Abalewi 25:1-55
25 Yehova abandanya kubwira Musa ku musozi Sinayi ati:
2 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwamara gushika mu gihugu ngira ndabahe+, igihugu kizokwubahiriza isabato ya Yehova+.
3 Muzomara imyaka itandatu muteragira imbuto mu mirima yanyu, mututurira imirima yanyu y’imizabibu mwongera mwimbura ivyeze mu gihugu+.
4 Ariko mu mwaka ugira indwi hazoba isabato y’akaruhuko kuzuye mu gihugu, isabato ya Yehova. Ntimuze muteragire imbuto mu mirima yanyu canke ngo mututurire imirima yanyu y’imizabibu.
5 Ntimuze mwimbure ibizoba vyimejeje bivuye ku ntete zakorotse muriko murimbura, kandi ntimuze mwegeranye inzabibu zo ku biti mutazoba mwaratutuye. Uzoba ari umwaka w’akaruhuko kuzuye mu gihugu.
6 Ariko murashobora kurya ibizoba vyimejeje mu gihugu muri ico gihe c’isabato. Murashobora kubirya mwe n’abashumba banyu b’abagabo canke b’abagore, abakozi banyu, abanyamahanga baba muri mwebwe
7 hamwe n’ibitungwa be n’ibikoko vyo mw’ishamba biri mu gihugu canyu. Ibizoba vyimejeje vyose mu gihugu murashobora kubirya.
8 Muzoharura amasabato indwi y’umwaka, ni ukuvuga imyaka indwi kugwiza indwi. Ayo masabato indwi y’umwaka azongana n’imyaka 49.
9 Ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’indwi muzovuza inzamba isamirane cane. Ku musi w’impongano*+ muzovuza inzamba yumvikane mu gihugu cose.
10 Muzokweza umwaka ugira 50 maze mutangaze ko ababa mu gihugu bose bidegemvya+. Ni Yubile yanyu. Umuntu wese azosubirana itongo ryiwe, asubire no mu muryango wiwe+.
11 Uwo mwaka ugira 50 uzoba ari Yubile yanyu. Ntimuze muteragire imbuto canke ngo mwimbure ivyimejeje bivuye ku ntete zakorotse muriko murimbura, kandi ntimuze mwegeranye inzabibu zo ku biti mutazoba mwaratuturiye+.
12 Uwo mwaka ni Yubile kandi ni mweranda kuri mwebwe. Muzorya ibizoba vyimejeje mu mirima gusa+.
13 Muri uwo mwaka wa Yubile, umuntu wese azosubirana itongo ryiwe+.
14 Niwagura canke ukagurisha ikintu kuri mugenzawe, ntihaze hagire uwuzimba uwundi+.
15 Uzogurira mugenzawe wisunze imyaka ihaciye inyuma ya Yubile, kandi na we azokugurishako yisunze imyaka y’iyimbura isigaye+.
16 Nimba hasigaye imyaka myinshi, arashobora kwongereza igiciro. Ariko nimba hasigaye imyaka mike, akwiye kukigabanya kuko azoba ariko agurisha yisunze incuro uzokwimbura.
17 Nta n’umwe akwiye kuzimba mugenziwe+, ahubwo mukwiye gutinya Imana yanyu+. Ndi Yehova Imana yanyu+.
18 Nimwakurikiza ivyagezwe vyanje kandi mukagamburuka ingingo nashinze, muzokwibera mu gihugu mu mutekano+.
19 Igihugu kizokwimbuka+ kandi muzorya muhage, mwibereho mu mutekano+.
20 Ariko nimwibaza ngo: ‘Tuzorya iki mu mwaka ugira indwi ko tutazoteragira canke ngo twimbure+?’
21 Nzobarungikira umuhezagiro wanje mu mwaka ugira gatandatu, kandi isi izobaha umwimbu murya mu myaka itatu+.
22 Muzosubira guteragira imbuto mu mwaka ugira umunani, kandi muzorya ibihitira gushika mu mwaka ugira icenda. Muzoguma murya ibihitira gushika ivyo mwateye vyeze.
23 Itongo ntirikwiye kugurishwa burundu+ kuko isi ari rwanje+. Kuri jewe muri abanyamahanga n’abimukira+.
24 Mu gihugu canyu cose, uwugurishije itongo azoba afise uburenganzira bwo kurigaruza.
25 Mwenewanyu niyakena gushika n’aho agurisha itongo ryiwe, incuti yiwe ya hafi ikwiye kugaruza iryo tongo mwenewabo yagurishije+.
26 Nimba ata ncuti ya hafi yo kurigaruza afise, hanyuma agatera imbere akaronka uburyo bwo kurigaruza,
27 azoharura igiciro caryo yisunze imyaka ihaciye kuva arigurishije, ace amusubiza ayasigaye ku yo yariguze. Azoheza asubirane itongo ryiwe+.
28 Ariko nataronka uburyo bwo kurigaruza, iryo tongo rizogumana uwariguze gushika ku mwaka wa Yubile+. Bazorimusubiza kuri Yubile, risubire rimwegukire+.
