Amosi 6:1-14

  • Haragowe abantu biyizigira! (1-14)

    • Ibitanda vy’amasenge; amabakure y’umuvinyu (4,6)

6  «Baragowe abantu b’i Siyoni biyizigira*,bakumva bitekaniye ku musozi w’i Samariya+,abantu bakomakomeye bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi,barya inzu ya Isirayeli yitura.  2  Genda i Kalune murabe, hanyuma muveyo muje i Hamati+ igisagara gihambaye,muce mumanuka i Gati h’Abafilisitiya. Mbega ivyo bisagara vyoba ari vyiza kuruta ubu bwami*?Canke akarere kabo koba kagutse gusumba ak’iwanyu?  3  Muriko muriyobagiza wa musi w’ivyago+,mugashiraho intwaro* y’agacinyizo+.  4  Biryamira ku bitanda vy’amasenge*+, bakigaramira ku ntebe nzizanziza*+bariko barya impfizi z’intama zo mu busho n’inyana* zivyibushe+.  5  Bifondera indirimbo bajanisha n’ijwi ry’inanga+,bakihingurira ibicurarangisho* bishasha nka Dawidi+.  6  Banywera umuvinyu mu mabakure+kandi bakisiga amavuta mezameza, ariko ntibitaho* ivyago vya Yozefu+.  7  Ni co gituma bazoba aba mbere mu kujanwa mu bunyagano+,kandi ukwidagadura kutabereye kw’abigaramangira kuzorangira.  8  “Umukama Segaba Yehova arirahiye+”, ni ko Yehova Imana Nyeningabo avuze:“‘Ndanka ubwishime bwa Yakobo+.Iminara yiwe ikomeye iranshisha+,kandi igisagara ciwe n’ibicuzuye nzobiha abansi+. 9  Naho mu nzu imwe hoba hasigaye abantu cumi, na bo nyene bazopfa. 10  Incuti yabo* izoza kubatwara ibaturire umwumwe. Izosohora amagufa yabo hanze, hanyuma ibaze uwuri indani mu cumba iti: “Hari uwundi muri kumwe?” Na we azoyishura ati: “Nta n’umwe!” Izoca ivuga iti: “Hora! Kuko atari igihe co kuvuga izina rya Yehova.”’ 11  Kuko Yehova ari we azoba yatanze itegeko+.Azobomora inzu nininini zisigare ari isakamburira,inzu ntonto na zo zisigare ari ubunywenywe+. 12  Mbega amafarasi ariruka ku bitandara vy’amabuye?Canke umuntu yoharimisha inka? Erega ubutungane mwabuhinduye igiterwa c’ubumara,icamwa c’ubugororotsi na co mugihindura umururazi*+. 13  Muhimbarwa n’ibintu bitagira akamaro,mukavuga ngo: ‘Mbega inguvu zacu si zo zatumye tuba abanyenkomezi*+?’ 14  Ku bw’ivyo ga yewe nzu ya Isirayeli, ngira nzane ihanga ribatere+”, ni ko Yehova Imana Nyeningabo avuze,“kandi bazobacinyiza kuva i Lebo-Hamati*+ gushika ku mwonga* w’i Araba.”»

Utujambo tw'epfo

^ Canke «bishinga kwiraramira.»
^ Biboneka ko ari ubwami bw’Ubuyuda n’ubwa Isirayeli.
^ Mu giheburayo havuga ngo «intebe.»
^ Canke «amashuri.»
^ Canke «ku ntebe zimeze nk’uburiri.»
^ Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
^ Canke «ibicurarangisho vy’imirya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntibarwaye kubera.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «sewabo.»
^ Canke «ibamba.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «si zo zatumye twironsa amahembe.»
^ Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»