Abami ba mbere 8:1-66
8 Ico gihe umwami Salomo akoranya+ abashingantahe bo muri Isirayeli, abakuru* b’imiryango bose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* ya Isirayeli+. Baja iyo ari i Yeruzalemu kugira ngo badugane isandugu y’isezerano rya Yehova bayikuye mu gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+.
2 Nuko abagabo bo muri Isirayeli bose bakoranira imbere y’umwami Salomo ku musi mukuru* mu kwezi kugira indwi+ kwitwa Etanimu*.
3 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli bamaze kuza, abaherezi baca barerura iyo sandugu+.
4 Abaherezi n’Abalewi baca badugana isandugu ya Yehova, ihema ry’ibonaniro+ n’ibikoresho vyeranda vyose vyari muri ryo.
5 Umwami Salomo n’Abisirayeli bose yari yatumiye bakoranira imbere y’iyo sandugu, bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidaharurika.
6 Maze abaherezi binjiza isandugu y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo+. Bayishira mu cumba c’ahiherereye c’urusengero*, ni ukuvuga Aheranda cane, munsi y’amababa ya ba bakerubi+.
7 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje hejuru y’aho iyo sandugu iteretse, ku buryo babera igitutu iyo sandugu n’ibibando vyo kuyireruza*+.
8 Ivyo bibando+ vyari birebire cane ku buryo umuntu ari Aheranda imbere y’icumba c’ahiherereye yabona imitwe yavyo, mugabo uwuri hanze nta yo yabona. Ivyo bibando ni ho bikiri gushika n’uyu musi.
9 Muri iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri vy’amabuye+ Musa yashiramwo+ bari i Horebu, igihe Yehova yagirana isezerano+ n’Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri+.
10 Abaherezi bamaze kuva ahantu heranda, igicu+ gica cuzura inzu ya Yehova+.
11 Ico gicu gituma abaherezi badashobora kubandanya igikorwa cabo kubera ko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+.
12 Maze Salomo avuga ati: «Yehova, wavuze ko uzoba mu mwiza w’umuzitanya+.
13 None raba narakwubakiye inzu ihambaye uzobamwo ibihe vyose+.»
14 Maze umwami arahindukira, araba ishengero ryose ry’Abisirayeli bari bahagaze imbere yiwe, atangura kubahezagira+.
15 Avuga ati: «Yehova Imana ya Isirayeli aragahezagirwa, we yashikije* ivyo ubwiwe yavuze* igihe yasezeranira dawe Dawidi ati:
16 “Kuva umusi nakura abantu banje b’Abisirayeli mu Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ngo bahubake inzu izokwama yitirirwa izina ryanje+. Mugabo naratoye Dawidi kugira ngo aganze abantu banje b’Abisirayeli.”
17 Dawe Dawidi yaripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+.
18 Mugabo Yehova abwira dawe Dawidi ati: “Waripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kandi wagize neza.
19 Ariko si wewe uzokwubaka iyo nzu. Umuhungu uzovyara* ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+.”
20 Yehova yarashikije ivyo yari yarasezeranye: dawe Dawidi naramusubiriye, nicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli, nk’uko Yehova yari yarabisezeranye. Narubatse n’inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+.
21 Muri iyo nzu narahateguye ikibanza c’isandugu irimwo isezerano+ Yehova yagiranye na ba sogokuruza bacu igihe yabakura mu gihugu ca Misiri.»
22 Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro ca Yehova, ishengero ryose ry’Abisirayeli riri imbere yiwe, aduza amaboko ayerekeje mw’ijuru+.
23 Avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nta Mana iriho imeze nkawe+ hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi. Urashitsa ivyo wasezeranye kandi ukereka urukundo rudahera*+ abasavyi bawe bagukorera* n’umutima wabo wose+.
24 Warubahirije ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi. Uyu musi ushikije ivyo wewe ubwawe wasezeranye+.
25 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu nzira zanje nk’uko wabigize, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.”
26 Mana ya Isirayeli, ndagusavye ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi.
27 Ariko none Mana, vy’ukuri uzoba kw’isi+? N’ijuru iyo riva rikagera ntirishobora kugukwira+, nkanswe iyi nzu nubatse+!
28 Ndagusavye rero Yehova Mana yanje wumvirize isengesho ryanje jewe umusavyi wawe, wumvirize n’ugutakamba kwanje. Ndagusavye wumve ugutabaza kwanje n’isengesho ndagutuye uyu musi.
29 Nugumize amaso yawe kuri iyi nzu ijoro n’umurango. Ku vyerekeye iyi nzu, wavuze uti: “Izina ryanje ni ho rizoba+.” Nuyigumizeko amaso kugira ngo unyumvirize jewe umusavyi wawe ninagusenga ntumbereye aha hantu+.