29 Umuntu niyagurisha inzu iri mu gisagara kizitijwe uruhome, azomara umwaka afise uburenganzira bwo kiyigaruza, uhereye umusi yayigurishijeko. Uburenganzira bwo kuyigaruza+ buzomara umwaka.
30 Mugabo umwaka wose niwahera atarayigaruza, iyo nzu iri mu gisagara kizitijwe uruhome izoca yegukira uwayiguze ibihe vyose. Uwayiguze ntazoyisubiza kuri Yubile.
31 Ariko amazu yo mu bigwati bitazitijwe impome akwiye gufatwa nk’amatongo yo hagati mu gihugu. Beneyo bazogumana uburenganzira bwo kuyagaruza kandi bazoyasubizwa kuri Yubile.
32 Amazu y’Abalewi ari mu bisagara vyabo+, Abalewi bazoguma bafise uburenganzira bwo kuyagaruza.
33 Umulewi natashobora kugaruza inzu yagurishije iri mu gisagara cabo, azoca ayisubizwa kuri Yubile+, kuko amazu ari mu bisagara vy’Abalewi ari yo matongo yabo muri Isirayeli+.
34 Vyongeye, amatongo yo kuragiramwo+ akikuje ibisagara vyabo ntakwiye kugurishwa, kuko ari rwabo ibihe vyose.
35 Umwisirayeli mugenzawe* aba hafi yawe niyakena gushika aho abura ikimutunga, ukwiye kumufasha+ nk’uko wofasha umunyamahanga n’umwimukira+ kugira abandanye kubaho.
36 Ntuze umwungukireko canke ngo uriremwo mbege+. Utegerezwa gutinya Imana yawe+ kugira mwenewanyu abandanye kubaho.
37 Ntuze umwake inyungu ku mahera umuguranye+ canke ngo umuhe ivyo kurya urondera kumwungukirako.
38 Ndi Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri+ kugira ndabahe igihugu ca Kanani, nongere ndabereke ko ndi Imana yanyu+.
39 Mwenewanyu niyakena akigurisha kuri wewe+, ntuze umukoreshe ibikorwa vy’abashumba+.
40 Ukwiye kumufata nk’umukozi+ canke umwimukira. Azogukorera gushika ku mwaka wa Yubile.
41 Azoca ava iwawe ari kumwe n’abana biwe, asubire mu muryango wiwe. Azosubira kw’itongo rya ba sekuruza biwe+.
42 Ni abashumba banje nakuye mu gihugu ca Misiri+. Ntibakwiye kwigurisha nk’uko abashumba bagurishwa.
43 Ntuze ubafate bunyamaswa+. Ukwiye gutinya Imana yawe+.
44 Abashumba banyu b’abagabo canke b’abagore muzobakura mu bihugu bibakikuje. Aho ni ho mukwiye kugura abashumba b’abagabo canke b’abagore.
45 Murashobora kandi kubagura mu bana b’abimukira b’abanyamahanga baba muri mwebwe+ no mu miryango yabo yavukiye mu gihugu canyu. Bazoba itunga mwigabira.
46 Murashobora kubaraga abana banyu bakabegukira ibihe vyose, kandi murashobora kubagira abakozi banyu. Ariko benewanyu ari bo Bisirayeli ntimukwiye kubafata bunyamaswa+.
47 Umunyamahanga canke umwimukira aba muri mwebwe niyatunga, hanyuma mwenewanyu w’Umwisirayeli agakena ku buryo yigurisha kuri uwo munyamahanga canke uwo mwimukira, canke akigurisha ku muntu wo mu muryango w’uwo munyamahanga,
48 azogumana uburenganzira bwo gucungurwa naho azoba yigurishije. Umwe muri benewabo arashobora kumucungura+.
49 Sewabo canke umuhungu wa sewabo canke incuti iyo ari yo yose ya hafi*, ni ukuvuga umuntu wo mu muryango wiwe, na we nyene arashobora kumucungura.
Aramutse abaye umutunzi na ho, ubwiwe arashobora kwicungura+.
50 Azoharura igihe kihaciye kuva ku mwaka yigurishije gushika ku mwaka wa Yubile+, abigire ari kumwe n’uwamuguze. Ikiguzi ciwe kizoharurwa hisunzwe iyo myaka+. Igiciro c’ivyo yakoze muri ico kiringo kizoharurwa hisunzwe amahera umukozi ahembwa buri musi+.
51 Nimba hasigaye imyaka myinshi, azoriha igiciro co kwigombora yisunze iyo myaka isigaye.
52 Nimba hasigaye imyaka mikeyi ngo umwaka wa Yubile ushike, na ho nyene azoharura igiciro co kwigombora, hanyuma arihe uwamuguze yisunze imyaka isigaye.
53 Igihe cose azomara amukorera akwiye kumufata nk’umukozi. Muze murabe neza ko uwamuguze atamufata bunyamaswa+.
54 Ariko nimba adashobora kwigombora muri ubwo buryo, azoca arekurwa mu mwaka wa Yubile+, agende ajanye n’abana biwe.
55 Nkako Abisirayeli ni abashumba banje. Ni abashumba banje nakuye mu Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «mwenewanyu.»
^ Canke «incuti iyo ari yo yose y’amaraso.»