Zekariya 9:1-17

9  Ijambo ryamenyeshejwe+: “Ijambo rya Yehova riziye igihugu ca Hadaraki, kandi i Damasiko+ ni ho rizovyagira; kuko Yehova ashinze ijisho umuntu yakuwe mw’ivu+, n’imiryango yose ya Isirayeli.  Riziye kandi Hamati+ ihana urubibe na ho; riziye na Tiro+ be na Sidoni+, kuko ari inkerebutsi cane+.  Tiro yiyubakiye igikuta, yirundira ifeza nk’umukungugu be n’inzahabu nk’urwondo rwo mu mabarabara+.  Raba! Yehova ubwiwe azomwomora, emwe, ingabo ziwe azozihonereza mu kiyaga+; na we azorigatwa n’umuriro+.  Ashikeloni azobibona atinye; nayo Gaza, azokwumva ububabare bukaze; na Ekuroni+, kuko ico yari ahanze amaso+ kitazobura kumaramara. Kandi umwami ntazobura kuzimangana i Gaza, Ashikeloni na we nta bantu bazoba muri we+.  Emwe, umwana w’ikivyarwa+ azovyagira i Ashidodi+, kandi nzorandura ubwishime bw’Umufilisitiya+.  Nzomukura mu kanwa ibintu vyiwe vyandujwe n’amaraso, ndamukure mu menyo ibintu vyiwe bisesemye+, kandi na we nyene azosigarizwa Imana yacu; azoba vy’ukuri nk’umutware*+ muri Yuda+, Ekuroni na we abe nk’Umuyebusi+.  Nzokambika hanze y’inzu yanje kugira ndayirinde+, ku buryo ata wuzohaca arengana canke agaruka; nta mugapita azosubira guca iwabo+, kuko ubu ndavyiboneye n’amaso yanje+.  “Nezerwa cane, wa mukobwa wa Siyoni+! Niwihe akaruru k’intsinzi+, wa mukobwa wa Yeruzalemu! Raba! Umwami wawe+ araje kuri wewe+. Aragororotse kandi ni nyen’intsinzi+; aricisha bugufi+, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku gitungwa gikuze kivuka ku ndogobwa y’ingore+. 10  Nzorandura koko umukogote w’intambara muri Efurayimu, n’ifarasi muri Yeruzalemu+. Kandi umuheto w’urugamba+ uzorandurwa ata kabuza. Azobwira amahanga ivy’amahoro+; kandi ubutware bwiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre kuri rwa Ruzi bushike ku mpera z’isi+. 11  “Nawe ga wa mugore, biciye ku maraso y’isezerano ryawe+, nzorungika imbohe zawe+ ndazikuye mu cobo kitarimwo amazi. 12  “Nimugaruke ku gihome gikomeye+, yemwe mbohe zifise icizigiro+! “Vyongeye, uyu musi nkubwiye nti: ‘Nzokwishura umugabane urimwo ibiri+, ewe wa mugore! 13  Kuko nzoshinga ikirenge kuri Yuda nk’aho ndagishinze ku muheto wanje. Nzoshira Efurayimu mu muheto, nkangure abana bawe+, ewe Siyoni, barwanye abana bawe, ewe Bugiriki+, kandi nzokugira nk’inkota y’umugabo w’umunyenkomezi+.’ 14  Yehova azoboneka hejuru yabo+, kandi umwampi wiwe uzofyiruka nk’umuravyo+. Umukama Segaba Yehova ubwiwe azovuza inzamba+, ajane n’ibirura vy’umuyaga vyo mu bumanuko+. 15  Yehova nyen’ingabo ubwiwe azobarwanira, kandi bazorotsa+ bongere baneshe amabuye atezwa imigozi. Emwe, bazonywa+, bavuze uruyogoyogo, nk’aho boba banyoye umuvinyu; bazokwuzura nk’ibakure, nk’imfuruka z’igicaniro*+. 16  “Kandi kuri uwo musi, Yehova Imana yabo azobakiza koko+ nk’umukuku w’abantu biwe+; kuko bazoba nk’amabuye yo ku mugāra aca ibibatsi ku butaka bwiwe+. 17  Nkako, ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi+, n’ubwiza bwiwe ukuntu ari bwinshi+! Intete ni zo zizotuma imisore isagamba, umuvinyu mushasha utume abigeme b’isugi basagamba+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “umushehe.” Ni ijambo ry’igiheburayo rivuye kw’itsitso risobanura “igihumbi,” rikaba risobanura “indongozi y’igihumbi.”
Raba Inyongera ya 21.