Ngoma za mbere 16:1-43

  • Isandugu bayishira mw’ihema (1-6)

  • Indirimbo ya Dawidi yo gushima (7-36)

    • «Yehova abaye Umwami!» (31)

  • Abakorera imbere y’isandugu (37-43)

16  Bazana rero ya sandugu y’Imana y’ukuri, bayishira mw’ihema Dawidi yari yayiteguriye+. Baca bashikanira imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+. 2  Dawidi arangije gushikana ivyo bimazi biturirwa+ n’ivyo gusangira+, aca ahezagira abantu mw’izina rya Yehova. 3  Vyongeye Abisirayeli bose, baba abagabo canke abagore, umwe wese amuha umukate w’umuzingi n’akantu ko kurya gakozwe mu vyamwa vy’itende* n’agakozwe mu nzabibu zumye. 4  Maze atora bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’isandugu ya Yehova+, ngo batere iteka* Yehova Imana ya Isirayeli, bamukengurukire bongere bamushemeze. 5  Asafu+ ni we yari umukuru agakurikirwa na Zakariya. Yeyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyeli+ bavuza ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Asafu yavuza ivyuma bisama+, 6  abaherezi Benaya na Yahaziyeli na bo bakama bavuza inzumbete imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri. 7  Kuri uwo musi ni ho Dawidi yatunganya* ari bwo bwa mbere indirimbo yo gushemeza Yehova biciye kuri Asafu+ na benewabo ati: 8  «Nimukengurukire Yehova+, mwambaze izina ryiwe.Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+. 9  Nimumuririmbire, mumuririmbire amashemezo*+.Nimuzirikane* ibikorwa vyiwe vyose bitangaje+. 10  Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+. Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+. 11  Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe. Nimugume murondera gushimwa na we*+. 12  Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze+,mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye, 13  yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Isirayeli+,yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+. 14  Ni Yehova Imana yacu+. Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+. 15  Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe bidahera,mwibuke umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+. 16  Nimwibuke isezerano yagiraniye na Aburahamu+,n’indahiro yarahiye Izahaki+. 17  Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo+,ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli, 18  avuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+,kibe intoranwa yawe+.” 19  Ico gihe bari bake,emwe bake cane, kandi bari abanyamahanga muri ico gihugu+. 20  Bava mw’ihanga rimwe baja mu rindi,bakava mu bwami bumwe baja mu bundi+. 21  Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,ahubwo yarakosoye abami kubera bo+, 22  ababwira ati: “Ntimukore ku bo narobanuye*,kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.” 23  Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese! Uko bukeye, nimutangaze ubukiriro atanga+! 24  Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose. 25  Kuko Yehova ahambaye kandi akaba abereye gushemezwa cane. Arateye akoba gusumba izindi mana zose+. 26  Imana zose z’amahanga ni imana ata co zimaze+,mugabo Yehova ni we yaremye* ijuru+. 27  Icubahiro* n’ubwiza buhebuje biri imbere yiwe+.Inkomezi n’akanyamuneza bibarizwa aho aba+. 28  Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+. 29  Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe+.Nimurenguke imbere yiwe muzanye ingabire+. Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*+. 30  Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese! Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa+. 31  Ijuru nirihimbarwe, isi na yo inezerwe+.Nimutangaze mu mahanga muti: “Yehova abaye Umwami+!” 32  Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.Imirima n’ibiyirimwo vyose nibinezerwe. 33  Ibiti vyo mw’ishamba na vyo nyene nibivuze impundu imbere ya Yehova,kuko aje* gucira urubanza isi. 34  Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+. 35  Nimuvuge muti: “Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,udukoranye maze udukure mu mahanga,kugira dutazire izina ryawe ryeranda+kandi tugushemeze twigina*+. 36  Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwegushika ibihe bidahera*.”» Abantu bose baca bavuga bati: «Amen*!», maze bashemeza Yehova. 37  Maze Dawidi asiga Asafu+ na benewabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo babandanye gukorera imbere y’iyo sandugu+, nk’uko bisanzwe bigirwa buri musi+. 38  Obedi-Edomu na benewabo 68, na Obedi-Edomu mwene Yedutuni na Hosa bari abarinzi b’amarembo. 39  Umuherezi Sadoki+ n’abaherezi bagenziwe na bo yabasize imbere y’ihema ryeranda rya Yehova ryari mu kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+, 40  kugira ngo bame bashikanira Yehova mu gitondo no ku mugoroba amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mu mategeko Yehova yahaye Isirayeli+. 41  Bari kumwe na Hemani na Yedutuni+ n’abandi bagabo bari batowe* ngo bakengurukire Yehova+, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+. 42  Hemani+ na Yedutuni bari bajejwe kuvuza inzumbete, ivyuma bisama n’ibindi bicurarangisho bakoresha mu gushemeza Imana y’ukuri*. Bene Yedutuni+ bari bajejwe irembo. 43  Maze abantu bose barataha, Dawidi na we aja guhezagira abo mu rugo rwiwe.

Utujambo tw'epfo

^ Itende ni ubwoko bw’ikigazi.
^ Mu giheburayo havuga ngo «bibuke.»
^ Canke «yatanga.»
^ Canke «mumucurarangire.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimuvuge.»
^ Canke «murondera mu maso hiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «zikwiragiye.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ijambo yategetse.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
^ Canke «iteka.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kubera ubwiza buhebuje bw’ubweranda bwiwe.»
^ Canke «nimusenge.»
^ Canke «isi yimbuka.»
^ Canke «yaje.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «duhimbarwe no kugushemeza.»
^ Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
^ Canke «nibibe gutyo nyene.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ikibanza gitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
^ Canke «batowe bakavugwa amazina.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «vy’indirimbo z’Imana y’ukuri.»