30 Uze wumvirize ugutakamba kwanje jewe umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli, nibasenga batumbereye aha hantu. Uze wumvirize uri mw’ijuru aho uba+, maze utubabarire+.
31 Umuntu niyacumura kuri mugenziwe, hari aho bomutegeka kurahira* na we akavyemera, hanyuma amaze kurahira akaza imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu+.
32 Nivyaba, uze wumve uri mw’ijuru ugire ico ukoze. Uze ucire urubanza abasavyi bawe: umubisha umucire urubanza bikwiranye*, ivyo yakoze bije ku gatwe kiwe, umugororotsi na we umwambike izera*, umuhembere ubugororotsi bwiwe+.
33 Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kubera ko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bakakugarukako bakaninahaza izina ryawe+, bakaza kugusengera muri iyi nzu bagutakambira+,
34 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire igicumuro c’abantu bawe b’Abisirayeli, hanyuma ubagarukane mu gihugu wahaye ba sekuruza babo+.
35 Ijuru niryugarwa, imvura ikareka kugwa+ kubera yuko bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga batumbereye aha hantu, bakaninahaza izina ryawe, bagaheba ibicumuro vyabo kubera wabacishije bugufi*+,
36 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire ibicumuro vy’abasavyi bawe, ubabarire abantu bawe b’Abisirayeli, ubigishe+ inzira nziza bakwiye gucamwo. Uzoce ugwisha imvura ku gihugu cawe+, ico wahaye abantu bawe nk’intoranwa.
37 Mu gihugu nihatera inzara+, ikiza, imiyaga ibabura ibiterwa, ingese y’ibiterwa*+, inzige canke ibihori bitema bigatongora, canke abansi babo bakugariza igisagara cabo ico ari co cose, canke bagaterwa n’icago ico ari co cose canke indwara iyo ari yose+,
38 ntibazobura kugusenga. Umuntu uwo ari we wese canke abantu bawe b’Abisirayeli bose, nibagusenga canke bakagutakambira+ (kuko umwe wese azi amagorwa afise mu mutima+), maze bakaduza amaboko bayerekeje kuri iyi nzu,
39 uze wumve rero uri mw’ijuru aho uba+, ubababarire+, uheze ubatabare. Umwe wese uze umuhe ibikwiranye n’ivyo akora+ kuko uzi umutima wiwe. (Ni wewe wenyene uzi neza umutima w’umuntu wese+.)
40 Uze ubigire kugira ngo bagutinye igihe cose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.
41 Kandi nihagira umunyamahanga atari uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli aza avuye mu gihugu ca kure, akaza azanywe n’izina ryawe*+,
42 (kuko bazokwumva ibijanye n’izina ryawe rihambaye+ n’ukuboko kwawe gukomeye kandi kw’ububasha*) akaza maze agasenga atumbereye iyi nzu,
43 uze umwumvirize uri mw’ijuru aho uba+, umukorere ivyo agusavye vyose. Amahanga yose yo kw’isi azoheza amenye izina ryawe yongere agutinye+ nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bagutinya, amenye kandi yuko iyi nzu nubatse yitirirwa izina ryawe.
44 Niwarungika abantu bawe ahantu aho ari ho hose ngo baje kurwanya abansi babo+, maze bakagusenga+ wewe Yehova batumbereye iki gisagara watoye+ n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe+,
45 uze rero wumve isengesho ryabo. Uze wumve n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru, ubafashe*.
46 Abantu bawe nibagucumurako (kuko ata muntu adacumura+), hari aho wobashavurira cane maze ukareka abansi babo bakabatsinda, bakabatwara ari imbohe mu gihugu cabo, caba kiri kure canke hafi+.
47 Bagezeyo hari aho bokwigarura bakakugarukako+, bakagutakambira bari muri ico gihugu c’ababagize imbohe+, bakakubwira bati: “Twaracumuye tugira nabi, dukora ivy’ububisha+.”
48 Hari aho bokugarukako n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose bari muri ico gihugu abansi babo babajanyemwo ari imbohe, maze bakagusenga batumbereye igihugu cabo wahaye ba sekuruza babo n’igisagara watoye be n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe+.
49 Uze rero wumve isengesho ryabo n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru aho uba+, ubafashe*.
50 Uze ubabarire abantu bawe bagucumuyeko, ubababarire amakosa yose bagukoreye. Uze utume ababagize imbohe babumvira akagongwe, babumvire akagongwe vy’ukuri+,
51 (kuko ari abantu bawe n’intoranwa yawe+ wakuye mu Misiri+, mw’ifuru ishongesha ivyuma+).
