Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 6:1-15

6  Nuko nongera kuraramura amaso, mbona imikogote ine isohotse ivuye hagati y’imisozi ibiri, iyo misozi ikaba yari imisozi y’umujumpu.  Umukogote wa mbere wariko amafarasi atukura+, uwa kabiri na wo amafarasi yirabura+.  Umukogote wa gatatu wariko amafarasi yera+, uwa kane na wo amafarasi y’utudorodonzi, y’amabara avangavanze+.  Maze mbaza nya mumarayika yariko avugana nanje nti: “Ivyo ni ibiki ga mukama wanje+?”  Nya mumarayika anyishura rero ati: “Izo ni za mpwemu zine+ zo mu majuru zisohoka+ zimaze guhagarara imbere y’Umukama+ w’isi yose+.  Ku bijanye n’umukogote uriko amafarasi yirabura, ano agiye mu gihugu co mu buraruko+; ayera abwirizwa kuja hakurya y’ikiyaga; ay’utudorodonzi na yo abwirizwa kuja mu gihugu co mu bumanuko+.  Ay’amabara avangavanze+ abwirizwa kugenda, akaguma arondera iyo aja, kugira ngo agendagende mw’isi+.” Maze avuga ati: “Nimugende, mugendagende mw’isi.” Nya mafarasi atangura rero kugendagenda mw’isi.  Nuko atangura gusemerera yerekeza iyo ndi, ambwira ati: “Raba, ariya agiye mu gihugu co mu buraruko ni yo yatumye impwemu+ ya Yehova iruhuka mu gihugu co mu buraruko+.”  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti: 10  “Haze hagire ivyakīrwa bivuye ku bajanywe ari inyagano+, egome, bivuye kuri Heludayi no kuri Tobiya no kuri Yedaya; uze winjire kuri uwo musi, winjire mu nzu ya Yosiya mwene Zefaniya+ uri kumwe n’abo bavuye i Babiloni. 11  Uze wakire ifeza n’inzahabu, ukore urugori ruhambaye+ hanyuma urushire ku mutwe wa Yosuwa+ mwene Yehozadaki umuherezi mukuru. 12  Uheze umubwire uti: “‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ng’uwu umugabo+ yitwa Munago+. Azonagira mu kibanza ciwe bwite, kandi azokwubaka koko urusengero rwa Yehova+. 13  Ni we azokwubaka urusengero rwa Yehova, kandi azogira iteka+; azokwicara koko ku ntebe yiwe y’ubwami aganze, kandi azobera umuherezi ku ntebe y’ubwami yiwe+; inama y’amahoro+ izoba hagati y’ayo mabanga yompi. 14  Urwo rugori ruhambaye ruzoba urwa Helemu n’urwa Tobiya n’urwa Yedaya+ n’urwa Heni mwene Zefaniya, rubabere icibutso+ mu rusengero rwa Yehova. 15  Kandi abari kure bazoza bubake koko mu rusengero rwa Yehova+.” Maze muzomenya yuko Yehova nyen’ingabo ari we yabantumyeko+. Ivyo bizoba, nimwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yanyu+.’”

Amakuru yiyongereye