Ngoma za mbere 3:1-24

  • Abakomoka kuri Dawidi (1-9)

  • Abami bakomotse kuri Dawidi (10-24)

3  Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni+: imfura yari Amunoni+. Nyina yitwa Ahinowamu+ w’i Yezireli. Uwa kabiri yari Daniyeli. Nyina yitwa Abigayili+ w’i Karumeli. 2  Uwa gatatu yari Abusalomu+ yavyawe na Mayaka. Mayaka yari umukobwa wa Talimayi umwami w’i Geshuri. Uwa kane yari Adoniya+ yavyawe na Hagita. 3  Uwa gatanu yari Shefatiya. Nyina yitwa Abitali. Uwa gatandatu yari Itireyamu yavyawe n’umugore wa Dawidi yitwa Egila. 4  Abo batandatu yabavyariye i Heburoni. Yamaze imyaka 7 n’amezi 6 aganza ari aho i Heburoni, amara n’imyaka 33 aganza ari i Yeruzalemu+. 5  Aba ni bo yavyariye i Yeruzalemu+: Shimeya, Shobabu, Natani+ na Salomo+. Abo uko ari bane bavyawe na Batisheba+ umukobwa wa Amiyeli. 6  Abandi bahungu icenda ba Dawidi bari Ibuhari, Elishama, Elifeleti, 7  Noga, Nefegi, Yafiya, 8  Elishama, Eliyada na Elifeleti. 9  Abo bose bari abahungu ba Dawidi udashizemwo abo yavyaye ku ncoreke. Mushiki wabo yitwa Tamari+. 10  Salomo yavyaye Rehobowamu+, Rehobowamu avyara Abiya+, Abiya avyara Asa+, Asa avyara Yehoshafati+, 11  Yehoshafati avyara Yehoramu+, Yehoramu avyara Ahaziya+, Ahaziya avyara Yehowasi+, 12  Yehowasi avyara Amaziya+, Amaziya avyara Azariya+, Azariya avyara Yotamu+, 13  Yotamu avyara Ahazi+, Ahazi avyara Hezekiya+, Hezekiya avyara Manase+, 14  Manase avyara Amoni+, Amoni avyara Yosiya+. 15  Abahungu ba Yosiya bari aba: imfura yari Yohanani, uwa kabiri Yehoyakimu+, uwa gatatu Zedekiya+, uwa kane Shalumu. 16  Umuhungu wa Yehoyakimu yari Yekoniya+. Yekoniya na we yavyaye Zedekiya. 17  Abandi bahungu Yekoniya yavyaye igihe yari imbohe ni Shalutiyeli, 18  Malikiramu, Pedaya, Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya. 19  Abahungu ba Pedaya bari Zerubabeli+ na Shimeyi. Aba Zerubabeli na bo bari Meshulamu na Hananiya (mushiki wabo yitwa Shelomiti). 20  Yari afise n’abandi bahungu batanu ari bo Hashuba, Oheli, Berekiya, Hasadiya na Yushabu-Hesedi. 21  Abahungu ba Hananiya bari Pelatiya na Yeshaya. Umuhungu* wa Yeshaya yari Refaya, umuhungu* wa Refaya yari Arunani, umuhungu* wa Arunani yari Obadiya, umuhungu* wa Obadiya yari Shekaniya. 22  Abakomoka kuri Shekaniya* bari Shemaya n’abahungu ba Shemaya ari bo Hatushi, Igali, Bariya, Neyariya na Shafati. Bose hamwe bari batandatu. 23  Abahungu ba Neyariya bari batatu: Eliyowenayi, Hizikiya na Azirikamu. 24  Abahungu ba Eliyowenayi bari indwi: Hodaviya, Eliyashibu, Pelaya, Akubu, Yohanani, Delaya na Anani.

Utujambo tw'epfo

^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Shekaniya.»