Itanguriro 9:1-29
9 Nuko Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe, ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi+.
2 Ndabahaye kuganza+ ibikoko vyose vyo kw’isi, ibikoko vyose biguruka mu kirere n’ibindi bikoko vyose bigendagenda kw’isi hamwe n’amafi yose yo mu kiyaga, kandi bizobatinya.
3 Ibikoko vyose ndabibahaye ngo bibabere ibifungurwa+. Ndabibahaye vyose nk’uko nabahaye ibiterwa bitotahaye+.
4 Ariko inyama zirimwo ubuzima bwazo, ni ukuvuga amaraso yazo+, ntimuze muzirye+.
5 Kandi amaraso yanyu, ari yo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza igikoko cose kizoyasesa, kandi umuntu wese azosesa amaraso ya mugenziwe nzoyamwishuza+.
6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe na we azoseswa n’umuntu+, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo+.
7 Nayo mwebwe, nimurondoke, mugwire, mwongerekane cane kw’isi kandi muyuzure+.»
8 Maze Imana ibwira Nowa n’abahungu biwe iti:
9 «Ngiraniye isezerano namwe+ n’uruvyaro rwanyu
10 hamwe n’ibifise ubuzima vyose muri kumwe: inyoni, ibikoko vy’ibitungano n’ibindi bikoko vyose muri kumwe, ibikoko vyose bivuye mu bwato, emwe ibikoko vyose vyo kw’isi+.
11 Egome, ngiraniye isezerano namwe: sinzokwigera nsubira guhonya igifise umubiri cose nkoresheje umwuzure, kandi sinzokwigera nsubira gutikiza isi nkoresheje umwuzure+.»
12 Imana yongerako iti: «Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiraniye namwe hamwe n’ibikoko vyose muri kumwe, uko urunganwe* ruzokurikira urundi:
13 nshize umunywamazi wanje mu bicu, kandi uzoba ikimenyetso c’isezerano riri hagati yanje n’isi.
14 Igihe cose nzanye ibicu hejuru y’isi, umunywamazi uzoca uboneka muri vyo.
15 Nanje nzoca nibuka isezerano nagiraniye namwe be n’ibikoko vy’ubwoko bwose. Amazi ntazokwigera asubira gucika umwuzure wo gutikiza ibiri n’umubiri vyose+.
16 Uwo munywamazi uzoboneka mu bicu, nanje nzowubona nce nibuka isezerano ry’ibihe bidahera nagiraniye n’igifise umubiri cose kiri kw’isi.»
17 Imana yongera kubwira Nowa iti: «Ico ni co kimenyetso c’isezerano ngiraniye nawe n’igifise umubiri cose kiri kw’isi+.»
18 Abahungu ba Nowa bavuye mu bwato bari Shemu, Hamu na Yafeti+. Hamu yahavuye avyara Kanani+.
19 Uko ari batatu bari abahungu ba Nowa, kandi abantu bose baba kw’isi ni bo bakomotseko+.
20 Nuko Nowa aba umurimyi maze atera umurima w’imizabibu.
21 Hanyuma umusi umwe anywa umuvinyu araborerwa, araheza yiyambura impuzu ari mw’ihema ryiwe.
22 Maze Hamu se wa Kanani abona se wiwe ari gusa, aca aja kubibwira benewabo babiri bari hanze.
23 Shemu na Yafeti baca bafata impuzu bayishira ku bitugu, binjira bagenza imigongo. Bapfuka se baraba hirya, ntibabona ubwambure bwiwe.
24 Umuvinyu umaze kumuvako, Nowa amenya ivyo umuhungu wiwe mutoyi yari yamukoreye,
25 aca avuga ati:
«Kanani arakavumwa+.
Nabe uwa nyuma mu bashumba ba benewabo+.»
26 Yongerako ati:
«Hashemezwe Yehova, Imana ya Shemu,ariko Kanani nacike umushumba wa Shemu+.
27 Imana nihe akarere kanini cane Yafeti,kandi niyibere mu mahema ya Shemu.
Kanani kandi nabe umushumba wa Yafeti.»
28 Nowa abandanya kubaho imyaka 350 inyuma y’umwuzure+.
29 Imyaka yose Nowa yamaze yabaye 950, araheza arapfa.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «iyaruka.»