Abalewi 4:1-35

  • Ishikanwa ry’igicumuro (1-35)

4  Yehova abandanya kubwira Musa ati:  «Bwira Abisirayeli uti: “Umuntu niyacumura atabishaka+, agakora ico ari co cose mu bintu Yehova yababujije, uku ni ko bizogenda:  Umuherezi yarobanujwe amavuta*+ niyacumura+ agatuma ihanga ryagirwa n’icaha, akwiye gushikanira Yehova ishuri itagira akanenge bwa shikanwa ry’ico gicumuro yakoze+.  Azoyizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+ imbere ya Yehova, arambike ikiganza ku mutwe wayo hanyuma ayikererere imbere ya Yehova+.  Uwo muherezi yarobanujwe amavuta+ azotora makeyi ku maraso yayo, ayinjize mw’ihema ry’ibonaniro.  Azokoza urutoke muri ayo maraso+, ayamijagire incuro indwi+ imbere ya Yehova, imbere y’irido y’ahantu heranda.  Azosiga kandi amaraso makeyi ku mahembe y’igicaniro c’imibavu imota neza+ kiri imbere ya Yehova mw’ihema ry’ibonaniro. Ayasigaye yose azoca ayasuka ku mushinge w’igicaniro c’amashikanwa aturirwa+ kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.  Azoca akurako ibinure vyose vy’iyo shuri y’ishikanwa ry’igicumuro, ushizemwo ikinure gipfutse amara, ikinure gifashe ku mara  be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu*, agikurireko rimwe n’amafyigo+. 10  Bizoba ari nka birya bakura kw’ishuri y’ikimazi co gusangira+. Umuherezi azobiturira bifumbe umwotsi ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa. 11  Ariko urushato rw’iyo shuri n’inyama zayo zose, biri kumwe n’umutwe, amaguru*, amara be n’amayezi+, 12  ni ukuvuga ibisigaye vyose kuri iyo shuri, azobitwara inyuma y’ikambi aho bata iminyota*, abiturize umuriro w’inkwi+. Bikwiye guturirirwa aho bata iminyota. 13  Ishengero ryose rya Isirayeli niryacumura ritabishaka+ maze rikagirwa n’icaha, ariko ntibamenye* ko abantu bakoze ikintu Yehova yababujije+, 14  ico gicumuro nicamenyekana, bakwiye* gutanga ishuri y’ishikanwa ry’igicumuro, bakayizana imbere y’ihema ry’ibonaniro. 15  Abashingantahe b’ishengero bazorambika ibiganza ku mutwe wayo imbere ya Yehova, hanyuma ikerererwe imbere ya Yehova. 16  Umuherezi yarobanujwe amavuta azoca atora makeyi ku maraso yayo ayinjize mw’ihema ry’ibonaniro. 17  Uwo muherezi azokoza urutoke muri ayo maraso, ayamijagire incuro indwi imbere ya Yehova, aharabana na ya rido+. 18  Azoshira kandi amaraso makeyi ku mahembe y’igicaniro+ kiri imbere ya Yehova mw’ihema ry’ibonaniro. Ayasigaye yose azoca ayasuka ku mushinge w’igicaniro c’amashikanwa aturirwa kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 19  Azoyikurako ibinure vyayo vyose, abituririre ku gicaniro+. 20  Azobigenza nk’uko yabigenjeje kuri ya shuri ya mbere y’ishikanwa ry’igicumuro. Ukwo ni ko umuherezi azobigenza kugira ishengero rikurweko igicumuro*+, kandi bazobabarirwa. 21  Azojana iyo shuri inyuma y’ikambi hanyuma ayiturire nk’uko yaturiye ya shuri ya mbere+. Ni ishikanwa ry’igicumuro ritangiwe ishengero+. 22  Umukuru+ niyacumura atabishaka, agakora kimwe mu bintu vyose Yehova Imana yiwe yabujije, 23  abwirizwa gutanga ishikanwa ry’isuguru y’impene ikiri nto itagira akanenge. Ukwo nyene ni ko azobigenza nibamumenyesha ko yarenze kw’ibwirizwa ry’Imana. 24  Azorambika ikiganza ku mutwe wayo hanyuma ayikererere aho bakererera amashikanwa aturirwa imbere ya Yehova+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 25  Umuherezi azotora makeyi ku maraso y’iryo shikanwa ry’igicumuro akoresheje urutoke, ayasige ku mahembe+ y’igicaniro c’amashikanwa aturirwa. Ayasigaye azoca ayasuka ku mushinge w’igicaniro+. 26  Ibinure vyayo vyose azobituririra ku gicaniro bifumbe umwotsi nka kurya kw’ibinure vy’ikimazi co gusangira+. Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro, kandi azobabarirwa. 27  Umunyagihugu niyacumura atabishaka, agakora kimwe mu bintu Yehova yabujije+, 28  abwirizwa kuzana impene y’ishashi itagira akanenge bwa shikanwa ry’igicumuro yakoze. Ukwo nyene ni ko azobigenza nibamumenyesha igicumuro yakoze. 29  Azorambika ikiganza ku mutwe w’iyo mpene y’ishikanwa ry’igicumuro hanyuma ayikererere aho bakererera amashikanwa aturirwa+. 30  Umuherezi azotora makeyi ku maraso yayo akoresheje urutoke, ayasige ku mahembe y’igicaniro c’amashikanwa aturirwa. Ayasigaye yose azoca ayasuka ku mushinge w’igicaniro+. 31  Azoyikurako ibinure vyayo vyose+ nka kurya bigenda ku kimazi co gusangira+, hanyuma umuherezi abiturire bifumbe umwotsi ku gicaniro, bimotere neza* Yehova. Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro, kandi azobabarirwa. 32  Ariko niyatanga umwagazi w’intama ngo ube ishikanwa ry’igicumuro ciwe, abwirizwa kuzana ishashi itagira akanenge. 33  Azorambika ikiganza ku mutwe w’iyo ntama y’ishikanwa ry’igicumuro hanyuma ayikererere aho bakererera amashikanwa aturirwa+. 34  Umuherezi azotora makeyi ku maraso y’iryo shikanwa ry’igicumuro akoresheje urutoke, ayasige ku mahembe y’igicaniro c’amashikanwa aturirwa+. Ayasigaye yose azoca ayasuka ku mushinge w’igicaniro. 35  Azoyikurako ibinure vyayo vyose nka kurya bigenda kw’isuguru y’intama y’ikimazi co gusangira, hanyuma umuherezi abiturire bifumbe umwotsi ku gicaniro, hejuru y’amashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro+. Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro yakoze, kandi azobabarirwa+.

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «ku gashami k’igitigu.»
Ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.
Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
Bashobora kuba ari abashingantahe b’iryo shengero.
Bashobora kuba ari abashingantahe b’iryo shengero.
Canke «kugira ritangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Mu giheburayo havuga ngo «bibe akamoto karuhura kuri.»