Zaburi 94:1-23

94  Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+!   Haguruka, ewe Mucamanza w’isi+!Subiriza mu nkoko abibona+.   Ababisha bazogeza ryari ga Yehova+,Ababisha bazogeza ryari kwigina+?   Baguma badudubiza amajambo, baguma bavuga bashirukanya+;Abakora ibibabaza bose baguma biyemera+.   Abantu bawe, ewe Yehova, baguma babajanjagura+,Intoranwa yawe bakaguma bayiteza amarushwa+.   Umupfakazi na kavamahanga barica+,Impfuvyi* bagacisha ku buhomba+.   Baguma bavuga ngo: “Ya* ntabibona+;Imana ya Yakobo ntitahura+.”   Nimutahure, mwa mburabwenge bo mu bantu+;Nayo mwebwe ibijuju, muzogira ugutahura kwimbitse ryari+?   Mbega Umwe abadika ugutwi, ntashobora kwumva+?Canke Umwe abumba ijisho, ntashobora kwitegereza+? 10  Umwe akosora amahanga, ntashobora gukangira+,Mbere Umwe yigisha abantu ubumenyi+? 11  Yehova arazi ivyiyumviro vy’abantu, ko ari nk’impemu zisohotse+. 12  Hahiriwe umuntu w’umugabo ukosora, ewe Ya+,Uwo wigisha ivyo mw’itegeko ryawe+, 13  Kugira ngo umuhe impore mu misi y’ivyago+,Gushika umubisha yimbiwe icobo+. 14  Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,Eka ntazota intoranwa yiwe+. 15  Kuko ingingo y’ubutungane izosubira ku bugororotsi+,Kandi ab’umutima ugororotse bose bazoyisunga. 16  Ni nde azohagurukira inkozi z’ikibi ngo abandwanirize+?Ni nde azohagarara ngo andwanirize abakora ibibabaza+? 17  Iyo Yehova atamfasha+,Mu kanya isase ubuzima bwanje bwari guca buja kuba mu gacerere+. 18  Igihe navuga nti: “Ikirenge canje ntikizobura kugenda kidandabagirana+,”Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwagumye bunshigikiye+. 19  Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe+,Ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje+. 20  Mbega intebe y’ubwami iteza amarushwa izokwunga urunani nawe+Mu gihe itegura ivyago ikoresheje ingingo zishinzwe+? 21  Bagaba ibitero bikaze ku buzima bw’umugororotsi+,Amaraso y’intungane bakayita amabisha+. 22  Mugabo Yehova azocika ahantu hakirurutse hanje hatagira inkomanzi+,Imana yanje icike igitandara c’ubuhungiro bwanje+. 23  Kandi izobasubizako ibibabaza vyabo+,Ibanumye ikoresheje ivyago ubwabo bategura+.Yehova Imana yacu azobanumya+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”
“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”