Zaburi 95:1-11
95 Yoo! nimuze twihe akamo k’umunezero tukerekeza kuri Yehova+!Twihe akaruru k’intsinzi tukerekeza ku Gitandara cacu c’ubukiriro+.
2 Tuze imbere yiwe turi n’ugukenguruka+;Twihe akaruru k’intsinzi tukerekeza kuri we, hariko n’uduhibongozo+.
3 Kuko Yehova ari Imana ihambaye+Akaba n’Umwami ahambaye hejuru y’izindi mana zose+.
4 Ibwina kure h’isi hari mu kuboko kwiwe+,N’amasonga y’imisozi ni rwiwe+;
5 Ikiyaga ubwiwe yakoze ni rwiwe+,Kandi amaboko yiwe ni yo yabumvye isi yumutse+.
6 Yoo! nimuze dusenge, twuname+;Dupfukame+ imbere ya Yehova Umuhinguzi wacu+.
7 Kuko ari Imana yacu, natwe tukaba abantu bo mu buragiriro bwayo n’intama zo mu kuboko kwayo+.Uno musi nimwumviriza ijwi ryiwe+,
8 Ntimukomantaze umutima wanyu nk’i Meriba+,Nko kuri wa musi wa Masa mu gahinga+,
9 Hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza+;Baransuzumye, barabona n’igikorwa canje+.
10 Mu kiringo c’imyaka mirongo ine, nagumye numva nshishwe n’iryo yaruka+,Ndaheza mvuga nti:“Ni abantu b’umutima wigira ibiro biteze+,Kandi bo ubwabo ntibamenye inzira zanje+”;
11 Ni bo narahiye mw’ishavu ryanje+ nti:“Ntibazokwinjira ahantu hanje h’ukuruhukira+.”