Abami ba mbere 17:1-24

  • Umuhanuzi Eliya avuga ko imvura itazogwa (1)

  • Eliya agaburirwa n’ibikona (2-7)

  • Eliya aja ku mupfakazi w’i Zarefati (8-16)

  • Umwana w’uwo mupfakazi apfa agasubira kuba muzima (17-24)

17  Eliya*+ w’i Tishibe yaba mu karere ka Gileyadi+. Igihe kimwe abwira Ahabu ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera*, yuko ata rume ruzoboneka canke ngo hagire imvura igwa muri iyi myaka, atari jewe ndabivuze+  Yehova abwira Eliya ati:  «Va ng’aha ugende werekeza mu buseruko maze winyegeze mu mwonga Keriti mu buseruko bwa Yorodani.  Uzoze uranywa amazi yo muri uwo mwonga kandi nzotegeka ibikona bize birakuzanira ibifungurwa+  Ubwo nyene Eliya aca aragenda akora ivyo Yehova yamubwiye, aja mu mwonga Keriti agumayo. Uwo mwonga wari mu buseruko bwa Yorodani.  Mu gitondo no ku mugoroba ibikona vyamuzanira umukate n’inyama kandi yanywa amazi yo muri uwo mwonga+.  Mugabo haheze imisi, uwo mwonga urakama+ kuko ata mvura yagwa mu gihugu.  Yehova aca amubwira ati:  «Haguruka uje mu gisagara ca Zarefati co mu karere ka Sidoni maze ugumeyo. Nzotegeka umupfakazi abayo aze arakuronsa ibifungurwa+ 10  Nuko arahaguruka aja i Zarefati. Ashitse kw’irembo ry’igisagara abona umugore w’umupfakazi ariko atoragura udukwi. Aca aramuhamagara amubwira ati: «Ndagusavye umfashishe utuzi two kunywa+ 11  Agiye kumuzanira amazi amubwira ati: «Ndagusavye uze unzaniye n’agakate.» 12  Na we avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe, nta mukate mfise. Mfise gusa agafu gakeyi cane* kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo+. Ubu ndiko ntoragura udukwi dukeyi kugira nje gutegura akantu twe n’umuhungu wanje dufungura. Nta bindi tuzoronka, tuzoca dupfa.» 13  Maze Eliya amubwira ati: «Ntutinye. Genda ukore nk’uko ubivuze. Ariko ubanze utore ako gafu ufise unkorere agakate*, uce ukanzanira. Uraheza utegure ivyo wewe n’umuhungu wawe mufungura. 14  Kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ifu iri muri uwo mubindi munini ntizohera, n’amavuta ari muri ako gakarabo ntazohera gushika umusi jewe Yehova nzotuma imvura igwa mu gihugu+.”» 15  Nya mugore aragenda, akora ivyo Eliya amubwiye. We n’umuryango wiwe na Eliya bamara imisi myinshi baronka ivyo bafungura+. 16  Wa mubindi munini ntiwigeze uburamwo ifu, na ka gakarabo ntikigeze kaburamwo amavuta, nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya. 17  Mu nyuma umuhungu w’uyo mugore yari amuhaye indaro* ararwara araremba maze arapfa*+. 18  Aca abwira Eliya ati: «Dupfa iki* ga muntu w’Imana y’ukuri? Mbega waje iwanje kunyibutsa ivyaha vyanje no kunyicira umwana+ 19  Mugabo Eliya amubwira ati: «Mpa uwo muhungu wawe.» Maze aramuterura amuha Eliya. Eliya aca amudugana mu cumba co hejuru yararamwo, amuryamika ku buriri bwiwe+. 20  Atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje+, kubera iki uteje ivyago n’uyu mupfakazi ampaye indaro mu kumwicira umwana?» 21  Maze yubama kuri nya mwana incuro zitatu atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume uyu mwana asubira kuba muzima.» 22  Yehova araheza yumva ivyo Eliya amusavye+ maze uwo mwana asubira kuba muzima+. 23  Eliya aca atora uwo mwana, amukura muri ico cumba co hejuru, amuha nyina amubwira ati: «Ehe raba umuhungu wawe ni muzima+ 24  Uwo mugore aca yishura Eliya ati: «Ubu ndamenye ko uri umuntu w’Imana vy’ukuri+ kandi ko ivyo Yehova avuga biciye kuri wewe ari ukuri.»

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»
Mu giheburayo havuga ngo «kari ku rushi.»
Canke «agakate kiburungushuye.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwo mugore nyene inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiyaba agihema.»
Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki.»