Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 98:1-9

Agahibongozo. 98  Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha+,Kuko ivyo yakoze ari agatangaza+.Ukuryo kwiwe, mbere ukuboko kwiwe kweranda, kwamuronkeje ubukiriro+.   Yehova yamenyesheje ubukiriro bwiwe+;Yahishuye ubugororotsi bwiwe mu maso y’amahanga+.   Yibutse ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe n’ubwizigirwa bwiwe ku bw’inzu ya Isirayeli+.Impera zose z’isi zibonye ubukiriro Imana yacu itanga+.   Nimwihe akaruru k’intsinzi mukerekeza kuri Yehova, yemwe abo kw’isi mwese+!Nimugire akamwemwe, mwihe akamo k’umunezero, muhibongoze+.   Nimuhibongoreze Yehova mukoresheje inanga+,Mukoresheje inanga be n’ijwi ry’agahibongozo+.   Mukoresheje inzumbete be n’ijwi ry’inzamba+,Mwihe akaruru k’intsinzi imbere y’Umwami, Yehova.   Ikiyaga nigituragare be n’ibicuzuye+,Ubutaka bwimbuka n’ababubako+.   Inzuzi nizikome amashi;Imisozi, yose hamwe, niyihe akamo k’umunezero+   Imbere ya Yehova, kuko aje gucira imanza isi+.Azocira imanza ubutaka bwimbuka akoresheje ubugororotsi+,N’ibisata vy’abantu, akoresheje ukugororoka+.

Amakuru yiyongereye