Ngoma za kabiri 4:1-22

  • Igicaniro, igitangi n’ibibesani (1-6)

  • Ivyo baterekako amatara, imeza n’ibigo (7-11a)

  • Barangiza gukora ibintu vyo mu rusengero (11b-22)

4  Maze akora igicaniro+ c’umujumpu gifise uburebure bw’intambwe* 20, ubwaguke bw’intambwe 20 n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 10.  Ashongesha ubutare bw’umujumpu, akora igitangi kimeze nk’umuzingi citwa Ikiyaga+. Kuva ku mbiga imwe gushika ku yindi cari gifise intambwe 10. Uburebure bwaco bw’amahagarara bwari intambwe 5. Kugikikuza cose vyasaba umugozi w’intambwe 30+.  Munsi y’imbiga z’ico gitangi, hose hari hakikujwe n’udusharizo tumeze nk’imyungu+. Hagati y’intambwe n’iyindi hari udusharizo cumi. Twari dutonze mu mirongo ibiri kandi twakoranywe n’ico gitangi mu butare bushongeshejwe.  Ico gitangi cari gihagaze ku mpfizi 12+. Zitatu zaraba mu buraruko, zitatu zikaraba mu burengero, zitatu mu bumanuko, zindi zitatu mu buseruko. Izo mpfizi zarahana imigongo, ico gitangi na co kikaba hejuru yazo.  Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza*. Cari gifise umunwa nk’uw’igikombe, umeze nk’ishurwe ry’ilisi. Cajamwo amazi angana n’ingero zitwa bati 3.000*.  Akora n’ibibesani cumi, ashira bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+. Ivyo bibesani ni vyo bakoresha mu kwoza no mu kurongorora ibintu vyakoreshwa mu gutanga ishikanwa riturirwa+. Mugabo amazi yo muri ca gitangi citwa Ikiyaga ni yo abaherezi bakoresha mu kwiyoza+.  Maze akora ibintu cumi vy’inzahabu baterekako amatara+, yisunze umugero yahawe+. Araheza abishira mu rusengero, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+.  Akora n’imeza cumi azishira mu rusengero, zitanu iburyo na zitanu ibubamfu+. Hanyuma akora amabakure 100 y’inzahabu.  Hanyuma atunganya ikigo+ c’abaherezi+ n’ikigo kinini+. Akora n’imiryango ya nya kigo kinini, ayihomekako umujumpu. 10  Ca gitangi citwa Ikiyaga agishira iburyo, amaja mu bumanuko bushira ubuseruko+. 11  Hiramu akora n’utudobo, ibipawa n’amabakure+. Nuko arangiza ibintu umwami Salomo yamusavye gukora bijanye n’inzu y’Imana y’ukuri+. Ni vyo vy’ibi: 12  za nkingi zibiri+ na vya bintu bimeze nk’ibikono vyari hejuru yazo, twa tuntu tubiri tumeze nk’urusenga+ twari dukikuje ivyo bikono bibiri, 13  na ya makomamanga 400+ yari kuri za nsenga zibiri atonze mu mirongo ibiri kuri buri rusenga. Ayo makomamanga yari ayo gupfuka ivyo bikono bibiri vyari hejuru kuri izo nkingi+. 14  Yakoze na ya mashareti* cumi na vya bibesani cumi vyari kuri yo+, 15  ca gitangi citwa Ikiyaga na za mpfizi 12 zari munsi yaco+, 16  twa tudobo, vya bipawa, ya makanya+ n’ibindi bikoresho vyose Hiramu-Abi*+ yakoreye umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova. Yabikoze mu mujumpu usenye. 17  Umwami yabikoresheje mu maforoma y’ibumba basukamwo ubutare bashongesheje. Vyakorewe mu karere ka Yorodani, hagati y’i Sukoti+ n’i Sereda. 18  Ivyo bikoresho vyose Salomo yakoze vyari vyinshi cane. Ntiyapimye n’uburemere bw’ubutare bw’umujumpu bakoresheje+. 19  Nuko Salomo akora ibikoresho+ vyose vy’inzu y’Imana y’ukuri: igicaniro c’inzahabu+, imeza+ zashirwako imikate y’ishikanwa+, 20  n’ivyo baterekako amatara n’amatara yavyo bikozwe mu nzahabu itavanze+. Ayo matara yakira imbere y’icumba c’ahiherereye nk’uko vyasabwa. 21  Akora n’amashurwe, amatara n’udupensi*, vyose abikora mu nzahabu, emwe inzahabu itavanze na gato. 22  Akora n’udukasi*, amabakure, ibikombe, udupanu tujamwo umuriro, vyose abikora mu nzahabu itavanze. Akora n’ubwinjiriro bwa nya nzu n’imiryango y’indani y’Aheranda cane+ n’imiryango y’Aheranda*. Vyose yabikoze mu nzahabu+.

Utujambo tw'epfo

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.
Ni nka santimetero 7,4. Raba Inyongera ya B14.
Ni nk’amalitiro 66.000. Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Canke «inkorofani z’amazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «Hiramu-Abivu.»
Canke «iminengo.»
Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’urusengero.»