Abalewi 17:1-16
17 Yehova yongera kubarira Musa ati:
2 «Bwira Aroni n’abahungu biwe hamwe n’Abisirayeli bose uti: “Ibi ni vyo Yehova ategetse:
3 ‘Umwisirayeli wese azokerera impfizi y’inka canke iy’intama canke isuguru y’impene, akayikererera mw’ikambi canke hanze y’ikambi
4 aho kuyizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ngo ayishikanire Yehova imbere y’ihema ryeranda rya Yehova, uwo muntu azokwagirwa n’amaraso. Azoba yasheshe amaraso, kandi ategerezwa kwicwa*.
5 Ivyo ni ukugira ngo Abisirayeli ntibabandanye gushikanira ibimazi vyabo mu gahinga, ahubwo babizanire Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro maze babihe umuherezi. Bakwiye kubishikanira Yehova nk’ibimazi vyo gusangira+.
6 Umuherezi azomijagira amaraso yavyo ku gicaniro ca Yehova kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, yongere aturire ibinure vyavyo kugira bimotere neza* Yehova+.
7 Ntibakwiye rero kwongera gushikanira ibimazi vya bigirwamana bimeze nk’impene*+, ivyo bakorana ubusambanyi mu kubisenga+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.’”
8 Uzobabwire uti: “Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azotangira ahandi ishikanwa riturirwa canke ikimazi
9 aho kukizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ngo agishikanire Yehova, abwirizwa kwicwa+.
10 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azorya amaraso ayo ari yo yose+, emwe nzorwanya* uwo muntu kandi nzomwica*.
11 Kuko ubuzima bw’ikiremwa* buri mu maraso+, nanje nayashize ku gicaniro+ ku bwanyu kugira mubabarirwe ibicumuro*. Amaraso ni yo atuma mubabarirwa ibicumuro+ biciye ku buzima buri muri yo.
12 Ni co gituma nabwiye Abisirayeli nti: ‘Ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebwe arya amaraso, kandi ntihaze hagire umunyamahanga aba muri mwebwe+ arya amaraso+.’
13 Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe niyaja guhiga agafata igikoko canke inyoni iribwa, ategerezwa gusesa amaraso yayo hasi+, ace ayafurira.
14 Amaraso ni yo buzima bw’ikiremwa ico ari co cose, kuko ubuzima buri muri yo. Ni co gituma nabwiye Abisirayeli nti: ‘Ntimuze murye amaraso y’ikiremwa na kimwe, kuko amaraso ari bwo buzima bw’ikiremwa ico ari co cose. Uwuzoyarya wese abwirizwa kwicwa+.’
15 Umuntu wese azorya igikoko asanze capfuye canke catabaguwe n’ikindi gikoko+, yaba imvukira canke umunyamahanga, akwiye kumesa impuzu ziwe, akiyoga hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Aho ni ho azoba uwudahumanye.
16 Natazimesa canke ngo yiyoge, azohanirwa ikosa ryiwe+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kugira bibe akamoto karuhura kuri.»
^ Canke «ya madayimoni ameze nk’impene.» Mu giheburayo havuga ngo «impene.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «nzomurandura mu bantu b’iwabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nzoshinga igitsure.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bw’umubiri.»
^ Canke «mutangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

