Gusubira mu vyagezwe 19:1-21
19 Yehova Imana yanyu niyarandura amahanga yo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, mukomora abantu baho maze mukaba mu bisagara vyabo no mu mazu yabo+,
2 muze mutore ibisagara bitatu mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+.
3 Igihugu Yehova Imana yanyu azoba yabahaye muzokigaburamwo gutatu, hanyuma mugicemwo amabarabara kugira ngo umuntu yishe uwundi ashobore guhungira muri kimwe muri ivyo bisagara.
4 Igihe umuntu yishe mugenziwe atabishaka kandi akaba atari asanzwe amwanka, akwiye guca ahungirayo kugira abandanye kubaho+.
5 Nk’akarorero, igihe bajanye na mugenziwe mw’ishamba gusenya, hanyuma akaduza ishoka kugira yicire igiti, maze ishoka ikarokoka ikamutarukirako agapfa, uwo muntu akwiye guca ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara kugira abandanye kubaho+.
6 Ahandiho uwuhora amaraso y’uwishwe+ yohava amwirukako yarunguye n’ishavu hanyuma akamufata akamwica, kuko ico gisagara coba kiri kure cane. Ariko ntiyari akwiye gupfa kuko atari asanzwe yanka mugenziwe+.
7 Ni co gituma ndabategetse nti: “Muze mutore ibisagara bitatu.”
8 Yehova Imana yanyu azokwagura akarere kanyu nk’uko yabirahiye ba sokuruza banyu+, kandi azobaha igihugu cose yabasezeraniye+.
9 (Ariko kugira ivyo bishoboke, mutegerezwa gukurikiza neza amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukagendera mu nzira ziwe+.) Igihugu canyu rero nicamara kwaguka, muzokwongerako ibindi bisagara bitatu vy’ubuhungiro+.
10 Aho rero nta maraso y’intungane azoseseka+ mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu, kandi ntimuzokwagirwa n’amaraso+.
11 Ariko nimba umuntu yari asanzwe yanka mugenziwe+, akamubundira maze akamukomeretsa cane agapfa, hanyuma agaca ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara,
12 abashingantahe bo mu gisagara iwabo baze batume umuntu kumukurayo, maze bamushikirize uwuhora amaraso y’uwishwe. Ategerezwa gupfa+.
13 Ntimuze* mumwumvire akagongwe. Mutegerezwa gukura muri Isirayeli uwagiriwe no gusesa amaraso y’intungane+, kugira bibagendere neza.
14 Nimwamara kuronka intoranwa yanyu mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntimuze mwimure uturimbi twa bagenzi banyu+ ngo mudukure aho ba sokuruza badushinze.
15 Icabona kimwe gusa ntigihagije kugira umuntu yagirwe n’icaha+. Ikintu cose gikwiye kwemezwa gishingiwe intahe n’ivyabona bibiri canke bitatu+.
16 Nihagira uwagiriza uwundi ikosa kanaka ku karenganyo+,
17 abo bantu babiri bafitaniye amatati baze bahagarare imbere ya Yehova n’imbere y’abaherezi n’abacamanza bazoba bariko barakora ico gihe+.
18 Abacamanza baze babitohoze bitonze+. Nibasanga ariko yagiriza ibinyoma mwenewabo,
19 mutegerezwa kumugirira nk’uko yagomba kugirira mwenewabo+. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe+.
20 Abasigaye bazovyumva batinye, kandi nta wuzosubira gukora ikibi nk’ico muri mwebwe+.
21 Ntimuze mumwumvire akagongwe+: ubuzima buze buhorwe ubundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi n’ukuguru ku kundi+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»