Indirimbo ya Salomo 7:1-13

  • Umwami (1-9a)

    • «Ewe mukobwa nikundira, ese ukuntu uri mwiza» (6)

  • Umukobwa (9b-13)

    • «Ndi uw’umukunzi wanje, kandi ni jewe yipfuza» (10)

7  «Ese ukuntu ibirenge vyawe ari vyiza mu birato* vyawe,ewe mukobwa w’iteka! Amatako yawe ameze nk’udusharizotwakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene.   Umukondo wawe umeze nk’ibakure ifukuye. Ese itokwigera iburamwo umuvinyu uvanze. Inda yawe ni ikirundo c’ingano,gikikujwe n’amashurwe y’amalisi.   Amabere yawe abiri ameze nk’imyagazi ibiri,amahasa y’ingeregere+.   Izosi ryawe+ rimeze nk’umunara w’amasenge*+. Amaso yawe+ ameze nk’ibidengeri vy’amazi vy’i Heshiboni+,biri hafi y’irembo ry’i Bati-Rabimu. Izuru ryawe rimeze nk’umunara w’i Libani,uraba i Damasiko.   Umutwe wawe ni mwiza nk’umusozi Karumeli+,kandi umushatsi+ wo ku mutwe wawe umeze nk’ubwoya busa n’umuyugubwe*+. Umwami yaratwawe umutima* n’ibisuko vyawe birebire.   Ewe mukobwa nikundira, ese ukuntu uri mwiza!Urateye igomwe kuruta ibintu vyose bihimbaye!   Uburebure bwawe ni nk’ubw’ikigazi,amabere yawe na yo ameze nk’imisoko y’amatende*+.   Navuze nti: “Ngira nurire ico kigazi,mfate udushami turiko ivyamwa vyaco.” Ese amabere yawe yomera nk’imisoko y’inzabibu,impemu zawe zikamota nk’ivyamwa vy’amapome,   akanwa* kawe na ko kakamera nk’umuvinyu mwiza kuruta iyindi.» «Ese woshunguruka neza mu muhogo w’umukunzi wanje,nk’akavinyu gatemba bukebuke ku minwa y’abasinziriye. 10  Ndi uw’umukunzi wanje+,kandi ni jewe yipfuza. 11  Ingo mukunzi wanje,dusohoke tuje mu gahinga,tuje kwibera mu biterwa vy’ihina+. 12  Reka tuzinduke, twigire mu mirima y’imizabibu,tuje kuraba ko imizabibu yanaze*,ko amashurwe yasambuye+be n’uko ibiti vy’amakomamanga vyashuritse+. Aho ni ho nzokwerekera urukundo ndagufitiye+. 13  Amadudayimu*+ yatanguye kumota.Ku miryango yacu hari ivyamwa vyizavyiza+ vy’ubwoko bwose. Ivyamwa bishasha be n’ivya kera,vyose narabikubikiye, mukunzi wanje.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu masandari.»
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Canke «yaragizwe imbohe.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Amatende ni ubwoko bw’ikigazi.
Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
Canke «yameze.»
Vyari ivyamwa abantu biyumvira ko bifasha kurondoka.