Daniyeli 7:1-28
7 Mu mwaka wa mbere Belushazari+ umwami wa Babiloni ari ku ngoma, Daniyeli yararose indoto yongera arerekwa ibintu ari ku gitanda ciwe+. Yaciye yandika iyo ndoto+, yigana iyo nkuru yose.
2 Avuga ati:
«Nariko nitegereza ivyo neretswe mw’ijoro, maze mbona ya miyaga ine yo mw’ijuru iriko irahuhuta, igatuma ikiyaga kinini gisebagirika+.
3 Muri ico kiyaga haca havayo ibikoko bine bininibinini+, kandi nta na kimwe casa n’ikindi.
4 Ica mbere casa n’intambwe+, ariko cari gifise amababa y’inkona+. Nagumye nitegereza gushika amababa yaco aranduwe, hanyuma kirahagurutswa maze gihagarikwa kw’isi ku maguru abiri nka kurya kw’umuntu, kandi gihabwa umutima w’umuntu.
5 Maze mbona ikindi gikoko kigira kabiri kimeze nk’idubu+. Uruhande rumwe rwari hejuru, kandi cari gifise amagufa atatu y’imbavu mu kanwa hagati y’amenyo. Hanyuma kibwirwa ngo: “Haguruka, urye inyama nyinshi+.”
6 Inyuma y’ivyo nguma nitegereza, maze mbona ikindi gikoko gisa n’ingwe+, ariko ku mugongo waco cari gifise amababa ane nk’ay’inyoni. Cari gifise imitwe ine+, maze gihabwa ububasha bwo kuganza.
7 Inyuma y’ivyo, nguma nitegereza ivyo nariko nderekwa mw’ijoro, maze mbona igikoko kigira kane gitinyitse, giteye ubwoba cane. Cari gikomeye bidasanzwe kandi cari gifise ivyinyo bininibinini vy’icuma. Caratabagura kikajanjagura ibintu vyose, ibisigaye kikabihonyanga+. Cari gitandukanye n’ibindi bikoko vyose vyaje imbere yaco, kandi cari gifise amahembe cumi.
8 Ncitegereza ayo mahembe, nagiye mbona akandi gahembe gatoyi+ kanaze hagati yayo, atatu muri ya mahembe ya mbere aca arandurwa imbere yako. Ako gahembe kari gafise amaso nk’ay’umuntu n’umunwa uvugana ubwishime*+.
9 Mbandanya kwitegereza, maze mbona bazanye intebe z’ubwami, hanyuma Umwe wa kera cane+ aricara+. Impuzu ziwe zarera nk’urubura*+, kandi umushatsi wo ku mutwe wiwe warera cane nk’ubwoya bw’intama. Intebe yiwe yari imbeya z’umuriro, kandi amapine yayo yari umuriro ururumba+.
10 Umugezi w’umuriro waguma utemba uva imbere yiwe+. Abamarayika ibihumbi kugwiza igihumbi baguma bamukorera, kandi ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi bari bahagaze imbere yiwe+. Nuko Sentare+ irasasa, ibitabu birazingururwa.
11 Mbandanya kwitegereza kubera ka gahembe kariko gatera urwamo, kavuga amajambo y’ubwishime+. Nkiriko nditegereza, ca gikoko kiricwa maze umuvyimba waco utererwa mu muriro, urasha uratokombera.
12 Ariko ibikoko bisigaye+ vyakwa ubutegetsi bwavyo, mugabo vyongerwa kubaho ikiringo kanaka*.
13 Nguma nitegereza ivyo neretswe mw’ijoro, maze mbona uwusa n’umwana w’umuntu+ azananye n’ibicu. Araheza yemererwa kuja aho Umwe wa kera cane+ ari, baramujana gushika imbere yiwe.
14 Aca ahabwa ubutegetsi+, iteka+ n’ubwami kugira ngo abantu bo mu moko yose, amahanga yose n’indimi zitandukanye bamukorere+. Ubutegetsi bwiwe ni ubutegetsi bwamaho, butagira iherezo, kandi ubwami bwiwe ntibuzokwigera busenyurwa+.
15 Mugabo jewe Daniyeli, nari mpagaritse umutima kuko ivyo neretswe vyari vyanteye ubwoba+.
16 Nca negera umwe mu bari bahagaze ng’aho, kugira ndamubaze ico ivyo bintu bisobanura vy’ukuri. Aca aranyishura yongera ambwira insobanuro yavyo ati:
17 “Ivyo bikoko bine bininibinini+, bigereranya abami bane bazofata ubutegetsi kw’isi+.
18 Ariko aberanda ba Rudasumbwa+ bazohabwa ubwo bwami+, kandi buzoba rwabo+ ibihe vyose, emwe gushika ibihe bidahera.”
19 Naciye nipfuza kumenya neza ivya ca gikoko kigira kane, kimwe cari gitandukanye n’ibindi vyose. Cari giteye ubwoba cane kandi cari gifise ivyinyo vy’icuma n’ivyara vy’umujumpu. Caratabagura kikajanjagura ibintu vyose, ibisigaye kikabihonyanga+.
20 Naripfuje kandi kumenya ivya ya mahembe cumi+ yari ku mutwe waco, na rya rindi hembe ryanaga maze amahembe atatu agaca arandurwa imbere yaryo+. Iryo hembe ryari rifise amaso n’umunwa uvugana ubwishime, kandi ryaboneka ko ari rinini kuruta ayandi.
21 Nagumye nitegereza, maze mbona iryo hembe ririko rirwanya aberanda, kandi ryariko rirabatsinda+,
22 gushika Umwe wa kera cane+ aje, agatunganiriza aberanda ba Rudasumbwa+, maze igihe kirashika c’uko aberanda batorana ubwami+.
23 Iyi ni yo nsobanuro yampaye: “Igikoko kigira kane, kigereranya ubwami bugira kane buzoza kw’isi. Buzoba butandukanye n’ubwo bundi bwami bwose, kandi buzoyogeza isi yose, buyihonyange bwongere buyijanjagure+.
24 Ayo mahembe cumi, agereranya abami cumi bazoganza bavuye muri ubwo bwami. Inyuma yabo hazoza uwundi mwami atandukanye n’abo bambere, kandi azocisha bugufi abami batatu+.
25 Azovuga nabi Imana Musumbavyose+, kandi azoguma atoteza aberanda ba Rudasumbwa. Azokwiyumvira guhindura ibihe n’amategeko, kandi aberanda bazorekerwa mu maboko yiwe gushika hace igihe, ibihe n’igice c’igihe*+.
26 Ariko Sentare yarashashe, maze yakwa ubutegetsi bwiwe kugira bamuzimanganye, bamutikize burundu+.
27 Maze ubwami, ubutegetsi n’icubahiro c’ubwami bwose buri munsi y’ijuru bihabwa ihanga rigizwe n’aberanda ba Rudasumbwa+. Ubwami bwabo ni ubwami bwamaho+, kandi ubutegetsi bwose buzobakorera, bubagamburukire.”
28 Aha ni ho iyo nkuru irangiriye. Nayo jewe Daniyeli, ivyiyumviro vyanje vyarampagaritse umutima cane, ku buryo nijirwa mu maso*. Ariko ivyo bintu nabigumije ku mutima.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubwibone.»
^ Canke «zarera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Canke «igihe n’ikiringo.»
^ Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.
^ Canke «ku buryo mu maso hanje hahinduka.»