52 Uze witegereze igihe jewe umusavyi wawe ndagutakambira+ n’igihe abantu bawe b’Abisirayeli bagutakambira, maze wumvirize igihe cose bagutabaje*+,
53 kuko ari wewe Mukama Segaba Yehova, wabatandukanije n’ayandi mahanga yose yo kw’isi+ kugira ngo babe intoranwa yawe, nk’uko nyene wabivuze biciye ku musavyi wawe Musa, igihe wakura ba sogokuruza bacu mu Misiri.»
54 Nuko Salomo akirangiza kubwira Yehova ayo majambo yose mw’isengesho no kumutakambira, aca arahaguruka ava imbere y’igicaniro ca Yehova, aho yari apfukamye adugije amaboko ayerekeje mw’ijuru+.
55 Aca arahagarara, maze ahezagira ishengero ryose rya Isirayeli n’ijwi rirenga ati:
56 «Hashemezwe Yehova, we yahaye abantu biwe b’Abisirayeli ahantu bibera mu mahoro nk’uko yabisezeranye+. Mu bintu vyiza vyose yasezeranye biciye ku musavyi wiwe Musa, nta na kimwe kitashitse+.
57 Yehova Imana yacu aze abane natwe nk’uko nyene yabanye na ba sogokuruza bacu+. Ntazodute canke ngo aduhebe+.
58 Natume umutima wacu umwihebera+ kugira ngo tugendere mu nzira ziwe zose, twongere dukurikize amabwirizwa yiwe, amategeko yiwe n’ingingo yashinze, ivyo yasavye ba sogokuruza bacu kwubahiriza.
59 Yehova Imana yacu aze yame yibuka ku murango no mw’ijoro aya majambo mvuze ndamutakambira, maze Yehova antabare* jewe umusavyi wiwe n’abantu biwe b’Abisirayeli, bivanye n’ivyo dukeneye buri musi.
60 Amahanga yose yo kw’isi azoheza amenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+, ko ata yindi iriho+.
61 Mukorere rero Yehova Imana yacu n’umutima wanyu wose*+, mubigire mu gukurikiza amategeko yiwe n’amabwirizwa yiwe nk’uko muriko murabigira.»
62 Umwami n’Abisirayeli bose bari kumwe na we bashikanira Yehova ibimazi vyinshi+.
63 Salomo ashikanira Yehova ibimazi vyo gusangira+. Yashikanye inka 22.000 n’intama 120.000. Ni ukwo vyagenze igihe umwami n’Abisirayeli bose binjira inzu ya Yehova+.
64 Kuri uwo musi, vyabaye ngombwa ko umwami yeza igice co hagati c’ikigo kiri imbere y’inzu ya Yehova. Ni ho yaciye ashikanira ibimazi biturirwa, amashikanwa y’intete n’ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira. Yabigize kubera ko igicaniro c’umujumpu+ kiri imbere ya Yehova cabaye gitoya cane ku buryo kidakwirwamwo ivyo bimazi biturirwa, ayo mashikanwa y’intete n’ivyo bihimba binuze+ vy’ibimazi vyo gusangira.
65 Ico gihe Salomo agira umusi mukuru+ imbere ya Yehova Imana yacu ari kumwe n’Abisirayeli bose. Ryari ishengero rinini ryaje riva i Lebo-Hamati* no gushika ku mwonga* wa Misiri+. Uwo musi mukuru wamaze imisi 7, bongerako n’iyindi misi 7, yose hamwe iba 14.
66 Ku musi ukurikira*, umwami asezera abantu maze baramuhezagira. Baca barataha banezerewe kandi baryohewe mu mutima kubera ivyiza vyose+ Yehova yakoreye umusavyi wiwe Dawidi n’ihanga ryiwe Isirayeli.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»
^ Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
^ Ni umusi mukuru w’insago.
^ Raba Inyongera ya B15.
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Canke «iminiho yayo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yashikije n’ukuboko kwiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yavuze n’akanwa kiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu wawe azova mu kiyunguyungu cawe.»
^ Canke «rudahemuka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bagendera imbere yawe.»
^ Canke «hari aho mugenziwe yomutegeka kwihamagarirako umuvumo.» Yari indahiro yatuma umuntu yisabira igihano c’umuvumo aramutse arahiye ibinyoma canke akarenga ku ndahiro yiwe.
^ Mu giheburayo havuga ngo «umubisha uvuge ko ari umubisha.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umugororotsi uvuge ko ari umugororotsi.»
^ Canke «wabateje amagorwa.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «akaza kubera ukuntu uzwi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ubatunganirize.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ubatunganirize.»
^ Canke «wumvirize ivyo bagusaba vyose.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «antunganirize.»
^ Canke «n’umutima ukwiye.»
^ Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ugira umunani.» Ni ukuvuga umusi ukurikira ca kiringo kigira kabiri c’imisi indwi.