+ ryongera kumbwira riti: «Genda utore urya muzingo uzinguruye uri mu kuboko kw’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga no kw’isi+.»
9 Nca ngenda kuri uwo mumarayika, ndamubwira ngo ampe ako kazingo. Na we ambwira ati: «Kakire ukarye+. Kaza gutuma mu nda yawe harura, mugabo mu kanwa karaza kugusosera nk’ubuki.»
10 Nca ntora ako kazingo mu kuboko kwiwe ndakarya+. Mu kanwa kanje karasosa nk’ubuki+, ariko maze kukamira karanduriye mu nda.
11 Baca bambwira bati: «Utegerezwa kwongera kuvuga ubuhanuzi bwerekeye amoko y’abantu, amahanga, abantu bavuga indimi zitandukanye n’abami benshi.»