Gusubira mu vyagezwe 19:1-21

  • Kwagirwa n’amaraso hamwe n’ibisagara vy’ubuhungiro (1-13)

  • Kirazira kwimura uturimbi (14)

  • Ivyabona mu rubanza (15-21)

    • Hasabwa ivyabona bibiri canke bitatu (15)

19  Yehova Imana yanyu niyarandura amahanga yo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, mukomora abantu baho maze mukaba mu bisagara vyabo no mu mazu yabo+,  muze mutore ibisagara bitatu mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+.  Igihugu Yehova Imana yanyu azoba yabahaye muzokigaburamwo gutatu, hanyuma mugicemwo amabarabara kugira ngo umuntu yishe uwundi ashobore guhungira muri kimwe muri ivyo bisagara.  Igihe umuntu yishe mugenziwe atabishaka kandi akaba atari asanzwe amwanka, akwiye guca ahungirayo kugira abandanye kubaho+.  Nk’akarorero, igihe bajanye na mugenziwe mw’ishamba gusenya, hanyuma akaduza ishoka kugira yicire igiti, maze ishoka ikarokoka ikamutarukirako agapfa, uwo muntu akwiye guca ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara kugira abandanye kubaho+.  Ahandiho uwuhora amaraso y’uwishwe+ yohava amwirukako yarunguye n’ishavu hanyuma akamufata akamwica, kuko ico gisagara coba kiri kure cane. Ariko ntiyari akwiye gupfa kuko atari asanzwe yanka mugenziwe+.  Ni co gituma ndabategetse nti: “Muze mutore ibisagara bitatu.”  Yehova Imana yanyu azokwagura akarere kanyu nk’uko yabirahiye ba sokuruza banyu+, kandi azobaha igihugu cose yabasezeraniye+.  (Ariko kugira ivyo bishoboke, mutegerezwa gukurikiza neza amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukagendera mu nzira ziwe+.) Igihugu canyu rero nicamara kwaguka, muzokwongerako ibindi bisagara bitatu vy’ubuhungiro+. 10  Aho rero nta maraso y’intungane azoseseka+ mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu, kandi ntimuzokwagirwa n’amaraso+. 11  Ariko nimba umuntu yari asanzwe yanka mugenziwe+, akamubundira maze akamukomeretsa cane agapfa, hanyuma agaca ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara, 12  abashingantahe bo mu gisagara iwabo baze batume umuntu kumukurayo, maze bamushikirize uwuhora amaraso y’uwishwe. Ategerezwa gupfa+. 13  Ntimuze* mumwumvire akagongwe. Mutegerezwa gukura muri Isirayeli uwagiriwe no gusesa amaraso y’intungane+, kugira bibagendere neza. 14  Nimwamara kuronka intoranwa yanyu mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntimuze mwimure uturimbi twa bagenzi banyu+ ngo mudukure aho ba sokuruza badushinze. 15  Icabona kimwe gusa ntigihagije kugira umuntu yagirwe n’icaha+. Ikintu cose gikwiye kwemezwa gishingiwe intahe n’ivyabona bibiri canke bitatu+. 16  Nihagira uwagiriza uwundi ikosa kanaka ku karenganyo+, 17  abo bantu babiri bafitaniye amatati baze bahagarare imbere ya Yehova n’imbere y’abaherezi n’abacamanza bazoba bariko barakora ico gihe+. 18  Abacamanza baze babitohoze bitonze+. Nibasanga ariko yagiriza ibinyoma mwenewabo, 19  mutegerezwa kumugirira nk’uko yagomba kugirira mwenewabo+. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe+. 20  Abasigaye bazovyumva batinye, kandi nta wuzosubira gukora ikibi nk’ico muri mwebwe+. 21  Ntimuze mumwumvire akagongwe+: ubuzima buze buhorwe ubundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi n’ukuguru ku kundi+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»