Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 14:1-21

14  “Ehe umusi uraje, umusi wa Yehova+, kandi isahu ryawe rizogabanganywa hagati muri wewe.  Emwe, nzokoranya amahanga yose kugira atere Yeruzalemu+; ico gisagara kizofatwa ata kabuza+, amazu asahurwe, n’abagore bashurashuzwe ku nguvu+. Kandi ica kabiri c’igisagara kizoja mu bunyagano+; ariko abazosigara mu bantu+ ntibazorandurwa mu gisagara+.  “Emwe, Yehova azosohoka arwanye ayo mahanga+ nko ku musi arwana, ku musi w’intambara+.  Kuri uwo musi, ibirenge vyiwe bizohagarara ku musozi w’ibiti vy’imyelayo uri imbere ya Yeruzalemu, mu buseruko+; kandi uwo musozi w’ibiti vy’imyelayo+ uzosadukira hagati+, kuva i burasirazuba gushika mu burengero. Hazoba umubande munini cane; igice kimwe c’uwo musozi kizokwikumira kija mu buraruko, ikindi na co cikumire kija mu bumanuko.  Muzohungira mu mubande wo hagati y’imisozi yanje+; kuko nya mubande uzoshika i Azeli. Muzohunga koko, nka kumwe mwahunga kubera nyamugigima mu misi ya Uziya umwami wa Yuda+. Yehova Imana yanje azoza koko+, kandi aberanda biwe bose bazoba bari kumwe na we+.  “Kuri uwo musi nta muco w’agaciro uzoboneka+—ibintu bizokanya bigumarare+.  Kandi uwo musi uzoba vy’ukuri umusi umwe uzwi ko ari uwa Yehova+. Ntihazoba umurango canke ijoro+; ku mugoroba hazoba umuco+.  Kuri uwo musi, amazi mazima+ azova i Yeruzalemu+, igice kimwe cayo kije mu kiyaga co mu buseruko+, ikindi na co kije mu kiyaga co mu burengero+. Ivyo bizoba mu ci no mu rushana+.  Emwe, Yehova azoba umwami w’isi yose+. Kuri uwo musi, Yehova azoba umwe+, n’izina ryiwe ribe rimwe+. 10  “Igihugu cose kizohindurwa kibe nka Araba+, kuva i Geba+ gushika i Rimoni+ mu bumanuko bwa Yeruzalemu; Yeruzalemu izohaguruka ibemwo abantu, mu kibanza cayo+, kuva kw’Irembo rya Benyamini+ gushika ahari Irembo rya Mbere, gushika kw’Irembo ryo mu Mfuruka, no kuva ku Munara wa Hananeli+ gushika ku bikono vy’umwami baganiramwo. 11  Abantu bazohaba vy’ukuri; kandi ntihazosubira kuba ivy’ukugenera umuntu agatikizo+, kandi Yeruzalemu bazoyibamwo koko mu mutekano+. 12  “Iki ni co kiza Yehova azoteza ibisata vy’abantu bizotera koko Yeruzalemu+: Inyama z’umuntu zizomuborerako ahagaze+; amaso y’umuntu azoborera mu binogo vyayo, ururimi rw’umuntu na rwo ruborere mu kanwa kiwe. 13  “Kuri uwo musi, umuvurungano uvuye kuri Yehova uzokwiragira muri bo+; umwe wese azocakira ukuboko kwa mugenziwe, kandi ukuboko kwiwe kuzorwanya ukuboko kwa mugenziwe. 14  Yuda na yo nyene izorwanira i Yeruzalemu; kandi ubutunzi bw’amahanga yose ahakikije buzokwegeranywa koko: inzahabu n’ifeza n’impuzu, vyinshi rwose+. 15  “Uku ni ko ikiza kizotera ifarasi n’inyumpu n’ingamiya n’indogobwa y’ingabo n’ubwoko bwose bw’igitungwa kiri muri ayo makambi kizomera: kizomera nka nya kiza. 16  “Kandi abasigaye bose mu mahanga yose aza gutera Yeruzalemu+, bazoduga koko ku mwaka ku mwaka+ kwunamira wa Mwami+, Yehova nyen’ingabo+, no guhimbaza umusi mukuru w’insago+. 17  Abo mu miryango+ yo kw’isi bose batazoduga+ i Yeruzalemu kwunamira wa Mwami, Yehova nyen’ingabo, emwe, nta mvura izogwa iwabo+. 18  Kandi umuryango wa Misiri nutaduga ngo winjire koko, na bo nyene nta mvura izogwa iwabo. Hazotera ikiza Yehova ateza amahanga ataduga guhimbaza umusi mukuru w’insago. 19  Ico ni co kizoba igihano c’igicumuro ca Misiri n’igicumuro c’amahanga yose ataduga guhimbaza umusi mukuru w’insago+. 20  “Kuri uwo musi, ku nzogera z’ifarasi hazoba handitsweko+ ngo: ‘Ubweranda ni ubwa Yehova+!’ Kandi inkono z’iminwa minini+ zo mu nzu ya Yehova zizoba koko nk’amabakure+ ari imbere y’igicaniro+. 21  Emwe, inkono yose y’umunwa munini iri i Yeruzalemu no muri Yuda izoba ikintu ceranda ca Yehova nyen’ingabo, kandi abashikana ibimazi bose bazoza bazitore, maze bazitekemwo+. Kuri uwo musi, nta Munyakanani+ azoba akigera mu nzu ya Yehova nyen’ingabo+.”

Amakuru yiyongereye