Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 13:1-9

13  “Kuri uwo musi+, inzu ya Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba+ ryo kubuhagira igicumuro+ be n’ikintu co kuzinukwa+.  “Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzorandura amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa; abahanuzi+ be n’impwemu y’ubuhumane nzobizimanganya mu gihugu+.  Kandi nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye ntibazobura kumubwira bati: ‘Ntubandanya kubaho, kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.’ Maze se na nyina bamuvyaye bazomutobekeranya kubera ukuvuga ubuhanuzi kwiwe+.  “Kuri uwo musi abahanuzi bazomaramara+, umwe wese amaramazwe n’ivyo yeretswe niyavuga ubuhanuzi; kandi ntibazokwambara impuzu y’ibango ifise ubwoya+ kugira bahende abantu.  Azovuga koko ati: ‘Sindi umuhanuzi. Ndi umuntu w’umwirimizi, kuko umuntu yakuwe mw’ivu yangize umukozi wiwe kuva mu buto bwanje.’  Maze bazomubwira bati: ‘Izo nguma ziri ku bitugu vyawe ni iz’iki?’ Na we azovuga ati: ‘Ni izo nakomerekeye mu nzu y’abankunda rwinshi.’”  “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.”  “Mu gihugu cose,” ni ko Yehova avuze, “ibice bibiri muri co bizorandurwa bipfe+, ariko igice kigira gatatu kizosigazwa muri co+.  Ico gice kigira gatatu nzogicisha mu muriro+; emwe, nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza+, ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+. Na co kizokwambaza izina ryanje, nanje ndacishure+. Nzovuga nti: ‘Ni abantu banje+,’ na co kivuge giti: ‘Yehova ni Imana yanje+.’”

Amakuru yiyongereye