Abacamanza 13:1-25
13 Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+, maze Yehova abatanga ku Bafilisitiya+. Bamara imyaka 40 babaganza.
2 Ico gihe hariho umugabo yitwa Manowa+ wo mu muryango wa Dani+ yaba i Zora+. Umugore wiwe yari ingumba, nta mwana yari afise+.
3 Umusi umwe, umumarayika wa Yehova abonekera uwo mugore, amubwira ati: «Umve, naho uri ingumba ukaba utagira umwana, uzosama inda uvyare umuhungu+.
4 Uririnda rero ntuze unywe umuvinyu canke inzoga+ n’imwe, kandi ntuze urye ikintu na kimwe gihumanye+.
5 Uzosama inda uvyare umuhungu. Umushatsi wiwe ntuze wigere umobwa+, kuko azoba Umunaziri* w’Imana kuva akivuka*. Kandi azoba indongozi yo gukiza Abisirayeli agahahazo k’Abafilisitiya+.»
6 Nya mugore aca aragenda, abwira umugabo wiwe ati: «Hari umuntu w’Imana y’ukuri yaje aho ndi. Yari afise ishusho itangaje cane, yasa n’umumarayika w’Imana y’ukuri. Sinamubajije iyo ava, kandi ntiyambwiye uko yitwa+.
7 Mugabo yambwiye ati: “Umve, uzosama inda uvyare umuhungu. Ntuze unywe umuvinyu canke inzoga n’imwe, kandi ntuze urye ikintu na kimwe gihumanye. Kuko uwo mwana azoba Umunaziri w’Imana kuva akivuka* gushika arinde apfa.”»
8 Manowa aca yinginga Yehova ati: «Ntunga Yehova. Wa muntu w’Imana y’ukuri uhejeje gutuma, ndakwinginze agaruke kugira atumenyeshe ingene tuzorera uwo mwana tugiye kuronka.»
9 Imana y’ukuri rero yumviriza Manowa, maze wa mumarayika w’Imana y’ukuri asubira kubonekera wa mugore. Yari yicaye inyuma y’igisagara, umugabo wiwe Manowa batari kumwe.
10 Nya mugore aca yiruka kubimenyesha umugabo wiwe ati: «Wa mugabo yamvugisha wa musi arasubiye kunyiyereka+.»
11 Manowa aca arahaguruka ajana n’umugore wiwe. Ashitse aho nya muntu ari, amubaza ati: «Yoba ari wewe wavuganye n’umugore wanje?» Na we ati: «Ni jewe.»
12 Manowa aca amubwira ati: «Ivyo wavuze nibibe nk’uko nyene wabivuze. None uwo mwana tuzomurera gute+? Azokora iki?»
13 Umumarayika wa Yehova amwishura ati: «Umugore wawe aze yirinde ivyo namubwiye vyose+.
14 Ntaze arye ikintu na kimwe kiva ku mizabibu, ntaze anywe umuvinyu canke inzoga+ n’imwe, kandi ntaze arye ikintu na kimwe gihumanye+. Aze yubahirize ivyo namutegetse vyose.»
15 Manowa aca abwira uwo mumarayika wa Yehova ati: «Turagusavye urindire tugutegurire umwagazi w’impene+.»
16 Mugabo nya mumarayika wa Yehova amubwira ati: «Naho norindira, imfungurwa zawe ntazo ndya. Mugabo nimba ushaka guha Yehova ishikanwa riturirwa, rimuhe.» Manowa ntiyari azi ko ari umumarayika wa Yehova.
17 Maze Manowa abwira uwo mumarayika wa Yehova ati: «Wotubwira uko witwa+ kugira tuzogutere iteka ivyo wavuze nivyaba?»
18 Ariko nya mumarayika wa Yehova amubwira ati: «Kubera iki umbaza izina ryanje n’ukuntu ari iry’agatangaza?»
19 Manowa afata rero wa mwagazi w’impene n’ishikanwa ry’intete, abishikanira Yehova ku gitandara. Imana ica ikora ikintu c’agatangaza, Manowa n’umugore wiwe barorera.
20 Urubeya ruriko ruraduga mw’ijuru ruvuye ku gicaniro, nya mumarayika wa Yehova aca arudugamwo Manowa n’umugore wiwe barorera. Baca barunama, mu maso habo hashika hasi.
21 Nya mumarayika wa Yehova ntiyasubiye kubonekera Manowa n’umugore wiwe. Manowa aca amenya ko yari umumarayika wa Yehova+.
22 Maze Manowa abwira umugore wiwe ati: «Turapfa ata kabuza, kuko twabonye Imana+.»
23 Mugabo umugore wiwe amubwira ati: «Iyaba Yehova yagomba kutwica, ntaba yemeye ishikanwa riturirwa+ n’ishikanwa ry’intete twamuhaye. Ntaba yatweretse birya bintu vyose, canke ngo atubwire ibintu biraho.»
24 Haciye igihe, nya mugore avyara umuhungu maze amwita Samusoni+. Abandanya gukura, Yehova na we aguma amuhezagira.
25 Mu nyuma impwemu ya Yehova itangura kumukoresha+ i Mahane-Dani+, hagati y’i Zora n’i Eshitayoli+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuva mu nda.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuva mu nda.»