Abalewi 16:1-34
-
Umusi w’impongano (1-34)
16 Nuko Yehova avugana na Musa inyuma y’aho abahungu babiri ba Aroni bapfiriye kubera begereye Yehova mu buryo butabereye+.
2 Yehova abarira Musa ati: «Bwira Aroni mwenewanyu ntaze arinjira umwanya wose ahantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere y’umufuniko wa ya sandugu, kugira ntapfe+ kuko nzokwiyerekana ndi mu gicu+ hejuru y’uwo mufuniko+.
3 Ibi ni vyo Aroni abwirizwa kuzana igihe yinjiye ahantu heranda: ishuri y’ishikanwa ry’igicumuro+ hamwe n’impfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa+.
4 Akwiye kuba yambaye ya kanzu nyeranda y’ilino*+ na rya butura* ry’ilino+ kugira apfuke ubwambure bwiwe. Akwiye kandi kuba akenyeye wa mukanda ukozwe mu nyuzi z’ilino+, yambaye na ca gitambara c’ilino bazingira mu mutwe+. Izo ni impuzu nyeranda+. Azokwiyoga+ aheze azambare.
5 Ishengero ry’Abisirayeli+ rikwiye kumuha isuguru zibiri z’impene zikiri nto z’ishikanwa ry’igicumuro hamwe n’impfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa.
6 Aroni abwirizwa gushikana ya shuri y’ishikanwa ry’ibicumuro vyiwe, aheze yitangire impongano*+ hamwe n’umuryango wiwe.
7 Azoca atora za suguru z’impene zibiri, azishire imbere ya Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.
8 Aroni azoca agira ubupfindo kuri izo mpene zibiri, kugira amenye iyegukira Yehova n’iyegukira Azazeli*.
9 Azoca ashikana impene ubupfindo+ bwerekanye ko yegukira Yehova, ibe ishikanwa ry’igicumuro.
10 Ariko impene ubupfindo bwerekanye ko yegukira Azazeli, bazoca bayizana imbere ya Yehova igikomeye kugira bayisabireko ikigongwe*, baheze bayirungike mu gahinga ibe iya Azazeli+.
11 Aroni azoca azana ya shuri y’ishikanwa ry’ibicumuro vyiwe, aheze yitangire impongano hamwe n’umuryango wiwe. Inyuma y’aho azoca ayikerera ibe ishikanwa ry’ibicumuro vyiwe+.
12 Hanyuma azotora agapanu+ kuzuye amakara yaka umuriro akuye ku gicaniro+ imbere ya Yehova, atore n’amashi abiri yuzuye imibavu imota neza+, abizane inyuma ya ya rido+.
13 Azoca ashira iyo mibavu ku muriro imbere ya Yehova+, hanyuma umwotsi wayo utwikire umufuniko+ uri kw’isandugu y’isezerano*+, kugira ntapfe.
14 Azotora makeyi ku maraso ya ya shuri+ hanyuma ayamijagire imbere y’umufuniko ku ruhande rwo mu buseruko akoresheje urutoke. Azoyamijagira imbere y’uwo mufuniko incuro indwi+.
15 Azoheza akerere ya mpene y’ishikanwa ry’igicumuro itangirwa abantu+, ace yinjiza amaraso yayo inyuma ya ya rido+, ayagire kumwe yagira amaraso+ ya ya shuri. Azoyamijagira amaja ku mufuniko n’imbere yawo.
16 Ategerezwa gutanga impongano y’ahantu heranda kubera ubuhumane bw’Abisirayeli, ubugarariji bwabo n’ibicumuro vyabo+. Azobigenza gutyo nyene ku bijanye n’ihema ry’ibonaniro riri hagati y’abo bantu bakora ibintu bihumanye.
17 Nta wundi muntu akwiye kuba ari mw’ihema ry’ibonaniro kuva yinjiye ahantu heranda gutanga impongano gushika asohotse. Azokwitangira impongano hamwe n’umuryango wiwe+, ayitangire n’ishengero ryose rya Isirayeli+.
