Gusubira mu vyagezwe 14:1-29
14 Muri abana ba Yehova Imana yanyu. Ntimuze mwikebagure+ canke ngo mwimwe ibigohe* kubera umuntu yapfuye+.
2 Muri ihanga ryeranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova yarabatoye ngo mube abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe* mu yandi mahanga yose ari kw’isi+.
3 Ntimuze mwigere murya ikintu na kimwe gishisha+.
4 Ibi ni vyo bikoko mushobora kurya+: ishuri, intama, impene,
5 impongo, ingeregere, inzobe, impene yo mw’ishamba, ifumberi*, intama yo mw’ishamba hamwe n’intama yo mu misozi.
6 Murashobora kurya igikoko ico ari co cose cuza kandi gifise ikinono gisatuyemwo kubiri.
7 Ariko ibi bikoko vyuza canke bifise ikinono gisatuye ntimukwiye kubirya: ingamiya, urukwavu rwo mw’ishamba n’inkezi yo mu bitandara, kuko vyuza ariko bikaba bidafise ibinono bisatuye. Birahumanye kuri mwebwe+.
8 Ingurube na yo nyene ntimukwiye kuyirya, kuko ifise ikinono gisatuye mugabo ikaba ituza. Irahumanye kuri mwebwe. Ntimukwiye kurya inyama z’ivyo bikoko canke ngo mukore ku mivyimba yavyo.
9 Ibi ni vyo mushobora kurya mu bintu vyose biba mu mazi: ikintu cose gifise amababa n’ibigaragamba murashobora kukirya+.
10 Ariko ntimukwiye kurya ikintu na kimwe kidafise amababa n’ibigaragamba. Kirahumanye kuri mwebwe.
11 Murashobora kurya inyoni iyo ari yo yose idahumanye.
12 Ariko ibi ntimukwiye kubirya: inkona, kagoma, inkukuma yirabura+,
13 ikinyamwanira gitukura, ikinyamwanira cirabura n’ubundi bwoko bwose bw’ibinyamwanira,
14 ubwoko bwose bw’ibikona,
15 imbuni*, igihuna, inguriguri, ubwoko bwose bw’agaca,
16 agahuna gatoyi, igihuna c’amatwi maremare, imbata yo mu mazi,
17 inyanana, inkukuma, ikirovyi,
18 agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure n’agahungarema.
19 Udukoko twose tw’amababa na two nyene turahumanye kuri mwebwe. Ntimukwiye kuturya.
20 Murashobora kurya igikoko cose kiguruka kidahumanye.
21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu.
Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
22 Mubwirizwa gutanga ic’icumi c’ibintu vyose vyeze mu mirima yanyu buri mwaka+.
23 Muzozana ic’icumi c’intete zanyu, ic’umuvinyu mushasha, ic’amavuta hamwe n’ibivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu, muheze mubirire imbere ya Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye ngo hitirirwe* izina ryiwe+, kugira mwige kwama mutinya Yehova Imana yanyu+.
24 Ariko urugendo nirwaba rurerure cane, bitumwe n’uko ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo izina ryiwe ribe+ ari kure, mukaba mudashoboye kubishikanayo (kuko Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye),
25 murashobora kuzoca mubigurisha, ayo mahera akaba ari yo mujana ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye.
26 Ayo mahera muzoshobora kuyagura ikintu cose mwipfuza, yaba ari inka, intama, impene, umuvinyu canke izindi nzoga, ikintu ico ari co cose mushaka. Muzoheza mubirire imbere ya Yehova Imana yanyu, muhimbarwe muri kumwe n’imiryango yanyu+.
27 Ntimuze mwirengagize Abalewi baba mu bisagara vyanyu+, kuko ata mugabane canke intoranwa bahawe muri mwebwe+.
28 Uko haheze imyaka itatu, muzokwegeranya ic’icumi c’ivyo mwimbuye muri uwo mwaka, maze mubishire mu bisagara vyanyu+.
29 Hanyuma Abalewi (kuko ata mugabane canke intoranwa bahawe muri mwebwe), ba kavamahanga, impfuvyi hamwe n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu, bazoza babirye bahage+ kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu ruhanga.» Mu giheburayo havuga ngo «ntimuze mwice ubuhanza hagati y’amaso yanyu.»
^ Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»
^ Ni igikoko co mu bwoko bw’impongo.
^ Mu gifaransa ni autruche.
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
^ Canke «habe.»