Samweli wa kabiri 6:1-23
6 Dawidi yongera gukoranya abasoda b’abahizi bose bo muri Isirayeli, baba 30.000.
2 Maze Dawidi n’abantu bose bari kumwe na we baja i Bayale-Yuda gutorayo isandugu y’Imana y’ukuri+. Imbere y’iyo sandugu ni ho abantu bambariza izina rya Yehova Nyeningabo+, umwe yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+.
3 Ariko bashira iyo sandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+ kugira bayitware bayikuye mu nzu ya Abinadabu+ yari ku gasozi. Uza na Ahiyo bene Abinadabu, ni bo bari bayoboye uwo mukogote mushasha.
4 Batwara rero isandugu y’Imana y’ukuri bayikuye mu nzu ya Abinadabu yari ku gasozi. Ahiyo yagendera imbere y’iyo sandugu.
5 Dawidi n’Abisirayeli bose bariko barigina imbere ya Yehova. Bigina bavuza ubwoko bwose bw’ibicurarangisho bikozwe mu giti c’umuberoshi*, inanga n’ibindi bicurarangisho vy’imirya+, utugoma+, ibicurarangisho bajegeza* n’ivyuma bisama+.
6 Ariko bashitse ku mbuga yo mu murima* ya Nakoni, inka zihakwa gutembagaza iyo sandugu y’Imana y’ukuri. Uza aca atuma ukuboko arayifata+.
7 Yehova Imana y’ukuri aca ashavurira cane Uza, amwicira+ aho nyene kubera ico kintu yari yubahutse gukora+. Uza apfira ng’aho iruhande y’isandugu y’Imana y’ukuri.
8 Mugabo Dawidi ashavuzwa* n’uko Yehova yarekuriye uburake bwiwe kuri Uza. Aho hantu baca bahita Peresi-Uza* gushika n’uyu musi.
9 Kuri uwo musi Dawidi aratinya kubera Yehova+, avuga ati: «Mbega isandugu ya Yehova izoza gute mu gisagara canje+?»
10 Dawidi ntiyashima kuzana isandugu ya Yehova mu gisagara iwe, ari co gisagara ca Dawidi+. Yaciye ayirungika kwa Obedi-Edomu+ Umunyegati.
11 Iyo sandugu ya Yehova imara amezi atatu kwa Obedi-Edomu Umunyegati. Kandi Yehova yaguma amuhezagira n’abo mu rugo rwiwe bose+.
12 Bamenyesha umwami Dawidi bati: «Yehova yarahezagiye urugo rwa Obedi-Edomu n’ivyiwe vyose kubera ya sandugu y’Imana y’ukuri.» Dawidi aca aja kwa Obedi-Edomu, atora iyo sandugu y’Imana y’ukuri, ayidugana mu kanyamuneza mu gisagara yabamwo, ari co gisagara ca Dawidi+.
13 Abari bateruye+ isandugu ya Yehova bamaze gutera intambwe zitandatu, Dawidi aca ashikana ikimazi c’impfizi n’ikindi gitungwa kinuze.
14 Dawidi yagenda aratamba azunguruka n’inkomezi ziwe zose imbere ya Yehova, yambaye* efodi* yera+.
15 Dawidi n’Abisirayeli bose bazana isandugu+ ya Yehova bavuza impundu+ n’inzamba+.
16 Mugabo isandugu ya Yehova ishitse mu gisagara ca Dawidi, Mikali+ umukobwa wa Sawuli araba hasi ari mw’idirisha. Maze abona umwami Dawidi ariko arasimbasimba yongera atamba azunguruka imbere ya Yehova. Aca atangura kumugayira mu mutima+.
17 Bazana rero ya sandugu ya Yehova, bayishira mu kibanza cayo mw’ihema Dawidi yari yayiteguriye+. Dawidi aca ashikanira imbere ya Yehova amashikanwa aturirwa+ n’ibimazi vyo gusangira+.
18 Dawidi arangije gushikana ivyo bimazi biturirwa n’ivyo gusangira, aca ahezagira abantu mw’izina rya Yehova Nyeningabo.
19 Vyongeye abantu bose, ni ukuvuga isinzi ryose ry’Abisirayeli, baba abagabo canke abagore, umwe wese amuha umukate w’umuzingi* n’akantu ko kurya gakozwe mu vyamwa vy’itende* n’agakozwe mu nzabibu zumye. Hanyuma abantu bose baragenda, umwe wese asubira iwe.
20 Dawidi asubiye iwe guhezagira abo mu rugo rwiwe, Mikali+ umukobwa wa Sawuli asohoka kumusanganira. Amubwira ati: «Ntiworaba ingene umwami wa Isirayeli yihesheje icubahiro uyu musi! Yikuyeko agashambara mu maso y’abasukukazi b’abantu biwe, kurya umuntu adafise ubwenge yikurako agahuzu imbere y’abantu*+.»
21 Dawidi yishura Mikali ati: «Nariko nigina imbere ya Yehova, we yantoye aho gutora so n’abo mu rugo rwiwe bose. Yehova ni we yangize indongozi y’abantu biwe b’Abisirayeli+. Ni co gituma nigina imbere ya Yehova.
22 Kandi nzorushiriza kwikengereza kuruta ukwo, nibone ko ndi uwo hasi rwose. Mugabo abo basukukazi uvuze, ni bo bazontera iteka.»
23 Nuko Mikali+ umukobwa wa Sawuli arinda apfa ataronse akana.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
^ Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.
^ Canke «amapēndo.»
^ Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
^ Canke «ababazwa.»
^ Iryo zina risobanura ngo «guturikira (canke gutabukira) kuri Uza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «akenyeye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Iyo mikate y’imizingi yari ifise akanogo hagati.
^ Itende ni ubwoko bw’ikigazi.
^ Canke «abasuku.»