Abalewi 27:1-34
27 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
2 «Bwira Abisirayeli uti: “Umuntu niyagira indagano idasanzwe+ yo guha Yehova amahera angana n’igiciro cashinzwe ku muntu, uku ni ko bikwiye kugenda:
3 igiciro c’umugabo afise imyaka iri hagati ya 20 na 60 azoba ari shekeli 50 z’ifeza hisunzwe shekeli* y’akarorero y’aheranda*.
4 Ariko nimba ari umugore, igiciro ciwe kizoba ari shekeli 30.
5 Nimba afise imyaka 5 gushika kuri 20, igiciro c’umuhungu kizoba ari shekeli 20, ic’umukobwa na co shekeli 10.
6 Nimba ari umwana afise ukwezi kumwe gushika ku myaka itanu, igiciro c’umuhungu kizoba ari shekeli zitanu z’ifeza, ic’umukobwa na co shekeli zitatu z’ifeza.
7 Nimba afise imyaka 60 canke irenga, igiciro c’umugabo kizoba ari shekeli 15, ic’umugore na co 10.
8 Ariko nimba uwo muntu akenye cane ku buryo atoshobora kuriha ico giciro cashinzwe+, azoca ahagarara imbere y’umuherezi hanyuma umuherezi ashinge igiciro ciwe. Azogishinga yisunze ivyo uwagize indagano ashobora kuronka+.
9 Nimba yagize indagano yo gutanga igitungwa kibereye guhabwa Yehova, ico azoha Yehova cose kizoca kiba ceranda.
10 Ntashobora kugisubiriza, ngo ciza agikabe kibi canke kibi agikabe ciza. Niyaramuka agikavye n’ikindi, vyose uko ari bibiri bizoca biba vyeranda.
11 Nimba ari igikoko gihumanye+ badashobora gushikanira Yehova, azoca akizana imbere y’umuherezi.
12 Umuherezi azoshinga igiciro caco aravye ukuntu ari ciza canke kibi. Igiciro azoshinga kizoba ari ico nyene.
13 Niyaramuka ashatse kukigaruza, azotanga igiciro caco cashinzwe acongereko ica gatanu caco+.
14 Umuntu niyeza inzu yiwe akayigira ikintu ceranda ahaye Yehova, umuherezi azoca ashinga igiciro cayo aravye ubwiza bwayo. Igiciro umuherezi azoshinga kizoba ari ico nyene+.
15 Ariko niyashaka kugaruza iyo nzu, azotanga igiciro cayo cashinzwe hanyuma acongereko ica gatanu caco, iheze ibe rwiwe.
16 Umuntu niyegurira umurima wiwe Yehova, igiciro cawo kizovana n’imbuto zohaterwa uko zingana: nimba hoterwa homeri* ya sayiri, igiciro cawo kizoba ari shekeli 50 z’ifeza.
17 Umuntu niyegurira Imana umurima wiwe guhera ku mwaka wa Yubile+, igiciro cawo kizoguma ari ico.
18 Niyawegurira Imana inyuma ya Yubile, umuherezi azogabanya igiciro cawo yisunze imyaka isigaye gushika ku yindi Yubile+.
19 Ariko nyenewo niyaramuka ashatse kuwugaruza, ategerezwa gutanga igiciro cawo cashinzwe hanyuma acongereko ica gatanu caco, uheze ugume ari rwiwe.
20 Natawugaruza hanyuma ukagurishwa ku wundi muntu, ntibizoba bigikunda ko awugaruza.
21 Uwaguze uwo murima niyawusubiza kuri Yubile, uzoca uba ikintu ceranda ca Yehova, umurima umwegukira burundu. Uzoca uba itongo ry’abaherezi+.
22 Umuntu niyegurira Yehova itongo yaguze atari iryo yarazwe+,
23 umuherezi azomuharurira igiciro caryo gushika ku mwaka wa Yubile, kandi uwo muntu azoca atanga ico giciro kuri uwo musi nyene+. Iryo tongo rizoca riba ikintu ceranda cegukira Yehova.
24 Mu mwaka wa Yubile, iryo tongo rizoca risubira kwa nyeneryo, ni ukuvuga uwarigurishije+.
25 Igiciro ico ari co cose kizoshingwa hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda. Shekeli imwe ingana na gera* 20.
26 Ariko rero nta n’umwe akwiye kwegurira Imana igitungwa kivutse ubwa mbere kuko kivuka ari ica Yehova+. Yaba inka* canke intama, biba bisanzwe ari ivya Yehova+.
27 Nimba ari igitungwa gihumanye kandi akaba ashaka kukigaruza, abwirizwa gutanga igiciro caco cashinzwe hanyuma acongereko ica gatanu caco+. Ariko natakigaruza kizoca kigurishwa hisunzwe igiciro cashinzwe.
28 Ariko igihe umuntu akuye ikintu mu bintu vyiwe akacegurira Yehova burundu, yaba umuntu, igitungwa canke itongo, ntigishobora kugurishwa canke kugaruzwa. Ikintu cose ceguriwe Yehova burundu kiba ari ceranda cane kuri we+.
29 Vyongeye, nta muntu yaciriwe urwo gupfa ashobora gucungurwa+. Abwirizwa kwicwa+.
30 Ic’icumi cose+ c’ivyeze mw’itongo, vyaba ari ivyeze mu murima canke ku biti vy’ivyamwa, ni ica Yehova. Ni ikintu ceranda kuri Yehova.
31 Umuntu niyashaka kugaruza ic’icumi yatanze, abwirizwa gutanga igiciro caco, ace yongerako ica gatanu caco.
32 Ic’icumi cose c’ibitungwa, yaba ari mu nka, mu mpene canke mu ntama, ni ukuvuga igitungwa cose kigira cumi giciye munsi y’inkoni y’umwungere, gikwiye kuba ceranda kuri Yehova.
33 Ntakwiye kuraba ngo ni ciza canke kibi, kandi ntakwiye kugikaba. Niyaramuka agerageje kugikaba, vyose uko ari bibiri bizoca biba vyeranda+. Ntashobora kubigaruza.”»
34 Ayo ni yo mabwirizwa Yehova yahaye Musa ku musozi Sinayi kugira ayashikirize Abisirayeli+.
Utujambo tw'epfo
^ Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «shekeli nyeranda.»
^ Homeri imwe yangana n’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
^ Gera imwe yangana n’amagarama 0,57. Raba Inyongera ya B14.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ishuri.»