Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zekariya 1:1-21

1  Mu kwezi kugira umunani, mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo+, ijambo rya Yehova riza kuri Zekariya+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido+, umuhanuzi, riti:  “Yehova yararakiye cane ba so+.  “Uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo* avuze: “‘Nimungarukeko+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘nanje nzobagarukako+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”’  “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’ “‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.  “‘None ba so bari hehe+? Abahanuzi bo+, mbega babandanije kubaho gushika igihe kitagira urugero?  Ariko amajambo yanje n’ingingo nyobozi zanje nategetse abasavyi banje, abahanuzi+, mbega ntivyahambije ba so+?’ Baragarutse rero, bavuga bati: ‘Nk’uko Yehova nyen’ingabo yari yariyumviriye kutugirira+, nk’uko inzira zacu n’ibikorwa vyacu vyari, ni ko yatugiriye+.’”  Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira cumi na rimwe, ari kwo kwezi kwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo+, ijambo rya Yehova riza kuri Zekariya+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido+, umuhanuzi, riti:  “Mw’ijoro nagize ntya, mbona umugabo+ ari kw’ifarasi itukura+, akaba yari ahagaze mu biti vy’imihadasi+ vyari ahantu hacokeye; inyuma yiwe hari amafarasi atukura, ayasa n’umuriro, be n’ayera+.”  Nuko mvuga nti: “Abo ni bande ga mukama+?” Umumarayika yariko avugana nanje aca ambwira+ ati: “Ndakwereka abo ari bo.” 10  Maze nya mugabo yari ahagaze mu biti vy’imihadasi yishura ati: “Abo ni abo Yehova yatumye kugendagenda mw’isi+.” 11  Nuko bishura nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze mu biti vy’imihadasi bati: “Twagendagenze mw’isi+ dusanga isi yose iratekanye kandi ata kiyihungabanya+.” 12  Nya mumarayika wa Yehova yishura rero ati: “Ewe Yehova nyen’ingabo, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yeruzalemu n’ibisagara vya Yuda+, ivyo warakiye iyi myaka mirongo irindwi+?” 13  Nuko Yehova yishura nya mumarayika yariko avugana nanje, amwishura amajambo meza, amajambo ahumuriza+; 14  nya mumarayika yariko avugana nanje yongera kumbwira ati: “Semerera uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Nagiriye Yeruzalemu na Siyoni ishari ryinshi+. 15  Mfitiye uburakari bwinshi amahanga yitekaniye+; kuko jewe narakaye buhoro+, yamara bo bagatuma ivyago vyunyuka+.”’ 16  “Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘“Nzogaruka kuri Yeruzalemu mfise imbabazi+. Inzu yanje izokwubakwa muri we+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi ikamba yo gupimisha izoramvurwa kuri Yeruzalemu+.”’ 17  “Subira usemerere uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ibisagara vyanje bizokwongera gusesekara ivyiza+; kandi Yehova azokwongera koko kwicuza ku bijanye na Siyoni+, yongere vy’ukuri gutoranya Yeruzalemu+.”’” 18  Nuko ndaramuye amaso, mbona amahembe ane+. 19  Mbwira rero umumarayika yariko avugana nanje nti: “Ivyo ni ibiki?” Na we ambwira ati: “Ayo ni yo mahembe yashwiragije Yuda+, Isirayeli+ na Yeruzalemu+.” 20  Vyongeye, Yehova anyereka abahinguzi b’utugenegene bane. 21  Nca mvuga nti: “Abo baje gukora iki?” Yongera kuvuga ati: “Ayo ni yo mahembe+ yashwiragije Yuda ku buryo ata n’umwe yongeye kuvyura umutwe; barya rero bazoza kuyajugumiza, gutsinda hasi amahembe y’amahanga adugiriza ihembe igihugu ca Yuda kugira agishwiragize+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.