Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 12:1-14

12  Ijambo ryamenyeshejwe: “Ijambo rya Yehova ryerekeye Isirayeli,” ni ko Yehova avuze, Umwe aramvura amajuru+, agashinga umushinge w’isi+ kandi akarema impwemu+ y’umuntu muri we.  “Ehe Yeruzalemu+ ngira ndayigire ibakure itera ibizunguzungu ibisata vy’abantu vyose biyikikije+; umwansi azosugereza na Yuda, eka mbere na Yeruzalemu+.  Kuri uwo musi+ Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera+ ibisata vy’abantu vyose. Abazoriterura bose ntibazobura gukobagurika bikomeye; kandi amahanga yose yo kw’isi azokorana kugira ayirwanye+.  Kuri uwo musi+,” ni ko Yehova avuze, “ifarasi+ yose nzoyiteza ukuzazanirwa, uwuyigenderako na we ndamuteze ibisazi+; nzogumiza amaso ku nzu ya Yuda+, kandi ifarasi yose y’ibisata vy’abantu nzoyiteza uruhumyi.  Abatware*+ ba Yuda bazovuga koko mu mutima wabo bati: ‘Ababa i Yeruzalemu ni inkomezi zanje biciye kuri Yehova nyen’ingabo Imana yabo+.’  Kuri uwo musi, abatware ba Yuda nzobagira nk’inkono irimwo umuriro iri mu biti+, nk’ikimuri mu mikama y’ibinyantete ihejeje gutemwa+; bazoyigiza koko iburyo n’ibubamfu bw’ibisata vy’abantu vyose bibakikije+; kandi vy’ukuri Yeruzalemu izosubira kubamwo abantu mu kibanza cayo bwite, ni ukuvuga i Yeruzalemu+.  “Kandi Yehova azobanza gukiza amahema ya Yuda, kugira ngo ubwiza bw’inzu ya Dawidi n’ubwiza bw’ababa i Yeruzalemu ntibube bwinshi birenze kurusha ubwa Yuda.  Kuri uwo musi, Yehova azokingira irya n’ino ababa i Yeruzalemu+; kandi kuri uwo musi uwutsitara muri bo azoba koko nka Dawidi+, inzu ya Dawidi na yo ibe nk’Imana+, nk’umumarayika wa Yehova imbere yabo+.  Emwe, kuri uwo musi, nzorondera kuzimanganya amahanga yose aza kurwanya Yeruzalemu+. 10  “Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ubutoni+ n’ukwinginga+, kandi bazoraba koko Uwo basogōse+, bamuborogere vy’ukuri nk’ababorogera umwana w’ikinege; bazomucurira intimba rwose nk’abacurira intimba umwana w’imfura+. 11  Kuri uwo musi, ukuboroga i Yeruzalemu kuzoba ugukomeye, nka kwa kuboroga kw’i Hadadirimoni mu kiyaya c’umubande ca Megido+. 12  Igihugu kizoboroga koko+, umuryango umwumwe wose ukwawo; umuryango w’inzu ya Dawidi ukwawo, n’abagore babo ukwabo+; umuryango w’inzu ya Natani+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 13  umuryango w’inzu ya Lewi+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; umuryango w’inzu y’Abashimeyi+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 14  imiryango yose isigaye, umuryango umwumwe wose ukwawo, n’abagore babo ukwabo+.

Amakuru yiyongereye

Raba Zk 9:7, akajambo k’epfo.