Abami ba mbere 17:1-24
17 Eliya*+ w’i Tishibe yaba mu karere ka Gileyadi+. Igihe kimwe abwira Ahabu ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera*, yuko ata rume ruzoboneka canke ngo hagire imvura igwa muri iyi myaka, atari jewe ndabivuze+.»
2 Yehova abwira Eliya ati:
3 «Va ng’aha ugende werekeza mu buseruko maze winyegeze mu mwonga Keriti mu buseruko bwa Yorodani.
4 Uzoze uranywa amazi yo muri uwo mwonga kandi nzotegeka ibikona bize birakuzanira ibifungurwa+.»
5 Ubwo nyene Eliya aca aragenda akora ivyo Yehova yamubwiye, aja mu mwonga Keriti agumayo. Uwo mwonga wari mu buseruko bwa Yorodani.
6 Mu gitondo no ku mugoroba ibikona vyamuzanira umukate n’inyama kandi yanywa amazi yo muri uwo mwonga+.
7 Mugabo haheze imisi, uwo mwonga urakama+ kuko ata mvura yagwa mu gihugu.
8 Yehova aca amubwira ati:
9 «Haguruka uje mu gisagara ca Zarefati co mu karere ka Sidoni maze ugumeyo. Nzotegeka umupfakazi abayo aze arakuronsa ibifungurwa+.»
10 Nuko arahaguruka aja i Zarefati. Ashitse kw’irembo ry’igisagara abona umugore w’umupfakazi ariko atoragura udukwi. Aca aramuhamagara amubwira ati: «Ndagusavye umfashishe utuzi two kunywa+.»
11 Agiye kumuzanira amazi amubwira ati: «Ndagusavye uze unzaniye n’agakate.»
12 Na we avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe, nta mukate mfise. Mfise gusa agafu gakeyi cane* kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo+. Ubu ndiko ntoragura udukwi dukeyi kugira nje gutegura akantu twe n’umuhungu wanje dufungura. Nta bindi tuzoronka, tuzoca dupfa.»
13 Maze Eliya amubwira ati: «Ntutinye. Genda ukore nk’uko ubivuze. Ariko ubanze utore ako gafu ufise unkorere agakate*, uce ukanzanira. Uraheza utegure ivyo wewe n’umuhungu wawe mufungura.
14 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ifu iri muri uwo mubindi munini ntizohera, n’amavuta ari muri ako gakarabo ntazohera gushika umusi jewe Yehova nzotuma imvura igwa mu gihugu+.”»
15 Nya mugore aragenda, akora ivyo Eliya amubwiye. We n’umuryango wiwe na Eliya bamara imisi myinshi baronka ivyo bafungura+.
16 Wa mubindi munini ntiwigeze uburamwo ifu, na ka gakarabo ntikigeze kaburamwo amavuta, nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya.
17 Mu nyuma umuhungu w’uyo mugore yari amuhaye indaro* ararwara araremba maze arapfa*+.
18 Aca abwira Eliya ati: «Dupfa iki* ga muntu w’Imana y’ukuri? Mbega waje iwanje kunyibutsa ivyaha vyanje no kunyicira umwana+?»
19 Mugabo Eliya amubwira ati: «Mpa uwo muhungu wawe.» Maze aramuterura amuha Eliya. Eliya aca amudugana mu cumba co hejuru yararamwo, amuryamika ku buriri bwiwe+.
20 Atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje+, kubera iki uteje ivyago n’uyu mupfakazi ampaye indaro mu kumwicira umwana?»
21 Maze yubama kuri nya mwana incuro zitatu atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume uyu mwana asubira kuba muzima.»
22 Yehova araheza yumva ivyo Eliya amusavye+ maze uwo mwana asubira kuba muzima+.
23 Eliya aca atora uwo mwana, amukura muri ico cumba co hejuru, amuha nyina amubwira ati: «Ehe raba umuhungu wawe ni muzima+.»
24 Uwo mugore aca yishura Eliya ati: «Ubu ndamenye ko uri umuntu w’Imana vy’ukuri+ kandi ko ivyo Yehova avuga biciye kuri wewe ari ukuri.»
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kari ku rushi.»
^ Canke «agakate kiburungushuye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwo mugore nyene inzu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntiyaba agihema.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki.»