Zaburi 94:1-23
94 Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+!
2 Haguruka, ewe Mucamanza w’isi+!Subiriza mu nkoko abibona+.
3 Ababisha bazogeza ryari ga Yehova+,Ababisha bazogeza ryari kwigina+?
4 Baguma badudubiza amajambo, baguma bavuga bashirukanya+;Abakora ibibabaza bose baguma biyemera+.
5 Abantu bawe, ewe Yehova, baguma babajanjagura+,Intoranwa yawe bakaguma bayiteza amarushwa+.
6 Umupfakazi na kavamahanga barica+,Impfuvyi* bagacisha ku buhomba+.
7 Baguma bavuga ngo: “Ya* ntabibona+;Imana ya Yakobo ntitahura+.”
8 Nimutahure, mwa mburabwenge bo mu bantu+;Nayo mwebwe ibijuju, muzogira ugutahura kwimbitse ryari+?
9 Mbega Umwe abadika ugutwi, ntashobora kwumva+?Canke Umwe abumba ijisho, ntashobora kwitegereza+?
10 Umwe akosora amahanga, ntashobora gukangira+,Mbere Umwe yigisha abantu ubumenyi+?
11 Yehova arazi ivyiyumviro vy’abantu, ko ari nk’impemu zisohotse+.
12 Hahiriwe umuntu w’umugabo ukosora, ewe Ya+,Uwo wigisha ivyo mw’itegeko ryawe+,
13 Kugira ngo umuhe impore mu misi y’ivyago+,Gushika umubisha yimbiwe icobo+.
14 Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,Eka ntazota intoranwa yiwe+.
15 Kuko ingingo y’ubutungane izosubira ku bugororotsi+,Kandi ab’umutima ugororotse bose bazoyisunga.
16 Ni nde azohagurukira inkozi z’ikibi ngo abandwanirize+?Ni nde azohagarara ngo andwanirize abakora ibibabaza+?
17 Iyo Yehova atamfasha+,Mu kanya isase ubuzima bwanje bwari guca buja kuba mu gacerere+.
18 Igihe navuga nti: “Ikirenge canje ntikizobura kugenda kidandabagirana+,”Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwagumye bunshigikiye+.
19 Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe+,Ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje+.
20 Mbega intebe y’ubwami iteza amarushwa izokwunga urunani nawe+Mu gihe itegura ivyago ikoresheje ingingo zishinzwe+?
21 Bagaba ibitero bikaze ku buzima bw’umugororotsi+,Amaraso y’intungane bakayita amabisha+.
22 Mugabo Yehova azocika ahantu hakirurutse hanje hatagira inkomanzi+,Imana yanje icike igitandara c’ubuhungiro bwanje+.
23 Kandi izobasubizako ibibabaza vyabo+,Ibanumye ikoresheje ivyago ubwabo bategura+.Yehova Imana yacu azobanumya+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”
^ “Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”