Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 5:1-11

5  Nuko nongera kuraramura amaso, mbona umuzingo uguruka+.  Ambwira rero ati: “Ubona iki+?” Nanje nti: “Mbona umuzingo uguruka, w’uburebure bw’amatambwe* mirongo ibiri, n’ubwaguke bw’amatambwe cumi.”  Maze ambwira ati: “Uwo ni umuvumo usohotse uja ku buringanire bw’isi yose+, kuko uwiba wese+ atigeze ahanwa nk’uko uwo muvumo wanditse ku ruhande rumwe, n’uwurahira wese+ atigeze ahanwa nk’uko uwo muvumo wanditse ku rundi ruhande+.  ‘Ndawurungitse,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘na wo uzokwinjira koko mu nzu y’igisuma no mu nzu y’uwurahira ibinyoma mw’izina ryanje+; kandi uzoba koko mu nzu yiwe, uyiherengetezanye n’ibiti vyayo n’amabuye yayo+.’”  Nuko nya mumarayika yariko avugana nanje arasohoka, ambwira ati: “Ndakwinginze uraramure amaso, urabe kirya gisohotse ico ari co.”  Maze mvuga nti: “Ni igiki?” Na we ati: “Iyo ni ingero ya efa isohotse.” Yongerako ati: “Ukwo ni ko basa mw’isi yose.”  Ngize ntya, mbona umurumyo w’umuzingi ukozwe mu butare bw’isǎsu uteruwe, maze mbona umugore yicaye hagati muri ya efa.  Nuko avuga ati: “Uwu ni Bubisha.” Hanyuma asubira kumuterera hagati muri nya efa+, araheza aterera ku munwa wayo bwa butare bw’isǎsu buremereye.  Maze ndaramura amaso, mbona abagore babiri basohotse, kandi umuyaga wari mu mababa yabo. Bari bafise amababa nk’ay’agasoza. Nuko batangura kuduza nya efa hagati y’isi n’ijuru. 10  Mbwira rero uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: “Irya efa bayijanye he?” 11  Na we ambwira ati: “Bagiye kumwubakira+ inzu mu gihugu ca Shinari+; izoshimangirwa koko, na we azoshirwa ng’aho, ahantu hiwe akwiriye.”

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.