Zaburi 93:1-5

93  Yehova ubwiwe acitse umwami+!Yambaye ubukuru+;Yehova arambaye, emwe, akenyeye inkomezi+.Ubutaka bwimbuka na bwo burashimangiwe ku buryo budashobora kunyiganyizwa+.   Intebe yawe y’ubwami ishimangiye kuva kera na rindi+;Uri uwo kuva igihe kitagira urugero+.   Inzuzi zadugije, ewe Yehova,Inzuzi zadugije ijwi ryazo+;Inzuzi ziguma ziduza umubomborano wazo+.   Yehova ni agakomeye+ iyo hejuruKuruta amajwi y’amazi menshi, imipfunda isuriranya y’ikiyaga y’agakomeye+.   Ivyibutsa vyawe vyabonetse ko ari ivyo kwizigirwa cane+.Ubweranda burabereye ku nzu yawe+, ewe Yehova, imisi itagira iherezo+.

Utujambo tw'epfo