Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zefaniya 2:1-15

2  Nimukoranire hamwe, egome, nimukorane+, yewe hanga riticwa n’ibimaramare+!  Imbere y’uko icagezwe kigira ico kivyara+, imbere y’uko wa musi uhita nk’umuguruka, imbere y’uko ishavu rirurumba rya Yehova ribazako+, imbere y’uko wa musi w’ishavu rya Yehova ubazako+,  nimurondere Yehova+, yemwe abatekereza bo kw’isi mwese+, abashize mu ngiro ingingo yiwe y’ubutungane*. Nimurondere ubugororotsi+, nimurondere ubutekereji+. Hari aho+ mwohishwa kuri wa musi w’ishavu rya Yehova+.  Kuko Gaza izocika igisagara cahebwe+; Ashikeloni na yo izoba igiharabuga+. Ashidodi+ izokwirukanwa ku mutaga w’amaminangohe+; nayo Ekuroni, izorandurwa+.  “Baragowe ababa mu karere k’ikiyaga, ihanga ry’Abakereti+! Ijambo rya Yehova ni mwebwe rirwanya. Ewe Kanani, wewe gihugu c’Abafilisitiya, na wewe nzokurandura ntihagire uwukubamwo+.  Kandi akarere k’ikiyaga kazocika koko amatongo y’uburagiriro+, afise amariba y’abungere be n’ingo zubakishijwe amabuye zigenewe intama.  Emwe, kazocika akarere k’abasigaye b’inzu ya Yuda+. Ni ho bazorisha. Ku mugoroba bazokwigaramangira mu mazu ya Ashikeloni. Kuko Yehova Imana yabo azobitaho+, akagarukana koko abagizwe imbohe bo muri bo+.”  “Narumvise agacokoro ka Mowabu+ be n’amajambo y’ibitutsi ya bene Amoni+, ivyo batutse abantu banje, bakaguma bihambaza barwanya akarere kabo.  Ku bw’ivyo rero, ndahiye ukubaho kwanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo* avuze, ya Mana ya Isirayeli, “Mowabu izocika nka Sodomu+, bene Amoni+ na bo bacike nka Gomora, ahiganziwe n’ibisuru, habe icobo c’umunyu n’igiharabuga, emwe, gushika igihe kitagira urugero*+. Bazosahurwa n’abasigaye bo mu bantu banje, kandi amasigarira y’ihanga ryanje azobigarurira+. 10  Ivyo ni vyo bazoronka mu kibanza c’ubwishime bwabo+, kuko batutse abantu ba Yehova nyen’ingabo, bakaguma babihambazako+. 11  Yehova azoba uwuteye ubwoba kuri bo+; kuko azonambisha imana zose zo kw’isi+, kandi abantu bazomwunamira+, umwe wese aho ari, amazinga yose y’amahanga+. 12  “Na mwebwe Banyetiyopiya ni kwo kw’ukwo+, muzoba abagandaguwe n’inkota yanje+. 13  “Azoramvura  ukuboko kwiwe akwerekeze mu buraruko, arandure Ashuri+. Kandi Ninewe azoyigira igiharabuga+, akarere kagadutse nk’agahinga. 14  Amasho azokwigaramangira hagati muri Ninewe, n’ibikoko vyose vyo mw’ihanga+. Ikinyoni ntamayuruzi be n’ikinyogoto+ bizokwirarira hagati y’imitwe y’inkingi zaho+. Hazoguma humvikana ijwi riririmbira mw’idirisha. Hazoba agatikizo ku rwinjiriro, kuko imbaho zo ku mpome atazobura kuzisiga amenya+. 15  Ico ni ca gisagara c’akanyamuneza ntangere, cahora ciyicariye mu mutekano+, kimwe cahora kivuga mu mutima waco ngo: ‘Ni jewe, nta wundi ariho+.’ Ewe kuntu gicitse akajoreza, aho ibikoko vyo mw’ishamba vyigaramangira! Uwuzoca iruhande yaco wese azovuza agahwa, azunze ukuboko+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.