Esiteri 10:1-3

  • Ubukuru Morudekayi yari afise (1-3)

10  Umwami Ahasuwerusi yarategetse ko abantu bo mu gihugu n’ababa mu mazinga yo mu kiyaga bakora ibikorwa vy’agahato. 2  Ibintu vyose bikomeye yakoze, ububasha yerekanye n’ido n’ido ry’ubukuru umwami yahaye Morudekayi+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe+ c’abami b’Ubumedi n’Ubuperesi+. 3  Uwo Muyuda Morudekayi yagira kabiri ku mwami Ahasuwerusi. Yari umuntu ahambaye* mu Bayuda kandi benewabo bose uko ari isinzi baramwubaha. Yaharanira ineza y’abo mw’ihanga iwabo, akarondera n’ineza y’ababakomotseko* bose.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «yaremerwa cane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «akavugira amahoro y’uruvyaro rwabo.»