18 Azoca asohoka aje ku gicaniro+ kiri imbere ya Yehova hanyuma agitangire impongano. Azoheza atore makeyi ku maraso ya ya shuri no ku maraso ya ya mpene maze ayasige ku mahembe yose y’igicaniro.
19 Azokimijagirako kandi makeyi kuri ayo maraso incuro indwi akoresheje urutoke rwiwe, agihumanure, aceze kiveko ubuhumane bw’Abisirayeli.
20 Ahejeje gutangira impongano+ ahantu heranda, ihema ry’ibonaniro n’igicaniro+, azoca azana ya mpene ikomeye+.
21 Aroni azorambika ibiganza ku mutwe wayo hanyuma yaturire hejuru yayo amakosa y’Abisirayeli yose, ubugarariji bwabo bwose n’ibicumuro vyabo vyose. Azobiremeka ku mutwe w’iyo mpene+ hanyuma ayirungike mu gahinga ijanwe n’umuntu abijejwe*.
22 Iyo mpene izokwikorera amakosa yabo yose+ iyatware mu bugaragwa+. Azoyirungika mu gahinga+.
23 Aroni azoheza yinjire mw’ihema ry’ibonaniro, akure za mpuzu z’ilino yambara igihe yaja ahantu heranda, azisige ng’aho.
24 Akwiye guca yogera+ ahantu heranda, aheze yambare impuzu ziwe+. Azoca asohoka, atange ishikanwa ryiwe riturirwa+ n’iry’abantu+, yongere yitangire impongano ayitangire n’abantu+.
25 Azoca aturira ibinure vy’ishikanwa ry’igicumuro bifumbe umwotsi ku gicaniro.
26 Wa muntu yajana ya mpene ya Azazeli+ akwiye kumesa impuzu ziwe hanyuma yiyoge, abone kwinjira mw’ikambi.
27 Ya shuri y’ishikanwa ry’igicumuro na ya mpene y’ishikanwa ry’igicumuro, zimwe amaraso yazo yajanwa ahantu heranda kugira batange impongano, zizojanwa inyuma y’ikambi. Inshato zazo, inyama zazo n’amayezi yazo bizoturirwa+.
28 Uwuzobiturira akwiye kumesa impuzu ziwe hanyuma yiyoge, abone kwinjira mw’ikambi.
29 Iri ni itegeko ryamaho kuri mwebwe: ku musi w’icumi w’ukwezi kugira indwi mutegerezwa kwibabaza*. Ntihaze hagire uwukora igikorwa na kimwe+, yaba imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe.
30 Kuri uwo musi muzotangirwa impongano+ kugira mube abadahumanye. Muzoba mukuweko ibicumuro vyanyu vyose imbere ya Yehova+.
31 Ni isabato y’akaruhuko kuzuye kuri mwebwe kandi mutegerezwa kwibabaza+. Iryo ni itegeko ryamaho.
32 Umuherezi azoba yarobanujwe amavuta*+, akimikwa kugira asubirire se wiwe+ muri iryo banga ry’ubuherezi+, azotanga impongano yongere yambare za mpuzu z’ilino+ ari zo mpuzu nyeranda+.
33 Azotanga impongano y’aheranda cane+, ihema ry’ibonaniro+ hamwe n’igicaniro+. Azoyitangira kandi abaherezi n’ishengero ryose ry’Abisirayeli+.
34 Iryo ni itegeko ryamaho kuri mwebwe+ kugira mutangire impongano Abisirayeli rimwe mu mwaka, baheze bakurweko ivyaha vyabo vyose+.»
Aroni araheza akora nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «agahuzu ko munsi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «impene ikamangana.» Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «kugira bayitangireko impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
^ Mu giheburayo havuga ngo «uri kuri ca cabona.»
^ Canke «umuntu yiteguye.»
^ «Kwibabaza» ni ijambo ririmwo ibintu vyinshi bijanye n’ukwiyanka, harimwo no kwisonzesha.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).