Ngoma za mbere 17:1-27

  • Dawidi si we azokwubaka urusengero (1-6)

  • Isezerano ry’ubwami Imana yagiranye na Dawidi (7-15)

  • Isengesho rya Dawidi ryo gushima (16-27)

17  Dawidi akimara kwinjira inzu* yiwe akayibamwo, abwira umuhanuzi Natani+ ati: «Jewe mba mu nzu y’amasederi+, ariko isandugu y’isezerano rya Yehova ikaba mw’ihema+  Natani yishura Dawidi ati: «Kora ikiri ku mutima wawe cose, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe.»  Muri iryo joro, Imana ibwira Natani iti:  «Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova avuze ati: ‘Si wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo+.  Erega kuva nkura Abisirayeli mu Misiri* gushika n’uyu musi, sinigeze mba mu nzu. Nagumye mva mw’ihema nja mu rindi, mva aha nkaja ahandi*+.  Igihe cose namaze njana n’Abisirayeli bose, noba narigeze mvuga nti: “Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi?” Mu bacamanza ba Isirayeli nagenye ngo baragire abantu banje, hari n’umwe nigeze nsaba ico kintu?’”  Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+.  Nzobana nawe aho uzoja hose+, nkureho abansi bawe bose bakuve imbere+. Nzotuma izina ryawe riba nk’iry’abantu bakomakomeye bo kw’isi+.  Nzoha abantu banje b’Abisirayeli ikibanza bakibemwo, bagishingemwo imizi, ntihagire uwongera kubabuza amahoro. Ababisha ntibazokwongera kubacinyiza* nk’uko babigize+ 10  kuva igihe nagena abacamanza kugira bayobore abantu banje b’Abisirayeli+. Nzotsinda abansi bawe bose+. Kandi jewe Yehova ndabikubwiye: nzotuma ugira umuryango ukomokamwo abami*. 11  Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*, umwe mu bahungu bawe, uruvyaro* rwawe bwite+, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+. 12  Ni we azonyubakira inzu+ kandi ubutegetsi* bwiwe nzobukomeza ibihe bidahera+. 13  Nzomubera se, na we ambere umwana+. Sinzoreka kumugirira ubuntu*+ nk’uko naretse kubugirira uwari ahari imbere yawe+. 14  Nzomuha intwaro yanje, agumeho ibihe vyose+. Umuryango wiwe uzokwama ukomokamwo abami kandi intebe yiwe y’ubwami izogumaho ibihe vyose+.’”» 15  Natani abwira Dawidi ayo majambo yose n’ivyo yeretswe vyose. 16  Umwami Dawidi aca aja kwicara hasi imbere ya Yehova, maze avuga ati: «Mbega ndi nde ga Yehova Mana? Kubera iki uguma unkorera ibi vyiza vyose kandi umuryango wanje ata co uvuze+? 17  Ewe Mana, raba uvuze n’ibizoba ku muryango wanje mu gihe ca kure nk’aho umengo ivyo umaze kunkorera jewe umusavyi wawe ntibikwiye+. Kandi wambonye nk’umuntu akwiye guterwa iteka ryinshi*, ewe Yehova Mana. 18  Hari ikindi jewe umusavyi wawe Dawidi novuga kuri iryo teka unteye? Erega wewe uranzi neza+. 19  Ewe Yehova, wahishuye ubukuru bwawe ukora ivyo bintu bikomeye vyose, ubikora ku neza yanje jewe umusavyi wawe no kubera ko bihuye n’ivyo ugomba+. 20  Ewe Yehova, nta muntu n’umwe ameze nkawe+ kandi nta Mana iriho atari wewe+. Ivyo twumvise vyose birabitwemeza. 21  Vyongeye, ni ihanga irihe kw’isi rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli+? Waragiye urabacungura Mana y’ukuri, ubagira abantu bawe+. Watumye izina ryawe riba rurangiranwa mu gukora ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+, wirukana amahanga ngo abise abantu bawe+ wacunguye ubakuye mu Misiri. 22  Abisirayeli wabagize ihanga ryawe, baba abawe ibihe vyose+. Nawe Yehova, wabaye Imana yabo+. 23  None rero ga Yehova, ivyo wasezeranye ku vyerekeye jewe umusavyi wawe n’umuryango wanje, uze ubishitse ibihe vyose, ubikore nk’uko wabisezeranye+. 24  Izina ryawe nirihangame* kandi rishirwe hejuru+ ibihe bidahera, kugira ngo abantu bavuge bati: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, ni we Mana ya Isirayeli.” Nutume umuryango w’umusavyi wawe Dawidi ushinga imizi+. 25  Kuko wewe Mana yanje, wampishuriye umugambi wo kumpa umuryango ukomokamwo abami*. Ni co gitumye jewe umusavyi wawe ndagutura iri sengesho umutima uri mu nda. 26  Ewe Yehova, uri Imana y’ukuri kandi jewe umusavyi wawe unsezeraniye ivyiza. 27  Ndagusavye rero uhezagire umuryango wanje, utume wamaho ibihe vyose. Ewe Yehova, umuryango wanje warawuhezagiye kandi uzokwama uhezagiwe ibihe vyose.»

Utujambo tw'epfo

Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuva ndugana Isirayeli.»
Bishobora kuba bisobanura ngo «nagumye mva aho bashinze ihema nkaja ahandi barishinze, nkava muri iki kibanza nkaja mu kindi.»
Mu giheburayo havuga ngo «kubaruhisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokwubakira inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugahamvya ba sokuruza bawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»
Canke «kumwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «nk’umuntu w’umunyacubahiro.»
Canke «niribe iryo kwizigirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «kunyubakira inzu.»