Abalewi 9:1-24

  • Aroni atanga amashikanwa (1-24)

9  Ku musi ugira umunani+, Musa ahamagara Aroni n’abahungu biwe hamwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli.  Abwira Aroni ati: «Tora ishuri ikiri nto y’ishikanwa ry’igicumuro+ n’impfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa, vyose bitagira akanenge uheze ubizane imbere ya Yehova.  Ariko Abisirayeli uzobabwire uti: “Nimuzane isuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro, ishuri be n’isuguru y’intama vy’ishikanwa riturirwa bimaze umwaka umwumwe kandi bitagira akanenge,  hamwe n’impfizi y’inka be n’iy’intama vy’ikimazi co gusangira+, kugira mubishikanire Yehova. Muzane n’ishikanwa ry’intete+ rivanze n’amavuta, kuko Yehova aza kubabonekera+ uyu musi.”»  Baca bazana imbere y’ihema ry’ibonaniro ivyo Musa yari yabategetse. Maze ishengero ryose riraza rihagarara imbere ya Yehova.  Musa rero ababwira ati: «Ibi ni vyo Yehova yabategetse gukora, kugira mubone ubuninahazwa bwa Yehova+  Musa aca abwira Aroni ati: «Egera igicaniro utange ishikanwa ryawe ry’igicumuro+ n’ishikanwa ryawe riturirwa, wongere witangire impongano*+ mwe n’umuryango wawe. Uzoheza utange ishikanwa ry’abantu+ wongere ubatangire impongano+ nk’uko Yehova yategetse.»  Ubwo nyene Aroni aca yegera igicaniro, akerera ya shuri y’ishikanwa ryiwe ry’igicumuro+.  Hanyuma abahungu biwe bamuha amaraso yayo+, na we ayakozamwo urutoke maze ayasiga ku mahembe y’igicaniro. Ayasigaye aca ayasuka ku mushinge w’igicaniro+. 10  Araheza afata ikinure cayo, amafyigo n’ikinure gifashe ku gitigu*, arabiturira bifumba umwotsi ku gicaniro, nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. 11  Inyama zayo n’urushato rwayo aca abituririra inyuma y’ikambi+. 12  Hanyuma Aroni akerera ya mpfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa. Abahungu biwe bamuha amaraso yayo, na we ayamijagira ku mpande zose z’igicaniro+. 13  Bamuha n’ibipande vyayo biri kumwe n’umutwe wayo, na we arabiturira bifumba umwotsi ku gicaniro. 14  Araheza aronga amara yayo n’amaguru* yayo, abituririra hejuru ya rya shikanwa riturirwa, bifumba umwotsi ku gicaniro. 15  Hanyuma atanga ishikanwa ry’abantu: afata ya suguru y’impene igenewe abantu, arayikerera maze ayitanga nk’ishikanwa ry’igicumuro nk’imwe ya mbere. 16  Araheza azana ishikanwa riturirwa, aritanga nk’uko bisabwa n’amategeko+. 17  Hanyuma atanga ishikanwa ry’intete+: ayora urushi kuri ryo, arariturira rifumba umwotsi ku gicaniro, iruhande y’ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo+. 18  Inyuma y’ivyo, Aroni akerera ya mpfizi y’inka na ya mpfizi y’intama y’ikimazi co gusangira kigenewe abantu. Abahungu biwe bamuha amaraso yazo, na we ayamijagira ku mpande zose z’igicaniro+. 19  Ibinure vy’iyo mpfizi y’inka+ na vyo, igitsembe kinuze c’iyo mpfizi y’intama, ikinure gipfutse amara, amafyigo n’ikinure gifashe ku gitigu+, 20  vyose babishira hejuru y’utumeme* tw’ivyo bitungwa, araheza aturira ivyo binure, bifumba umwotsi ku gicaniro+. 21  Ariko utwo tumeme n’iryo tako ry’iburyo, Aroni abizungagiza* nk’ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova, nk’uko Musa yari yategetse+. 22  Hanyuma Aroni aduza amaboko hejuru y’abantu arabahezagira+. Ahejeje gutanga ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa riturirwa hamwe n’ibimazi vyo gusangira, aca aramanuka. 23  Amaherezo, Musa na Aroni binjira mw’ihema ry’ibonaniro hanyuma barasohoka, maze bahezagira abantu+. Ubuninahazwa bwa Yehova buca bubonekera abantu bose+. 24  Nuko haza umuriro uvuye kuri Yehova+ maze urigata rya shikanwa riturirwa na vya binure biri ku gicaniro. Abantu bose ngo babibone, baca biha akaruru maze barunama mu maso hashika hasi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku gashami k’igitigu.»
Ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.
Canke «ibidari», «inkoro.»
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.