Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zefaniya 1:1-18

1  Ng’iri ijambo rya Yehova ryaje kuri Zefaniya mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, mu misi ya Yosiya+ mwene Amoni+ umwami wa Yuda:  “Nzoherengeteza ata kabuza ikintu cose ku buringanire bw’ubutaka,” ni ko Yehova avuze+.  “Nzoherengeteza umuntu yakuwe mw’ivu be n’igikoko+. Nzoherengeteza ikiremwa kiguruka co mu kirere n’amafi yo mu kiyaga+, n’ibitsitaza hamwe n’ababisha+; kandi nzorandura abantu ku buringanire bw’ubutaka+,” ni ko Yehova avuze.  “Nzoramvura ukuboko kwanje nkubite Yuda be n’ababa i Yeruzalemu bose+, kandi aha hantu nzoharandura abasigaye ba Bayali+, izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga be n’abaherezi+,  be n’abunamira ingabo zo mu majuru bibereye ku bisenge+, n’abunama+ bakarahira indahiro Yehova+ bakongera bakarahira indahiro bazirahira Malikamu+,  be n’abasubira inyuma bakareka gukurikira Yehova+, bakaba kandi batarondeye Yehova canke ngo bamusiguze+.”  Ceceka imbere y’Umukama Segaba Yehova+; kuko umusi wa Yehova uri hafi+, kuko Yehova yateguye ikimazi+; yejeje+ abatumire biwe.  “Uku ni ko bizoba ku musi w’ikimazi ca Yehova: nzokwitaho ivy’abaganwa, n’ivy’abana b’umwami+, n’ivy’abo bose bambara ivyambarwa binyamahanga+.  Kandi kuri uwo musi nzokwitaho ivy’umuntu wese yurira ku mukiruruko, abuzuza inzu ya ba shebuja ubukazi n’ubuhendanyi+. 10  Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “hazokwumvikana induru ivuye kw’Irembo ry’Amafi+, n’umuborogo uvuye mu gice ca kabiri c’igisagara+, n’urwamo rw’ugusenyuka gukomeye ruvuye mu mirambi+. 11  Nimuboroge+, yemwe ababa i Makiteshi, kuko abantu bose b’abacuruza banumijwe+; abapima ifeza bose baranduwe. 12  “Kandi uku ni ko bizoba ico gihe: nzoseranguza i Yeruzalemu amatara+, niteho ivy’abantu biyegeraniriza ku rutere+, bakavuga mu mutima wabo ngo: ‘Yehova nta ciza azokora, kandi nta kibi azokora+.’ 13  Kandi ubutunzi bwabo buzoba ubwo gusahurwa n’inzu zabo zibe izo kugirwa igiharabuga+. Bazokwubaka amazu, ariko ntibazoyabamwo+; bazotera imirima y’imizabibu, ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+. 14  “Umusi uhambaye+ wa Yehova uri hafi. Uri hafi+, kandi urihuta cane+. Umuhindo w’umusi wa Yehova urarura+. Umunyenkomezi araboroga+. 15  Uwo musi ni umusi w’uburake, umusi w’amarushwa n’umubabaro mwinshi+, umusi w’ikirura n’imisaka, umusi w’umwiza n’umuzimagiza+, umusi w’ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya, 16  umusi w’inzamba n’ikimenyetso c’ukugabisha+, ukaba uzozira ibisagara bikingijwe ibihome be n’iminara miremire yo ku mfuruka+. 17  Kandi nzoteza abantu amarushwa, bagende koko nk’impumyi+; kuko Yehova ari we bacumuyeko+. Amaraso yabo azoseswa vy’ukuri nk’umukungugu+, amara yabo na yo nk’amayezi+. 18  Yaba ifeza yabo canke inzahabu yabo, ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bwa Yehova+; ariko isi yose izorigatwa n’umuriro w’umwete wiwe+, kuko azotikiza ababa kw’isi bose, emwe, bimwe biteye ubwoba+.”

Amakuru yiyongereye