Gusubira mu vyagezwe 16:1-22

  • Pasika; umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro (1-8)

  • Umusi mukuru w’amayinga (9-12)

  • Umusi mukuru w’insago (13-17)

  • Kugena abacamanza (18-20)

  • Ibintu bitemewe gukoreshwa mu gusenga (21, 22)

16  Mwibuke ko ukwezi kwa Abibu* guhambaye. Mutegerezwa guhimbaza Pasika ya Yehova Imana yanyu+ mu kwezi kwa Abibu, kuko muri ukwo kwezi ari ho Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri mw’ijoro+.  Muze mushikanire Yehova Imana yanyu ikimazi ca Pasika+ kivuye mu bitungwa+, mugishikanire ahantu Yehova azoba yatoye ngo hitirirwe* izina ryiwe+.  Ntimuze mugikoze ikintu na kimwe kirimwo umwambiro+. Muzomara imisi indwi murya umukate utarimwo umwambiro, umukate w’amagorwa, kuko mwavuye mu Misiri gihutihuti+. Muzobigira gutyo kugira mwibuke umusi mwavuye mu Misiri igihe cose muzoba mukiriho+.  Muri iyo misi indwi, nta mwambiro ukwiye kuboneka aho muzoba muba hose+. Inyama z’ikimazi muzoba mwashikanye ku musi wa mbere ku mugoroba ntizikwiye kurara+.  Ntimuzopfa gushikanira ikimazi ca Pasika mu gisagara ico ari co cose mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe.  Ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe, ni ho muzoshikanira ico kimazi. Muzoshikana ikimazi ca Pasika ku mugoroba izuba rirenze+, kw’itariki ihuriranye n’igihe mwava mu Misiri.  Muzoteka ico kimazi kandi mukirire+ ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye+. Bukeye muzoshobora gusubira mu mahema yanyu.  Muzomara imisi itandatu murya imikate itarimwo umwambiro. Ku musi ugira indwi muzogira ikoraniro ridasanzwe rya Yehova Imana yanyu. Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora+.  Mukwiye guharura amayinga indwi kuva mutanguye kwimbura ivyimburwa vy’intete+. 10  Muzoca muhimbaza umusi mukuru w’amayinga wa Yehova Imana yanyu+, mukoresheje amashikanwa mutanga muvyishakiye. Muzoyatanga mwisunze ukuntu Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye+. 11  Mukwiye kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu, muri ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe. Muzonezeranwa n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore hamwe n’Abalewi bari mu bisagara* vyanyu, mutibagiye ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebwe+. 12  Mwibuke ko mwabaye abashumba mu Misiri+. Mukwiye rero kwubahiriza ayo mategeko kandi mukayakurikiza. 13  Nimwamara kwegeranya ivyimburwa mwakubitiye ku mbuga hamwe n’ivyo mwaganiye mu mato y’amavuta n’ay’umuvinyu, muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru w’insago*+. 14  Muze muryoherwe kuri uwo musi mukuru+ mwe n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore, mutibagiye Abalewi, ba kavamahanga hamwe n’impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu. 15  Muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru+ wa Yehova Imana yanyu, muwuhimbarize ahantu Yehova azoba yatoye, kuko Yehova Imana yanyu azohezagira ivyimburwa vyanyu vyose n’ivyo mukora vyose+. Muze murangwe n’umunezero gusa+. 16  Gatatu mu mwaka, abagabo bose bakwiye kuza imbere ya Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye. Bazoza ku musi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, ku musi mukuru w’amayinga+ no ku musi mukuru w’insago+. Nta n’umwe akwiye kuza imbere ya Yehova iminwe misa. 17  Umwe wese azotanga bivanye n’ingene Yehova Imana yanyu azoba yamuhezagiye+. 18  Muze mushireho abacamanza+ n’abarongozi mu muryango umwumwe wose mu bisagara vyose Yehova Imana yanyu agira abahe, kandi bategerezwa gucira abantu imanza zigororotse. 19  Ntimuze mugoreke urubanza+. Ntimuzogire nkunzi+ canke ngo murye igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu baciye ubwenge*+ kandi kigatuma abagororotsi bavuga ibigoramye. 20  Ubutungane, emwe ubutungane ni bwo mukwiye kwama mwisunga+, kugira mubandanye kubaho maze mwigarurire igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe. 21  Ntimuze mutere igiti na kimwe ngo kibe inkingi nyeranda*+ hampande y’igicaniro mwubakiye Yehova Imana yanyu. 22  Ntimukwiye no kwishingira inkingi nyeranda z’amabuye+, kuko ari ikintu Yehova Imana yanyu yanka.

Utujambo tw'epfo

Canke «habe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Canke «inkerebutsi.»
Raba Insiguro y’amajambo (Inkingi nyeranda y’igiti).