Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 99:1-9

99  Yehova ubwiwe acitse umwami+. Ibisata vy’abantu nibihagarike umutima+.Yicaye ku bakerubi+. Isi nidegedwe+.   Yehova arahambaye i Siyoni+,Kandi arakirurutse hejuru y’ibisata vy’abantu vyose+.   Nibahaye izina ryawe+.Rirahambaye kandi riteye ubwoba, rikaba ari ryeranda+.   Mu nkomezi z’umwami, yakunze ubutungane+.Ni wewe washimangiye ukugororoka+.Uguca imanza be n’ubugororotsi muri Yakobo, ni vyo washikije+.   Nimushire hejuru Yehova Imana yacu+, mwuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+;Ni mweranda+.   Musa na Aroni bari mu baherezi biwe+,Samweli na we yari mu bambaza izina ryiwe+.Barahamagara Yehova, na we akabitaba+.   Yaguma avugana na bo mu nkingi y’igicu+.Baragumya ivyibutsa vyiwe n’ingingo nyobozi yabahaye+.   Ewe Yehova Mana yacu, wewe ubwawe warabitaba+.Kuri bo wabonetse ko uri Imana itanga ikigongwe+,Igashitsa uguhōra ku bw’ibikorwa vyabo vy’agaterasoni+.   Nimushire hejuru Yehova Imana yacu+,Mwuname ku musozi wayo mweranda+.Kuko Yehova Imana yacu ari mweranda+.

Amakuru yiyongereye