Amosi 1:1-15

  • Amosi aronka ubutumwa buvuye kuri Yehova (1, 2)

  • Bacirwa imanza kubera baguma bagarariza (3-15)

1  Amajambo ya Amosi* wo mu borozi b’intama b’i Tekowa+. Ayo majambo yerekeye Isirayeli, yayaronse biciye ku vyo yeretswe ku ngoma ya Uziya+ umwami w’Ubuyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli, hasigaye imyaka ibiri ngo habe nyamugigima+. 2  Yavuze ati: «Yehova azoroha ari i Siyoni,kandi azosemerera ari i Yeruzalemu. Uburagiro bw’abungere buzogandara,kandi isonga rya Karumeli rizokwuma+.»  3  «Ibi ni vyo Yehova avuze:“‘Kubera Damasiko yangararije* incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bahuraguye Gileyadi bakoresheje ivyuma*+.  4  Nzorungika rero umuriro ku nzu ya Hazayeli+,kandi uzoturira iminara ikomeye ya Beni-Hadadi+.  5  Nzovunagura ivyugazo vy’i Damasiko+.Nzotikiza ababa i Bikati-Avenihamwe n’umutware* w’i Beti-Edeni,kandi abo muri Siriya bazojanwa mu bunyagano i Kiri+’, ni ko Yehova avuze.”  6  Ibi ni vyo Yehova avuze:“‘Kubera Gaza yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bafashe umugwi wose w’imbohe+ bakawushira mu vyara vy’Abanyedomu.  7  Nzorungika rero umuriro ku mpome z’i Gaza+,kandi uzoturira iminara ikomeye yaho.  8  Nzotikiza ababa i Ashidodi+hamwe n’umutware w’i Ashikeloni+.Nzohana Ekuroni+,kandi n’Abafilisitiya basigaye bazopfa+’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”  9  Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Tiro yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bafashe umugwi wose w’imbohe bakawushira mu vyara vy’Abanyedomu,kandi ntibibutse isezerano bagiraniye na benewabo+. 10  Nzorungika rero umuriro ku mpome z’i Tiro,kandi uzoturira iminara ikomeye yaho+.” 11  Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,akanka kumugirira imbabazi.Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+. 12  Nzorungika rero umuriro i Temani+,kandi uzoturira impome zikomeye z’i Bozira+.” 13  Ibi ni vyo Yehova avuze:“‘Kubera Abamoni+ bangararije incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko bapasuye inda* z’abagore bibungenze b’i Gileyadi, kugira biyagurire akarere kabo+. 14  Nzodomeka rero umuriro ku mpome z’i Raba+,kandi uzoturira iminara ikomeye yaho.Uzoba ari umusi w’urugamba urangwa n’akaruru k’intambara,umusi w’ibihuhusi urangwa n’imiyaga y’ibivumbuzi. 15  Umwami wabo azojanwa mu bunyagano ari kumwe n’abaganwa biwe+’, ni ko Yehova avuze.”

Utujambo tw'epfo

^ Iryo zina risobanura ngo «kuba umuzigo» canke «kwikorera umuzigo.»
^ Canke «yancumuyeko.»
^ Ni ibikoresho bakoresha mu gutonora intete. Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwufise agakoni k’ubwami.»
^ Canke «kuko bafomoje.»