Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 10:1-12

10  “Nimusabe Yehova imvura+ mu gihe c’imvura y’impeshi+, egome, muyisabe Yehova we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi+, akaba ari na we abaha imvura y’isegenya+, umwe wese akamuha ibimera mu murima+.  Kuko terafimu*+ zavuze ivy’amageza; abaraguzi beretswe ibinyoma+, kandi indoto ata co zimaze ni zo baguma bavuga, kandi bagerageza guhoreza abantu ubusa+. Ni co gituma bazozimira koko nk’umukuku+; bazokwibabaza, kuko ata mwungere ariho+.  “Ishavu ryanje rirurumbiye abungere+, kandi nzogira ico mbaza+ indongozi zimeze nk’amasuguru y’impene+; kuko Yehova nyen’ingabo yitayeho ubusho bwiwe+, inzu ya Yuda, kandi akaba yabagize nk’ifarasi yiwe+ y’iteka mu rugamba.  Muri we hava umukuru+, muri we hava umutegetsi ashigikira+, muri we hava umuheto w’urugamba+; muri we hasohoka umugapita wese+, bose hamwe.  Emwe, bazomera nk’abagabo b’abanyenkomezi+ bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba+. Bazoja mu rugamba ata kabuza, kuko Yehova ari kumwe na bo+; kandi abagendera ku mafarasi ntibazobura kumaramara+.  Nzotuma inzu ya Yuda itsinda, kandi inzu ya Yozefu nzoyikiza+. Nzobaha aho kuba, kuko nzobagirira imbabazi+; bazomera nk’abo ntari narashibuye+; kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura+.  Kandi abo muri Efurayimu bazoba nk’umugabo w’umunyenkomezi+, umutima wabo unezerwe koko nk’uwunezerejwe n’umuvinyu+. Abana babo bazobibona banezerwe koko+; umutima wabo uzonezererwa Yehova+.  “‘Nzobahamagaza agahwa+ ndabakoranirize hamwe; kuko nzobacungura ata kabuza+, kandi bazogwira, nk’abari baragwiriye+.  Nzobasanzaza nk’imbuto mu bisata vy’abantu+, kandi bazonyibuka bari mu turere twa kure+; emwe, bazogarura agatege hamwe n’abana babo, kandi bazogaruka+. 10  Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri+; kandi nzobakoraniriza hamwe ndabakuye muri Ashuri+; nzobajana mu gihugu ca Gileyadi+ no muri Libani, kandi ntibazoronka aho bakwirwa+. 11  Azoca mu kiyaga kigire amarushwa+; azokubita vy’ukuri imipfunda mu kiyaga+, kandi ibwina ha Nili hose hazokama+. Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi+, kandi agakoni k’ubutware+ ka Misiri kazovaho+. 12  Jewe Yehova nzotuma batsinda+, kandi bazogendera mw’izina ryanje+,’ ni ko Yehova avuze.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.